Publicidade

Marcos 10

Ukwahukana

1 Nuko Yesu ava i Kaperinawumu aja mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. Na ho nyene abantu benshi baragenda aho ari, aca arabigisha nk’uko yamenyereye.

2 Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: "Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?"

3 Arabishura ati: "Mbega ivyagezwe vya Mose bitegeka iki?"

4 Baramwishura bati: "Mose yaremeye ko umuntu ashobora guha umugore wiwe urwandiko rwemeza ko bahukanye hanyuma akamwirukana."

5 Yesu arabishura ati: "Yanditse ico cagezwe kuko imitima yanyu ikomantaye. 6 Ariko Imana yaremye ‘umugabo n’umugore kuva mu ntango y’irema.’ 7 ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe, 8 maze bakaba umubiri umwe’; kuko baba batakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. 9 None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."

10 Bashitse mu nzu, abigishwa basubira kubaza Yesu ku bijanye n’ukwahukana. 11 Arabishura ati: "Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba asambanye, kandi aba acumuye kuri uwo wa mbere. 12 Kandi iyo umugore yahukanye n’umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, na we nyene aba asambanye."

Yesu ahezagira abana bato

13 Umusi umwe, abavyeyi bazanye abana babo aho Yesu ari kugira ngo abarambikeko ibiganza. Ariko abigishwa barabakankamira. 14 Yesu abibonye, arababara. Abwira abigishwa biwe ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo. 15 Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo." 16 Nuko aterura ba bana, abarambikako ibiganza, arabahezagira.

Umutunzi n’Ubwami bw’Imana

17 Yesu afashe urugendo rwiwe aja i Yerusalemu, haza umuntu yiruka aja iyo ari, apfukama imbere yiwe, aramubaza ati: "Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?"

18 Yesu aramwishura ati: "Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ahari, kiretse Imana yonyene. 19 Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, ntukibe, wubahe so na nyoko.’"

20 Wa muntu yishura ati: "Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto."

21 Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: "Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire."

22 Wa muntu avyumvise aca arijirirwa, agenda ababaye kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.

23 Yesu arahindukira abwira abigishwa biwe ati: "Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana!"

24 Abigishwa batangazwa n’ayo majambo. Yesu arongera arababwira ati: "Bana nkunda, biragoye cane kwinjira mu Bwami bw’Imana! 25 Vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana."

26 Ivyo vyarushirije gutangaza abigishwa, maze baravugana bati: "None ni nde ashobora gukizwa?"

27 Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu, ntibishoboka; ariko ku Mana, vyose birashoboka."

28 Maze Petero aramubwira ati: "Twebwe twasize vyose turagukurikira!"

29 Yesu na we arabishura ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe yasize inzu, abavukanyi, se canke nyina, abana canke amatongo yiwe kubera Ubutumwa Bwiza, 30 atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira. 31 Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo bazoba ab’imbere."

Yesu avuga ubugira gatatu ivyerekeye urupfu rwiwe

32 Bari mu nzira baduga i Yerusalemu, Yesu agendera imbere y’abigishwa biwe kandi bari bahagaritse imitima, ndetse n’abagendana na bo bari bafise ubwoba. Nuko Yesu yihereranya bamwe cumi na babiri, yongera kubabwira ibigiye kumubako. 33 Arababwira ati: "Ehe turaduze i Yerusalemu, aho Umwana w’Umuntu azotangwa agahabwa abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa hanyuma bamushikirize abanyamahanga, 34 na bo bazomucokora, bamucireko amate, bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko inyuma y’imisi itatu azozuka."

Ico Yakobo na Yohana basavye

35 Yakobo na Yohana, bene Zebedayo, baza aho Yesu ari. Bamubwira bati: "Mwigisha, turakwinginze udukorere ico tugusaba."

36 Arababaza ati: "Mushaka ko ndabakorera iki?"

37 Baramwishura bati: "Niwicara ku ntebe yawe y’ubwami mu bwiza bwawe, uze utwicarike, umwe i buryo bwawe, uwundi i bubamfu bwawe."

38 Yesu arabishura ati: "Ntimuzi ico muriko murasaba! Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ngiye kunywako canke kubatizwa umubatizo ngiye kubatizwa?"

39 Baramwishura bati: "Egome twobishobora."

Yesu arababwira ati: "Ni ivy’ukuri muzonywa ku gikombe ngiye kunywerako kandi muzobatizwa umubatizo ngiye kubatizwa, 40 ariko ibijanye no kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’ababiteguriwe."

41 Bamwe cumi bandi bavyumvise bashavurira Yakobo na Yohana. 42 Yesu aca arabahamagara bose ababwira ati: "Murazi ko abatware b’amahanga batwaza umukazo abantu babo, kandi ko babaganza babacinyiza. 43 Uko si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Uwushaka kuba mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umukozi wanyu, 44 kandi uwushaka kuba uwa mbere akwiye kuba umugurano wa bose. 45 Kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanywe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi."

Yesu ahumura Barutimayo

46 Nuko Yesu n’abigishwa biwe bashika i Yeriko, hanyuma bava muri ico gisagara bari kumwe n’isinzi ry’abantu. I ruhande y’inzira hari impumyi yitwa Barutimayo, mwene Timayo, yari yicaye asegerereza. 47 Yumvise ko ari Yesu w’i Nazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: "Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"

48 Abantu benshi baramuzibiza bati: "Hora!" Ariko arushiriza gusemerera ati: "Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"

49 Yesu aca arahagarara, avuga ati: "Nimumumpamagarire."

Nuko baramuhamagara bati: "Humura! Haguruka, araguhamagaye!" 50 Uwo ahumye aca ata impuzu ziwe, arabaduka aja aho Yesu ari.

51 Yesu aramubaza ati: "Ushaka ko ngukorera iki?"

Na we ati: "Mwigisha, ndashaka guhumuka."

52 Yesu aca avuga ati: "Igire, ukwizera kwawe kuragukijije." Ubwo nyene aca arahumuka, akurikira Yesu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-