Publicidade

Marcos 5

Yesu akiza umuntu arimwo impwemu mbi

1 Nuko bashika hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya, mu ntara ya Gerasene. 2 Yesu avuye mu bwato, umuntu arimwo impwemu mbi aza guhura na we avuye mu mva. 3 Uwo muntu yaba mw’itongo ry’abapfuye kandi nta muntu yashobora kumuboha, naho yokoresheje iminyororo. 4 Kuko kenshi bamubohesha iminyororo ku maboko n’ivyuma ku maguru, ariko iyo minyororo yarayicagagura, n’ivyo vyuma akabivunagura. Nta muntu n’umwe yashobora kumutururuza. 5 Uko bukeye, uko bwije, yagendagenda mu mva no ku misozi aboroga kandi yikomeretsa n’amabuye akarishe.

6 Uwo muntu abonye Yesu akiri kure, ariruka apfukama imbere yiwe. 7 Arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!" 8 Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuyibwira ati: "Wa mpwemu mbi we, muvemwo!"

9 Yesu arayibaza ati: "Witwa nde?"

Na yo iramwishura iti: "Nitwa Gitero, kuko turi benshi." 10 Nuko za mpwemu mbi zinginga Yesu zishimitse ngo ntazirukane muri iyo ntara.

11 Hafi y’aho, hari umukuku w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. 12 Abo badayimoni binginga Yesu bati: "Twemerere uturungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo." 13 Nuko Yesu arazemerera. Izo mpwemu mbi ziva muri wa muntu zinjira muri za ngurube. Izo ngurube zashika nk’ibihumbi bibiri. Nuko ziva kuri wa musozi ziruka zimanuka zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.

14 Abari baziragiye baca barahunga, baja kubivuga mu gisagara co hafi y’aho no mu misozi ihegereye. Nuko abantu barakorana baza kuraba ivyabaye. 15 Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni benshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba. 16 Ababonye uko vyagenze baca babiganira ivyabaye kuri wa muntu yari aboshwe n’abadayimoni no kuri za ngurube. 17 Maze abo bantu binginga Yesu ngo abavire mu ntara.

18 Yesu ariko arurira mu bwato, wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni aramwinginga ngo bajane. 19 Ariko Yesu ntiyamwemerera, ahubwo amubwira ati: "Subira i muhira mu muryango wawe, ubabwire ivyo Umwami Imana yagukoreye vyose, n’ingene yakugiriye imbabazi." 20 Wa muntu aca arataha ageze i Dekapolisi, atangura kuvuga ivyo Yesu yamukoreye. Abantu bose bavyumvise baratangara cane.

Yesu azura umwana, akiza n’umugore agwaye

21 Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari. 22 Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe, 23 aramutakambira ati: "Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima." 24 Nuko Yesu ajana na we.

Kandi hari abantu benshi bari bamukurikiye, bamubanda. 25 Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso. 26 Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba. 27 Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe, 28 kuko yibwira ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira." 29 Ubwo nyene kwa kuva amaraso kurahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.

30 Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: "Ni nde akoze ku mpuzu zanje?"

31 Abigishwa biwe baramwishura bati: "Abantu bariko barakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: ‘Ni nde ankozeko?’ "

32 Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko. 33 Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose. 34 Yesu aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe."

35 Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, bamubwira bati: "Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?"

36 Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, wizere gusa."

37 Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo. 38 Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bakoma induru n’ijwi rirenga. 39 Nuko arinjira, ababwira ati: "Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." 40 Ba bantu baramutwenga.

Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari. 41 Amufata ukuboko amubwira ati: "Talita kumi!" bisigura ngo: "Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!" 42 Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda; yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri. Babonye ibibaye, bose baratangara cane. 43 Maze Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-