Publicidade

2 Crônicas 14

1 Hanyuma Abiya arapfa ahamvya ba sekuruza ahambwa mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Asa amusubirira ku ngoma, kandi ku ngoma yiwe, igihugu kiba impore kumara imyaka icumi.

Asa aba umwami w’i Buyuda

2 Asa akora ibigororotse n’ibibereye imbere y’Uhoraho Imana yiwe. 3 Akuraho ibicaniro vy’imana z’inyamahanga n’ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi, amenagura n’inkingi z’amabuye, asitura n’ibishushanyo vya Ashera. 4 Ategeka Abayuda ngo barondere Uhoraho Imana ya ba sekuruza, no kwumvira ivyagezwe vyiwe n’amabwirizwa yiwe. 5 Akuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo mu mataba y’imisozi hamwe n’ibicaniro batuririramwo ibimota neza vyari mu bisagara vyose vy’i Buyuda, maze igihugu kironka impore ku ngoma yiwe. 6 Yubaka ibisagara bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda, kuko igihugu cari impore. Nta n’umwe yamugwanije muri iyo myaka yose, kuko Uhoraho yamuhaye impore.

7 Abwira Abayuda ati: "Nimuze twubake ibi bisagara, tubikikuze inzitiro, twubake n’iminara, dushireko amarembo n’ibihindizo. Igihugu kiracari icacu, kuko twarondeye Uhoraho Imana yacu; twaramurondeye na we aduha impore impande zose." Nuko barubaka kandi baratunga baratunganirwa.

8 Asa yari afise ingabo zingana ibihumbi amajana atatu bava i Buyuda, bari bafise inkinzo nini n’amacumu, n’abandi ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani bava i Bubenyamini, bitwaje inkinzo ntonto n’imiheto. Abo bose bari abahizi bazi kugwana.

9 Zera Umunyetiyopiya aza kubatera afise ingabo zingana umuliyoni n’imikogote amajana atatu, araza ashika i Maresha. 10 Asa aja guhura na we, batonda urugamba mu kiyaya c’i Zefata hafi y’i Maresha.

11 Maze Asa yambaza Uhoraho Imana yiwe avuga ati: "Uhoraho, nta n’umwe ameze nkawe wo gufasha abanyantegenke batewe n’abanyenkomezi. Dutabare, ewe Uhoraho Mana yacu, kuko tukwizigiye, kandi twaje kugwanya izi ngabo nyinshi gutya mw’izina ryawe. Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yacu; ntureke ngo umuntu aguhonyore ku gakanu."

12 Uhoraho atsinda Abanyetiyopiya imbere ya Asa n’Abayuda. Abo Banyetiyopiya barahunga, 13 Asa na we n’ingabo ziwe barabakurikira gushika i Gerari. Abenshi mu Banyetiyopiya bagwa mu ntambara ku buryo batasubiriye kuvyura umutwe, kuko bari batsinzwe imbere y’Uhoraho n’ingabo ziwe. Ingabo z’Abayuda zisahura ibintu vyinshi muri ivyo bisagara. 14 Basambura ibisagara bitobito vyose bikikuje Gerari, kuko ubwoba buvuye k’Uhoraho bwari bwabatekeye. Banyaga ivyo bisagara vyose, kuko harimwo ubutunzi bwinshi. 15 Batera aho abungere bacumbika batwara imikuku myinshi y’intama n’impene hamwe n’ingamiya. Basubira i Yerusalemu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-