1 Mpwemu w’Imana aza kuri Azariya mwene Odedi. 2 Aja guhura na Asa aramubwira ati: "Nyumviriza, yewe Asa namwe Bayuda n’Ababenyamini mwese. Uhoraho azobana namwe nimwagumana na we. Nimwamurondera, muzomubona, ariko nimwamutera ibitugu, na we azobaheba. 3 Abisirayeli bamaze igihe kirekire batagira Imana y’ukuri, batagira umuherezi wo kubigisha batagira n’Ivyagezwe. 4 Ariko mu mubabaro wabo bahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli, baramurondera, baramubona. 5 Muri iyo misi nta mutekano wariho ku buryo abantu bashobora gutembera, kuko ababa mu gihugu bose bari mu muvurungano ukomeye. 6 Ihanga rimwe ryarazimanganya irindi, igisagara kimwe kikazimanganya ikindi, kuko Imana yari yabateje ivyago vy’ubwoko bwose. 7 Ariko mweho, nimukomere ntimwihebure, kuko igikorwa canyu kizoronka ingero."
8 Asa yumvise ayo majambo n’ukuvugishwa kwa Azariya mwene Odedi uwavugishwa n’Imana, ararema. Akuraho ibigirwamana biteye isoni vyari mu gihugu cose c’i Buyuda n’i Bubenyamini no mu bisagara vyose yari yigaruriye mu misozi y’Abefurayimu. Asanasana igicaniro c’Uhoraho cari imbere y’urwinjiriro rw’Ingoro y’Uhoraho.
9 Hanyuma akoranya Abayuda n’Ababenyamini bose n’abantu bose bo mu Bwefurayimu, Abamanase n’Abasimeyoni bari bimukiye muri bo, kuko abantu benshi bari baje kuri we bavuye mu Bisirayeli bamaze kubona ko Uhoraho Imana yiwe ari kumwe na we.
10 Bakoranira i Yerusalemu mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka wa cumi na gatanu Asa ari ku ngoma. 11 Muri ico gihe bashikanira ibimazi Uhoraho bingana n’inka amajana indwi n’intama n’impene ibihumbi indwi bakuye mu vyo banyaze batahanye bavuye kugwana. 12 Bagira isezerano ryo kurondera Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, n’imitima yabo yose n’imishaha yabo yose. 13 Basezerana ko abatazorondera Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bakwiye kwicwa, baba abakiri bato canke abakuze, abagabo canke abagore. 14 Basezeranira Uhoraho mu kwiha akamo, bavuza n’inzamba n’amahembe y’intama. 15 Abayuda bose bifatanya na bo muri iyo ndahiro kuko bari barahiye n’umutima ubikunze. Barondeye Imana n’imitima ibikunze, na yo irabiyereka. Nuko Uhoraho abaha impore impande zose.
16 Umwami Asa yirukana inakuru Mayaka, amwaka iteka ryo kuba nyina w’umwami, kuko yari yaracurishije igishushanyo c’ubuyobe ca Ashera. Asa atemagura ico kigirwamana akigira ubunywenywe; agituririra ku mwonga Kidironi. 17 Naho atashoboye gukura muri Isirayeli ibibanza vyose basengeramwo vyo ku mataba y’imisozi, umutima wiwe wamye utunganye imisi yose y’ukubaho kwiwe. 18 Yinjiza mu Ngoro y’Imana ifeza n’inzahabu n’ibikoresho we na se bari bareguriye Uhoraho.
19 Nta ntambara yasubiye kuba gushika ku mwaka wa mirongo itanu na gatanu wo ku ngoma ya Asa.