1 Nuko Yesu ava ngaho aja i Nazareti, igisagara yakuriyemwo, ajanye n’abigishwa biwe. 2 Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane.
Barabazanya bati: "Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubwo bwenge n’ubwo bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he? 3 Mbega uwu si wa mubaji? Nyina si Mariya, abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Yuda na Simoni? Bashiki biwe si ababanyi bacu?" Maze ivyo birabatsitaza, bituma batamwizera.
4 Yesu arababwira ati: "Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe." 5 Nta gitangaza yahakoreye kiretse abantu bake yarambitseko ibiganza, akabasengera bagakira. 6 Maze atangazwa cane n’ukutizera kwabo.
Nuko Yesu agendagenda yigisha, ava mu mihana aja mu yindi. 7 Ahamagara bamwe cumi na babiri, abarungika ari babiribabiri, abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye.
8 Ababwira abihanikiriza ati: "Ntihagire ikintu na kimwe mujana ku rugendo kiretse inkoni yo kwishimikiza. Ntimujane ivyokurya, amasakoshi, canke amahera mu mifuko yanyu. 9 Mwambare ibirato kandi ntihagire impuzu zo gukuranya mutwara. 10 Inzu muzokwinjiramwo bakabakira, muze muyigumemwo kugeza muvuye aho hantu. 11 Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza."
12 Nuko baragenda bigisha abantu ivyo kwihana; 13 birukana abadayimoni benshi kandi basiga amavuta abagwaye benshi, barabasengera barakira.
14 Muri iyo misi, Umwami Herode Antipa yumva inkuru za Yesu kuko yari yamaze kumenyekana cane. Bamwe bavuga bati: "Yohana Umubatizi yazutse, ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza."
15 Abandi bavuga bati: "Ni Eliya."
Hakaba n’abandi bavuga bati: "Ni uwuvugishwa n’Imana, asa n’umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera."
16 Ariko Herode avyumvise aravuga ati: "Ko Yohana ari jewe namuciye umutwe, yoba yazutse!"
17 Herode Antipa ubwiwe ni we yari yatanze itegeko ryo gufata Yohana, kumuboha no kumuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya, uwo yari yararongoye kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana. 18 Kuko Yohana yama abwira Herode ati: "Ntivyemewe ko urongora umugore w’uwo muvukana." 19 Ivyo vyatumye Herodiya amwanka urwanko rubi, akipfuza kumwica. Ariko ntiyabishobora, 20 kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.
21 Maze igihe kimwe Herodiya aronka akaryo. Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umwami yateguye umusi mukuru atumira abategetsi bakurubakuru bo ku ngoma yiwe, intwazangabo hamwe n’abatware bo mu ntara ya Galilaya. 22 Maze umukobwa wa Herodiya araza aratamba, anezereza cane Herode n’abatumire biwe.
Umwami aca abwira uwo mukobwa ati: "Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha." 23 Ivyo yabimwemereye ashizeko n’indahiro ati: "Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba igice c’ubwami bwanje."
24 Wa mukobwa arasohoka abaza nyina ati: "Nsabe iki?"
Na we aramwishura ati: "Saba umutwe wa Yohana Umubatizi!"
25 Ubwo nyene wa mukobwa ariruka asubira aho umwami ari, aramubwira ati: "Nsavye ko umpa ubu nyene umutwe wa Yohana Umubatizi kw’isiniya!"
26 Maze umwami Herode arababara cane, ariko kubera indahiro yarahiye imbere y’abatumire, ntiyashobora kumwankira ico asavye. 27 Nuko aca arungika umusoda amutegeka kuzana umutwe wa Yohana. Wa musoda aja mw’ibohero, aca umutwe Yohana, 28 agaruka awuzanye kw’isiniya, awuha wa mukobwa na we awuha nyina. 29 Abigishwa ba Yohana bavyumvise baraza batora ikiziga ciwe baja kugihamba.
30 Intumwa zigarutse zikoranira aho Yesu ari, zimwiganira ivyo zakoze n’ivyo zigishije. 31 Kubera hari uruja n’uruza rw’abantu benshi ku buryo batashobora no kuronka akaryo ko gufungura, Yesu aca ababwira ati: "Nimuze tuje mu kibanza gitekanye, turuhuke."
32 Nuko bafata ubwato baja ahantu hiherereye. 33 Ariko benshi bababona bakiva aho hantu, barabamenya, baca bava mu bisagara vyose bariruka n’amaguru, babatangayo. 34 Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu benshi, bamutera akagongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Nuko atangura kubigisha vyinshi.
35 Bumaze kwira, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: "Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. 36 Rungika aba bantu baje mu misozi no mu mihana yo hafi kugira ngo bigurire ivyo barya."
37 Yesu arabishura ati: "Nimubagaburire mwebwe nyene."
Na bo baramubwira bati: "Mbega twokura hehe idenariyo amajana abiri zo kugura ivyokurya bikwiye aba bantu?"
38 Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe? Genda murabe."
Bagarutse bamubwira bati: "Dufise imikate itanu n’ifi zibiri."
39 Nuko abatuma kwicarika abantu mu migwi ahantu hari ubwatsi butotahaye. 40 Bicara mu migwi y’abantu ijanijana na mirongo itanu itanu. 41 Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bayigaburire abantu. Abagaburira na za fi bose uko bangana. 42 Nuko bose bararya kandi barahaga. 43 Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vy’ivyasigaye kuri ya mikate na za fi. 44 Abariye bari abagabo ibihumbi bitanu.
45 Hanyuma y’ivyo, Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka i Betesayida; na we asigare arasezera abantu. 46 Ahejeje kubasezera, aca aduga umusozi gusenga.
47 Bumaze kwira, bwa bwato bwari bugeze hagati mu kiyaga, Yesu we yari akiri ku musozi ari wenyene. 48 Akiri ngaho, abona ko abigishwa biwe bafise ingorane nyinshi mu gusoza kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Ijoro rigeze kure bugiye guca, aza aho bari, agendera ku mazi, asa n’uwugira abarengane. 49 Bamubonye agendera ku mazi, bagira ngo ni umuzimu, baca bakoma induru, 50 kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi.
Aca arababwira ati: "Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba." 51 Nuko atambukira mu bwato maze umuyaga uca urahagarara. Na bo baratangara cane, 52 kuko na ca gitangaza c’imikate batari bwagitahure, bitumwe n’uko imitima yabo yari ikomantajwe n’ukutizera.
53 Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti, bazirikira ubwato i musozi. 54 Bururutse ubwato, abantu barababona, bamenyamwo Yesu. 55 Baca bakwiragira muri ako karere kose bazana abantu bagwaye ku nderuzo, babajana aho bumvise ko Yesu ari hose. 56 Kandi aho yaja hose, haba mu mihana, mu bisagara canke mu misozi, abantu bazana abagwaye babo bakabashira ahabona, maze bakamwinginga ngo abareke bakore ku musozo w’impuzu yiwe, kandi abawukorako bose baca bakira.