1 Haheze imyaka mirongo ibiri, ari yo Salomo yubatsemwo iyo Ngoro y’Uhoraho n’ikirimba ciwe, 2 Salomo asubiramwo kwubaka ibigwati Hiramu yari yamuhaye, aca avyimuriramwo Abisirayeli ngo babibemwo. 3 Maze Salomo aca aja gutera i Hamati Zoba arahafata. 4 Arongera asubiramwo kwubaka Tadumori mu bugaragwa, n’ibisagara vyose vy’ububiko yari yarubatse i Hamati. 5 Yubaka kandi ibisagara vya Beti-Horoni yo haruguru na Beti-Horoni yo hepfo abigira ibikomeye, bizitijwe inzitiro kandi bifise amarembo n’ibihindizo. 6 Arongera yubaka Bayalati n’ibisagara vy’ububiko vyiwe, n’ibisagara vyose vy’imikogote yiwe n’amafarasi yiwe; ivyo yipfuje vyose kwubaka i Yerusalemu, i Libani no mu gihugu cose aho yaganza.
7 Hari hakiriho amasigarira y’Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi; abo bo ntibari Abisirayeli. 8 Ni abasigaye, abo Abisirayeli batashoboye kurandura, bo mu moko yakomoka ku mahanga yahora aba muri ico gihugu. Nuko Salomo aca afata abo bantu bose abagira abagurano, abashinga gukora ibikorwa vy’agahato, nk’uko biri kugeza n’uwu musi. 9 Ariko Salomo nta Mwisirayeli n’umwe yagize umugurano ngo amukorere; ahubwo yabagize abo kugwana, intwazangabo, abagwanira ku mikogote, n’abakuru babo. 10 Umwami Salomo agena abatware amajana abiri na mirongo itanu bo gukurikirana abantu.
11 Salomo akura umukobwa wa Farawo mu Gisagara ca Dawidi, amwimurira mu ngoro aho yari yamwubakiye, kuko yagize ati: "Umwamikazi wanje ntakwiye kuba mu ngoro ya Dawidi umwami w’Abisirayeli, kuko Isandugu y’Uhoraho yigeze kuhaba kandi ahantu hose Isandugu y’Uhoraho yinjiye hakaba ari ahera."
12 Ku gicaniro c’Uhoraho ico Salomo yari yarubakishije imbere y’ibaraza, ahashikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa, 13 nk’uko vyari vyarashinzwe na Mose ku vyerekeye ibimazi bishikanwa ku musi ku musi, ivyo ku masabato, ivyo mu mboneko z’ukwezi n’ivy’imisi mikuru itatu yo mu mwaka: umusi mukuru w’imikate itagiramwo umwambiro, umusi mukuru w’amayinga, n’umusi mukuru w’insago. 14 Mu bijanye no gushira abaherezi ku bikorwa vyabo, Salomo akurikiza ivyo se Dawidi yashinze. Kandi ashiraho n’Abalewi bo kurongora indirimbo zo gutazira no gufasha abaherezi nk’uko bisabwa ku musi ku musi. Ashiraho n’abarinzi b’amarembo nk’uko imice yabo yari iri ku marembo atandukanye, kuko ivyo ari vyo Dawidi umuntu w’Imana yari yarategetse. 15 Salomo ntiyakikamye ngo ave mu vyo umwami yashinze vyerekeye abaherezi canke Abalewi, harimwo mbere n’ivyerekeye ububiko.
16 Ico Salomo yategerezwa gukora cose carakozwe, kuva ku musi bashiriyeko umushinge w’ingoro y’Uhoraho gushika bahejeje kuyubaka. Uko ni ko iyo Ngoro y’Uhoraho bahejeje kuyubaka.
17 Hanyuma Salomo aja i Eziyoni Geberi n’i Elati ku nkengera y’ikiyaga, ku rubibe rw’Abanyedomu. 18 Maze Hiramu amurungikira amato akoresheje abakozi biwe, abantu bari bazi neza ivy’ikiyaga. Abo rero, bari kumwe n’abantu ba Salomo, barasoza baja i Ofiru bakurayo italanto amajana ane na mirongo itanu z’inzahabu, bayashikiriza umwami Salomo.