Publicidade

2 Crônicas 17

Yehoshafati umwami w’i Buyuda

1 Yehoshafati umuhungu wiwe aca aba umwami amusubirira ku ntebe, maze akomeza Ubuyuda kugira ngo bashobore guhangana na Isirayeli. 2 Ashira ingabo mu bisagara bizitijwe inzitiro, ashiraho n’ibirindiro bikomeye mu Buyuda hose no mu bisagara vy’Abefurayimu, ivyo se Asa yari yarigaruriye.

3 Uhoraho yari kumwe na Yehoshafati kuko mu myaka yiwe ya mbere yagendeye mu nzira sekuruza Dawidi yari yaragendeyemwo. Ntiyasiguje za Bayali, 4 ahubwo yarondeye Uhoraho Imana ya se, agendera mu vyo yihanikirije, ntiyakora nk’ivyo Abisirayeli bakora. 5 Uhoraho aha ubwami bwiwe gukomera; kandi Abayuda bose bazanira ingabire Yehoshafati, gushika aho yabaye umutunzi, agira n’icubahiro. 6 Umutima wiwe warondera inzira z’Uhoraho; kandi akuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo mu mataba y’imisozi n’inkingi za Ashera mu Buyuda.

7 Mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atuma abakuru bo mu bamukorera ari bo Beni-Hayili, Obadiya, Zakariya, Netaneli na Mikaya, ngo bigishe mu bisagara vy’i Buyuda. 8 Abarungikana n’Abalewi bamwe nka Shemaya, Netaniya, Zebadiya, Asaheli, Shemiramoti, Yehonatani, Adoniya, Tobiya na Tobi-Adoniya, n’abaherezi ari bo Elishama na Yehoramu. 9 Bigisha mu Buyuda hose, bitwaje Igitabu c’Ivyagezwe vy’Uhoraho; bazunguruka hose mu bisagara vy’i Buyuda bigisha abantu.

10 Ubwoba buvuye k’Uhoraho bufata abami bose b’ibihugu bikikije Ubuyuda, ntibigera bubahuka gutera Yehoshafati. 11 Abafilisitiya bamwe bazanira Yehoshafati amashikanwa yo kumwisaba hamwe n’ifeza, n’Abarabu bamuzanira imikuku: impfizi z’intama ibihumbi indwi n’amajana indwi n’impene ibihumbi indwi n’amajana indwi.

12 Yehoshafati arushaho kuba uwukomeye; yubaka iminara n’ibisagara vy’ububiko mu Buyuda. 13 Yari afise ibintu vyinshi yabitse mu bisagara binini vy’i Buyuda, ashira i Yerusalemu ingabo zimenyereye ivyo kugwana. 14 Uku ni ko bari barinjiye mu ngabo bakurikije uko imiryango yabo yari iri:

Mu Bayuda, hari abakuru batwara ingabo igihumbi:

Adina umukuru w’ingabo, yari kumwe n’ingabo ibihumbi amajana atatu;

15 uwakurikira, ni Yehohanani umukuru w’ingabo, yari kumwe n’ingabo ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani;

16 hagakurikira Amaziya mwene Zikuri, yitangiye igikorwa c’Uhoraho, yari kumwe n’ingabo ibihumbi amajana abiri.

17 Mu Babenyamini:

Eliyada, umusoda w’umuhizi, yari kumwe n’abagabo bitwaje imiheto n’inkinzo ibihumbi amajana abiri;

18 hagakurikira Yehozabadi, yari kumwe n’ingabo zambaye ibigwanisho vy’intambara ibihumbi ijana na mirongo umunani.

19 Abo ni bo bari ingabo zakorera umwami, uretse abo yari yararungitse muri vya bisagara bizitijwe inzitiro vyari mu gihugu cose c’i Buyuda.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-