Publicidade

2 Crônicas 9

Umwamikazi w’i Sheba aja kuramutsa Salomo

1 Umwamikazi w’i Sheba yumvise ingene Salomo ari umuntu ahambaye, aja i Yerusalemu kumugerageresha ibibazo bigoye cane. Ashika ari kumwe n’abamuherekeje benshi, ingamiya zikoreye ibimota neza, inzahabu nyinshi cane, n’amabuye y’agaciro; maze aja aho Salomo ari aganira na we ivyo yiyumvira vyose. 2 Salomo yishura ibibazo vyose yamubajije, ntihagira na kimwe kimunanira kumusigurira. 3 Umwamikazi w’i Sheba abonye ubwenge bwa Salomo n’ingoro yubatse, 4 ivyokurya vyo ku meza yiwe, ivyicaro vy’abatware biwe, abakozi biwe bagabura ku meza n’imyambaro yabo, abamuhereza ivyo kunywa n’imyambaro yabo, n’ibimazi bituriwe yatanga mu Ngoro y’Uhoraho, aratangara cane.

5 Abarira umwami ati: "Ivyo numviye mu gihugu canje ku vyerekeye ivyo wakoze hamwe n’ubwenge bwawe, nsanze ari ukuri. 6 Ariko sinari navyizeye gushika nishikiye hano nkavyibonera n’amaso yanje ubwanje. Mu vy’ukuri, nta n’igice bambwiye c’ingene ubwenge bwawe bungana; birarengeye kure cane ivyo bambwiye. 7 Erega abantu bawe barahiriwe! Eka n’abagendanyi bawe na bo nyene barahiriwe, bo bama bahagaze imbere yawe imisi yose, bumviriza ivy’ubwenge bwawe! 8 Uhoraho Imana yawe iragahimbazwa, kuko wayihimbaye maze ikagushira ku ntebe yayo ngo uganze mw’izina ryayo. Ku bw’urukundo Imana yawe ikunda Abisirayeli n’ukugomba kubashigikira ibihe vyose, yakugize umwami ngo ubarongore, kandi ukomeze uguca imanza zibereye no kugororoka."

9 Maze aca ashikanira umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu, ibimota neza vyinshi, n’amabuye y’igiciro. Nta n’umwe yongeye gushikanira umwami ibimota neza bingana n’ivyo umwamikazi w’i Sheba yashikaniye umwami Salomo.

10 I ruhande y’ivyo, abantu ba Hiramu n’abantu ba Salomo bazanye inzahabu zo muri Ofiru; bazana n’ibiti vyitwa santali n’amabuye y’igiciro kinini. 11 Umwami aca akoresha vya biti vya santali mu kwubaka ingazi z’Ingoro y’Uhoraho n’ingoro yiwe, yongera abikoramwo amakembe n’inanga vy’abacuraranzi. Nta bintu vyiza nk’ivyo vyari bwaboneke mu Buyuda.

12 Umwami Salomo aha umwamikazi w’i Sheba ivyo yipfuza n’ivyo yasavye vyose; amwihera n’izindi ngabire nk’uko umugenzo w’ubugwaneza bw’umwami Salomo wari uri. Maze arahaguruka asubira mu gihugu ciwe n’abari kumwe na we.

Ubukuru bwa Salomo n’icubahiro ciwe

13 Ingabire Salomo yaronka ku mwaka ku mwaka zangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu, 14 udashizemwo ubundi butunzi yaronka biciye mu makori abadandaza batanga hamwe n’ayava mu bami bose bo muri Arabiya; abatware bo mu gihugu ciwe na bo bakama bamushikanira inzahabu n’ifeza.

15 Umwami Salomo acurisha inkinzo nininini amajana abiri mu nzahabu; imwimwe yose itwara shekeli amajana atandatu z’inzahabu. 16 Acurisha n’izindi nkinzo ntonto amajana atatu mu nzahabu, imwe yose ikajako shekeli amajana atatu z’inzahabu. Umwami aca azibika mu ngoro yise Ikibira c’i Libani.

17 Hanyuma umwami akoresha intebe y’ubwami nini isharijwe n’amahembe y’inzovu ayomekako inzahabu ihinguwe neza. 18 Iyo ntebe yari ifise ingazi zitandatu, n’ico gushirako ibirenge c’inzahabu cari gifatanye na yo. Ku mpande zose z’iyo ntebe hari ivyo gushirako amaboko, kandi hari n’ibishushanyo vy’intare bibiri bihagaze i ruhande y’amaboko. 19 Hari n’ibindi bishushanyo cumi na bibiri vy’intare, kimwekimwe ku mpera y’ingazi yose muri zimwe zitandatu. Nta ntebe nk’iyo yari bwigere iboneka mu bwami na bumwe. 20 Ibikombe vyose vy’umwami Salomo vyari bikozwe mu nzahabu, n’ibikoresho vyose vyo mu ngoro yise Ikibira c’i Libani vyari bikozwe mu nzahabu ihinguwe neza. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza, kuko ifeza yafatwa nk’aho ifise agaciro gato mu gihe ca Salomo. 21 Umwami yari afise amato yo kudandaza yaja i Tarushishi atwawe n’abantu ba Hiramu. Uko imyaka itatu iheze ayo mato yaba agarutse avuye i Tarushishi, azanye inzahabu, ifeza, amahembe y’inzovu, inkende, n’amadendo.

22 Maze umwami Salomo aba agahambaye mu butunzi no mu bwenge kurusha abandi bami bose bo kw’isi. 23 Abami bose bo kw’isi bagomba kubonana na Salomo ngo bumve ubwenge Imana yamuhaye. 24 Ku mwaka ku mwaka, abaja kumuraba umwe wese yagenda amushikaniye ifeza n’inzahabu, amakanzu, ibigwanisho, ibimota neza, amafarasi, n’inyumbu.

25 Salomo yari afise ibibandahori ibihumbi bine vy’amafarasi n’imikogote, n’amafarasi ibihumbi cumi na bibiri. Zimwe yazitungira mu bisagara vy’imikogote, izindi zikaba i Yerusalemu aho yaba. 26 Yaganza abami bose uhereye ku ruzi Efurate mu buraruko hamwe n’igihugu c’Abafilisitiya, gushika ku rubibe rwa Egiputa mu bumanuko. 27 Umwami agwiza ifeza i Yerusalemu zisigara zimeze nk’amabuye, imbaho z’agaciro z’amasederi na zo ziragwira zimera nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu biyaya vy’i Buyuda. 28 Amafarasi ya Salomo yava muri Egiputa no mu bindi bihugu vyose.

Urupfu rwa Salomo

29 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Salomo, uhereye ku ntango ugashitsa kw’iherezo, mbega vyose ntivyanditswe mu vyagenda biraba vyanditswe na Natani uwavugishwa n’Imana, mu vyavugishijwe na Ahiya w’i Shilo no mu vyeretswe Ido uwerekwa vyerekeye Yerobowamu mwene Nebati? 30 Salomo yabaye ku ngoma i Yerusalemu aganza Abisirayeli bose kumara imyaka mirongo ine. 31 Nuko Salomo arapfa ahamvya ba sekuruza; ahambwa mu Gisagara ca se Dawidi. Maze umuhungu wiwe Rehobowamu amusubirira ku ngoma.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-