1 Muri iyo misi, abantu benshi bongera gukorana, kandi nta vyokurya bari bagisigaranye. Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: 2 "Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya bafise. 3 Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira, kuko bamwe muri bo bavuye kure."
4 Abigishwa baramwishura bati: "None twokura hehe ivyokurya vyokwira aba bantu muri ubu bugaragwa?"
5 Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe?"
Baramwishura bati: "Indwi."
6 Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Afata ya mikate, ayishimira Imana, arayimanyagura, ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko nyene. 7 Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu. 8 Ba bantu bararya barahaga. Abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. 9 Abari aho bashika ibihumbi bine. Bahejeje kurya, Yesu aca arabarungika barataha. 10 Ubwo nyene aca aja mu bwato n’abigishwa biwe baja mu karere k’i Dalamanuta.
11 Abafarisayo bumvise ko Yesu yashitse, baraza batangura kumuhaririza. Mu ntumbero yo kumugeza, bamusaba ngo akore ikimenyetso kivuye mw’ijuru. 12 Maze Yesu ariruhutsa cane, hanyuma ababwira ati: "Mbega ni kuki abantu ba kino gihe basaba ikimenyetso? Ndababwire ukuri, nta kimenyetso nk’ico nzoha abo muri runo runganwe." 13 Nuko aca abasiga ngaho, atambukira mu bwato aja ku rundi ruhande rw’ikiyaga.
14 Abigishwa bari bibagiye kuzana ivyokurya. Bari bafise umukate umwe gusa mu bwato. 15 Bariko barajabuka arabagabisha ati: "Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode."
16 Abigishwa baca baravugana bati: "Ivyo abivuze kuko tutagira imikate."
17 Yesu yari azi ivyo bariko baravugana, ni ko kubabwira ati: "Ni kuki muvugana ku vyo kutagira imikate? N’ubu ntimurabona canke ngo mutahure? Imitima yanyu irakomantaye ku buryo idashobora gutahura? 18 Ko mufise amaso, ni kuki mutabona? Ko mufise amatwi, ni kuki mutumva? Nta kintu na kimwe mwibuka? 19 Hamwe namanyagura ya mikate itanu nkagaburira abantu ibihumbi bitanu, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?"
Baramwishura bati: "Cumi na bibiri."
20 Yesu arabandanya ati: "Hamwe namanyagura ya mikate indwi nkagaburira abantu ibihumbi bine, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?"
Baramwishura bati: "Indwi."
21 Maze arababaza ati: "N’ubu ntimuratahura?"
22 Bashitse i Betesayida, bamuzanira impumyi baramwinginga ngo amukoreko, amukize. 23 Nuko afata ukuboko kw’uwo ahumye amujana inyuma y’imihana. Ahejeje gucira amate ku maso y’uwo ahumye, amurambikako ibiganza, aramubaza ati: "Hari ikintu ubona?"
24 Wa muntu areraguza, maze avuga ati: "Egome, ndabona abantu, ariko bameze nk’ibiti bigendagenda."
25 Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso y’uwo muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza. 26 Maze, Yesu aca aramurungika muhira, amubwira ati: "Ntuce mu mihana."
27 Hanyuma y’ivyo, Yesu n’abigishwa biwe bava i Galilaya baja mu mihana yegereye i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo. Bakigenda arababaza ati: "Mbega abantu bavuga ko ndi nde?"
28 Baramwishura bati: "Bamwe bavuga ko uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya; abandi na bo ngo uri umwe mu bavugishwa n’Imana."
29 Arababaza ati: "None mweho muvuga ko ndi nde?"
Petero arishura ati: "Uri Kristo."
30 Yesu aca arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyiwe.
31 Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abaherezi bakurubakuru, n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu. 32 Ivyo yabivuga mu majambo atomoye. Hanyuma Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ku vyo yari avuze.
33 Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: "Herera inyuma yanje Satani! Ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ni ivy’abantu."
34 Nuko Yesu ahamagara abantu benshi bari ngaho hamwe n’abigishwa, ababwira ati: "Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe akankurikira. 35 Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza. 36 Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? 37 Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe? 38 Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera."