1 Hakiri kare mu gatondo, abaherezi bakurubakuru hamwe n’abatware, n’abigisha b’ivyagezwe, ari bo bari bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda barakorana, bagira inama. Nuko baboha Yesu, bamujana kwa Pilato.
2 Pilato aramubaza ati: "Woba uri umwami w’Abayuda?"
Yesu aramwishura ati: "Uvuze ukuri, ndi we."
3 Maze abaherezi bakurubakuru bamurega ibirego vyinshi. 4 Pilato aramubaza ati: "Mbega nta co wishura? Mbega ntiwumva ivyo bakurega?"
5 Ariko Yesu ntiyagira ico yishura, bituma Pilato atangara.
6 Igihe cose mu misi mikuru ya Pasika, hari umugenzo wo kurekura imbohe abantu bisabiye. 7 Hariho umugabo yitwa Baraba yari mw’ibohero kuko we na bagenziwe bagirizwa ubwicanyi mu migumuko. 8 Nuko abantu baraza basaba Pilato kubarekurira imbohe nk’uko yari asanzwe abikora.
9 Pilato arababaza ati: "Mushaka ko ndabarekurira Umwami w’Abayuda?" 10 Yari azi neza ko abaherezi bakurubakuru bamuzaniye Yesu kubera ishari. 11 Abaherezi bakurubakuru batangura kugumura abantu ngo basabe Pilato abarekurire Baraba mu kibanza ca Yesu.
12 Pilato arababaza ati: "None uwo mwita umwami w’Abayuda ndamugire nte?"
13 Barasemerera bati: "Nabambwe!"
14 Pilato arababaza ati: "Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?"
Ariko barushiriza gusemerera bati: "Nabambwe!"
15 Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.
16 Nuko abasoda bajana Yesu mu rugo rw’imbere; ni ukuvuga aho umutware w’Umuroma yakorera, bahamagara abandi basoda bagize umugwi wabo, 17 bamwambika ikanzu itukura, bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika mu mutwe. 18 Nuko batangura kumucokora bati: "Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!" 19 Baguma bamukubita irenga mu mutwe, bamucirako amate. Bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira ngo baramwubashe. 20 Bahejeje kumushinyagurira, bamwambura ya kanzu itukura basubira kumwambika impuzu ziwe, hanyuma bamujana kumubamba.
21 Bakiri mu nzira bagenda, bahura n’umugabo yitwa Simoni yari avuye mu mirima, bamutegeka gutwaza umusaraba Yesu. Simoni yava i Kurene kandi yari se wa Alegizandere na Rufu. 22 Nuko bashikana Yesu ahantu hitwa Gologota (bisigura "Ahantu h’Agahanga"). 23 Bagerageza kumuha umuvinyu w’inkarisha, ariko yanka kuwunywa. 24 Nuko baramubamba, bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo kugira ngo barabe iyo umwumwe wese yotwara.
25 Igihe bamubamba hari nk’isaha zitatu z’igitondo. 26 Icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo:
Umwami w’Abayuda.
27 Ba basoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu bwiwe. [ 28 Uko ni ko Ivyanditswe vyashitse kuko vyavuga ngo: "Yaharuwe mu gitigiri c’inkozi z’ikibi."] 29 Abarengana bagenda baramutuka bamuzunguriza imitwe, bakamubwira bati: "Wewe wavuze ngo wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu! 30 Ikize rero, wikure kuri uwo musaraba!" 31 N’abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe na bo bakamucokora, bavuga bati: "Yakijije abandi, ariko we ntashobora kwikiza! 32 Kristo, umwami w’Abisirayeli niyikure ku musaraba kugira ngo tubibone hanyuma tumwizere." Na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.
33 Kuva isaha zitandatu z’umurango, igihugu cose gitwikirwa n’umwijima gushika isaha icenda. 34 Isaha y’icenda ishitse, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Eloyi, Eloyi, lema sabakitani?" bisobanurwa ngo: "Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?"
35 Bamwe mu bari bahagaze aho baravuga bati: "Mwumvise? Ariko ahamagara Eliya!"
36 Umwe ariruka afata sipongo ayijobeka mu nkarisha, ayishira kw’irenga, aca arariduza ku munwa wa Yesu kugira ngo amunyweshe, aravuga ati: "Reka turabe ko Eliya aza kumumanura, amukure ku musaraba."
37 Nuko Yesu araboroga, aca aracikana.
38 Igitambara co mu rusengero gica gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. 39 Intwazangabo y’Umuroma yari ahagaze imbere ya Yesu, abonye ingene apfuye, aravuga ati: "Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!"
40 Ico gihe hariho abagore babirabira kure. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hamwe na Salome. 41 Abo bagore bagendana na Yesu igihe yari i Galilaya bakamushigikira. Hari n’abandi bagore benshi bari bazananye na we i Yerusalemu bari ngaho.
42 Uwo musi wari uwo kwitegurira Isabato, ni ukuvuga buca haba Isabato. Nuko hageze ku mugoroba, 43 Yosefu w’i Arimataya, arahaguruka n’ubutwari bwinshi, aja kwa Pilato amusaba ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwubahwa mu bagize inama nkuru y’ubwoko bw’Abayuda kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana. 44 Pilato aca aratangara yumvise ko Yesu yamaze gucikana. Nuko ahamagara ya ntwazangabo y’Umuroma amubaza ko Yesu yamaze gupfa. 45 Na we amubwira ko ari vyo. Pilato aca aha uruhusha Yosefu rwo gutora ikiziga ca Yesu. 46 Maze Yosefu aca agura igitambara cera, akura ikiziga ca Yesu ku musaraba, akizingira muri ico gitambara cera, agishira mu mva yimbwe mu gitandara; aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango wa ya mva arayugara. 47 Kandi ico gihe Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yose bariko bararaba aho bashize ikiziga ca Yesu.