Publicidade

Marcos 2

Yesu akiza umuntu akongataye

1 Haciye imisi, Yesu asubira i Kaperinawumu, maze inkuru iramenyekana ko yagarutse i muhira. 2 Abantu benshi bakoranira aho hantu haruzura ku buryo n’imbere y’umuryango ata kibanza cari kihasigaye. 3 Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye. 4 Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Baca basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko. 5 Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo muntu amugaye ati: "Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe."

6 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari ngaho batangura kwibaza mu mitima yabo bati: 7 "Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?"

8 Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: "Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? 9 Mbega icoroshe ni uko nobwira uwu muntu amugaye nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’? 10 Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Nuko aca abwira uwo muntu ati: 11 "Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire." 12 Wa muntu aca arahaguruka, aterura inderuzo yiwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: "Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!"

Yesu ahamagara Lewi

13 Yesu yongera kuja ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya. Nuko abantu benshi baza aho ari na we atangura kubigisha. 14 Ariko ararengana, abona Lewi mwene Alufayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: "Nkurikira!" Lewi aca ava hasi, aramukurikira.

15 Maze Yesu acicaye mu nzu kwa Lewi ngo bamuzimane, haza abatozakori n’abanyavyaha benshi basangira na Yesu n’abigishwa biwe; kuko mu bakurikira Yesu harimwo benshi bameze nk’abo. 16 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe b’Abafarisayo babonye Yesu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha, babaza abigishwa biwe bati: "Ni kuki asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?"

17 Yesu avyumvise, abishura ati: "Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abanyavyaha."

Babaza Yesu ivyerekeye kwisonzesha

18 Ikindi gihe, abigishwa ba Yohana n’Abafarisayo bari bisonzesheje. Maze abantu baza aho Yesu ari baramubaza bati: "Ni kuki abigishwa ba Yohana Umubatizi n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?"

19 Yesu arabishura ati: "Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka! 20 Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe bazoheza bisonzeshe.

21 Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose. 22 Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urusato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma wa muntu akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha."

Umwami w’Isabato

23 Umusi umwe, ku musi w’Isabato, Yesu yariko aca mu mirima y’ingano ari kumwe n’abigishwa biwe. Bariko bararengana, abigishwa biwe bagenda baraca imitwe y’ingano zeze. 24 Abafarisayo baramubaza bati: "Ni kuki abigishwa bawe bakora ikizira ku musi w’Isabato?"

25 Yesu arabishura ati: "Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje, ata co kurya bafise? 26 Yinjiye mu nzu y’Imana, mu gihe c’umuherezi mukuru Abiyatari, arya imikate yashikaniwe Imana; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya; yongera ahako n’abari kumwe na we."

27 Yesu aca arababwira ati: "Isabato yashizweho ku neza y’umuntu, umuntu ntiyaremewe kuganzwa na yo, 28 ni co gituma Umwana w’Umuntu ari na we Mwami w’Isabato."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-