Publicidade

2 Crônicas 30

Hezekiya ahimbaza Pasika

1 Hezekiya atumako Abisirayeli bose n’Abayuda, kandi yandikira amakete Abefurayimu n’Abamanase, abaha ubutumire ngo baze mu Ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. 2 Umwami n’abaganwa biwe n’ikoraniro ryose bari i Yerusalemu bari biyemeje guhimbaza Pasika mu kwezi kwa kabiri. 3 Ntibari bwashobore kuyihimbaza mu bihe vyategekanijwe kuko ata baherezi bakwiye bari bwarobanurwe, kandi abantu ntibari bwigere bakoranira i Yerusalemu. 4 Iyo nteguro yo guhimbaza Pasika yabonetse ko ari nziza ku mwami no ku bantu bose. 5 Baca bafata ingingo yo gutuma intumwa mu Bwisirayeli hose, uhereye i Berisheba mu bumanuko ugashika i Dani mu buraruko, bahamagara abantu ngo baze i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Ntibari bwayihimbaze ari benshi nk’uko vyari vyaranditswe.

6 Kw’itegeko ry’umwami, intumwa zikwira hose mu Bwisirayeli n’i Buyuda zitwaye amakete avuye ku mwami no ku baganwa biwe, avuga ngo:

"Yemwe Bisirayeli mwese, nimugaruke k’Uhoraho, Imana ya Aburahamu, na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we abagarukeko mwebwe abasigaye, mutahitanywe n’agatikizo k’abami b’i Ashuri. 7 Ntimube nka ba sogokuruza na benewanyu, babaye ibigaba imbere y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, ari co catumye ibahindura akajoreza nk’uko mubibona. 8 Ntimukomantaze imitima nk’uko ba sogokuruza banyu bayikomantaje; mwumvire Uhoraho. Muze mu Ngoro yiwe, iyo yejeje akayitoranya ibihe bidashira. Mukorere Uhoraho Imana yanyu, kugira ngo uburake bwiwe bw’inkazi bubaveko. 9 Nimwahindukirira Uhoraho, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababajanye nk’inyagano maze bagaruke muri iki gihugu, kuko Uhoraho Imana yanyu ari inyembabazi kandi igira ikigongwe cinshi. Nimwamuhindukirira, ntazobakurako inyonga ziwe."

10 Za ntumwa ziragenda, ziva mu gisagara zija mu kindi, mu Befurayimu no mu Bamanase, gushika mu Bazebuloni; ariko abantu baritwengera, barabakengera. 11 Yamara abantu bamwe bo mu Basheri, Abamanase n’Abazebuloni bicisha bugufi baja i Yerusalemu. 12 No mu Buyuda, ukuboko kw’Imana kuba ku bantu baho, abaha kugira umutima umwe wo gukora ivyo umwami n’abaganwa biwe bari bategetse, bivuye mw’ijambo ry’Uhoraho.

13 Nuko mu kwezi kwa kabiri, abantu benshi bakoranira i Yerusalemu ngo bahimbaze Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. 14 Bakuraho ibicaniro vyari i Yerusalemu, basambura n’ibicaniro batangirako ibimota neza, babita mu mwonga wa Kidironi.

15 Maze ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa kabiri, bakerera umwagazi wa Pasika. Abaherezi n’Abalewi bari buzuye ibimaramare, baca barihumanura maze bazana ibimazi vyo guturirwa mu Ngoro y’Uhoraho. 16 Maze baca baja mu bibanza vyabo nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana. Abaherezi bamija ku gicaniro amaraso baherejwe n’Abalewi. 17 Kubera ko mw’ikoraniro harimwo abantu benshi batari bihumanuye, Abalewi ni bo bahavuye bakerera imyagazi y’intama ya Pasika y’abantu bose bari bahumanye, kuko batashobora gushikiriza iyo myagazi yabo Uhoraho. 18 Kandi naho abantu benshi mu bari bavuye mu Befurayimu, mu Bamanase, mu Bisakari no mu Bazebuloni batari bihumanuye, barariye Pasika, banyuranya n’uko vyanditswe. Ariko, Hezekiya arabasengera, avuga ati: "Icompa Uhoraho, kuko ari mwiza, akababarira umuntu wese 19 yashize umutima wiwe ku kurondera Uhoraho, Imana ya ba sekuruza naho ahumanye ku bw’amategeko y’Ahera." 20 Maze Uhoraho yumva ugusenga kwa Hezekiya, akiza abantu.

21 Abisirayeli bari i Yerusalemu bahimbaza Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, bamara imisi indwi banezerewe cane, mu gihe Abalewi n’abaherezi baguma bararirimbira Uhoraho ku musi ku musi, bakoresheje ibicurarangisho bisamirana, vyeguriwe Uhoraho.

22 Hezekiya avuga amajambo yo gutera intege Abalewi bose bari berekanye ko batahura neza igikorwa c’Imana. Muri iyo misi indwi bariye umugabane wabo batanga n’ibimazi vy’ishimwe barongera bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza.

23 Maze ikoraniro ryose rica ryemeranya kwongerako iyindi misi indwi, bayimara bahimbaza Imana kandi banezerewe. 24 Hezekiya umwami w’i Buyuda ategura amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi indwi ku bw’iryo koraniro, n’abaganwa na bo batanga amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi cumi. Igitigiri kinini c’abaherezi barihumanura. 25 Ikoraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, hamwe n’abaherezi n’Abalewi n’abari bakoraniye hamwe na bo bavuye mu Bisirayeli, harimwo n’abanyamahanga bari baje bava mu Bwisirayeli n’ababa i Buyuda. 26 Hari umunezero mwinshi cane i Yerusalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli hatari bwabe ikintu nk’ico i Yerusalemu. 27 Abaherezi n’Abalewi barahaguruka ngo bahezagire abantu, maze Imana irabumva, kuko isengesho ryabo ryashitse mw’ijuru, ahera hayo, aho iba.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-