Publicidade

2 Crônicas 7

Bashikiriza Imana Ingoro

1 Salomo ahejeje gusenga, umuriro urakoroka uvuye mw’ijuru utongora ikimazi co guturirwa n’ibimazi vyose, maze ubwiza bw’Uhoraho bwuzura iyo Ngoro. 2 Abaherezi ntibashobora kwinjira mu Ngoro y’Uhoraho kuko ubwiza bw’Uhoraho bwari buyuzuye. 3 Abisirayeli bose babonye umuriro umanutse kandi ubwiza bw’Uhoraho buri hejuru y’iyo Ngoro, bapfukama ku musezero, bubama hasi, basenga bashimira Uhoraho, bavuga bati:

"Uri mwiza;

urukundo rwawe rwamaho ibihe bidashira."

4 Nuko umwami n’abantu bose bashikanira ibimazi Uhoraho. 5 Umwami Salomo araheza atanga ikimazi kigizwe n’impfizi ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’intama ibihumbi ijana na mirongo ibiri. Uko ni ko umwami n’abantu bose bashikirije Imana iyo Ngoro. 6 Abaherezi baja mu bibanza vyabo, n’Abalewi ni uko bafise ibicurarangisho vy’Uhoraho, ivyo umwami Dawidi yari yarakoze vyo gutazira Uhoraho, vyakoreshejwe mu gutazira igihe yashima avuga ati: "Urukundo rwayo rwamaho ibihe bidashira." Ku rundi ruhande rurabana n’aho Abalewi bari bari, hari abaherezi bavuza inzamba, Abisirayeli bose na bo bari bahagaze.

7 Maze umwami ashikiriza Uhoraho ikibanza kiri imbere y’Ingoro, ahatangira n’ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu hamwe n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, kuko igicaniro yari yarakoze mu butare bw’umwakaka kitashobora gukwirwako ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu hamwe n’ibinure vy’ibimazi.

8 Nuko umwami Salomo ari kumwe n’Abisirayeli bose bamara imisi indwi bagira imisi mikuru. Hari hakoraniye abantu isinzi bari baje bava i Lebo-Hamati gushika ku mugezi wa Egiputa. 9 Ku musi ugira umunani bagira ikoraniro ryo kurangiza, kuko bari bamaze imisi indwi bashikiriza Uhoraho igicaniro, bongera bamara imisi indwi bagira umusi mukuru w’insago. 10 Ku musi ugira mirongo ibiri na gatatu w’ukwezi kw’indwi arungika abantu iwabo, bataha banezerewe cane, imitima yabo inezerejwe n’ivyo Uhoraho yakoreye Dawidi na Salomo n’abantu biwe b’Abisirayeli.

11 Nuko Salomo ahejeje Ingoro y’Uhoraho n’ikirimba c’umwami, akarangiza neza n’ivyo yari yarateguye gukora mu Ngoro y’Uhoraho no ku kirimba ciwe bwite, 12 Uhoraho aramwiyereka mw’ijoro amubwira ati:

"Numvise ugusenga kwawe kandi ntoranije aha hantu ngo habe ahanje, habe Ingoro yo gushikaniramwo ibimazi.

13 Ninugara ijuru ngo imvura ntigwe, canke nkarekura inzige ngo zirye imirima canke nkarekura ikiza mu bantu banje, 14 abantu banje, bitirirwa izina ryanje, nibicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bakava mu nzira zabo mbi, nanje nzobumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo. 15 Guhera ubu inyonga zanje zizokwama kuri bo n’amatwi yanje azokwama yumviriza amasengesho bazosengera aha hantu. 16 Ndobanuye iyi Ngoro kandi ndayitoranije kugira ngo izina ryanje rihabe ibihe bidashira. Amaso yanje n’umutima wanje bizokwama kuri yo.

17 Nawe niwagendera imbere yanje nk’uko so Dawidi yabigira, ugakora ivyo nagutegetse vyose, ugakurikiza amategeko n’amabwirizwa yanje; 18 nanje nzokomeza intebe yawe y’ubwami, nk’uko nasezeraniye so Dawidi igihe navuga nti: ‘Ntuzokwigera ubura uwo kuganza Abisirayeli.’

19 Ariko nimwahindukira mugata amategeko n’amabwirizwa nabahaye, mukaja gukorera izindi mana mukazisenga, 20 nanje nzorandura Abisirayeli ndabakure mu gihugu canje nari narabahaye; n’iyi Ngoro neguriye izina ryanje nzoyita imve mu maso. Nzoyigira iciro ry’imigani n’agatwengo mu mahanga yose. 21 Kandi naho iyi Ngoro yari iteye igomwe, abazoyica i ruhande bazogira ubwoba batangare bavuge bati: ‘Ni igiki catumye Uhoraho agirira atya iki gihugu n’iyi Ngoro?’ 22 Abantu bazobishura bati: ‘Ni ukubera bataye Uhoraho Imana ya ba sekuruza yabakuye muri Egiputa, bagahindukirira izindi mana, bakazisenga kandi bakazikorera; ni co gituma Uhoraho yabateje ivyo vyago vyose.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-