Publicidade

2 Crônicas 36

1 Maze abantu bo muri ico gihugu bafata Yehowahazi mwene Yosiya bamwimika ngo abe umwami i Yerusalemu mu gishingo ca se.

Yehowahazi umwami w’i Buyuda

2 Yehowahazi yari afise imyaka mirongo ibiri n’itatu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza amezi atatu ari i Yerusalemu. 3 Umwami wa Egiputa amukura ku ngoma i Yerusalemu aca ategeka Abayuda ko batanga amashikanwa yo kwisaba angana n’italanto ijana z’ifeza n’italanto imwe y’inzahabu. 4 Umwami wa Egiputa yimika Eliyakimu avukana na Yehowahazi, ngo abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu; ahindura izina ryiwe amwita Yehoyakimu. Ariko Neko atwara Yehowahazi umuvukanyi wa Eliyakimu amumanukana muri Egiputa.

Yehoyakimu umwami w’i Buyuda

5 Yehoyakimu yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu, akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona ko ari bibi mu nyonga ziwe. 6 Nebukadineza umwami w’i Babiloni aramutera amubohesha iminyororo y’umwakaka amujana i Babiloni. 7 Nebukadineza yongera atwara i Babiloni ibikoresho vyari mu Ngoro y’Uhoraho abishira mu ngoro yiwe i Babiloni.

8 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehoyakimu, ibibi vy’ubuyobe yakoze n’ivyamubayeko vyose, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’Abisirayeli n’Abayuda. Maze Yehoyakini umuhungu wiwe aba ari we amusubirira ku ngoma.

Yehoyakini umwami w’i Buyuda

9 Yehoyakini yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yimikwa ngo abe umwami, aganza amezi atatu n’imisi cumi ari i Yerusalemu. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe. 10 Mu ntango z’umwaka, umwami Nebukadineza amutumako ngo bamuzane i Babiloni, hamwe n’ibikoresho vy’agaciro vyari mu Ngoro y’Uhoraho, aca yimika Zedekiya sewabo wa Yehoyakini, ngo abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu.

Zedekiya umwami w’i Buyuda

11 Zedekiya yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu. 12 Akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, kandi ntiyicisha bugufi imbere y’uwavugishwa n’Imana Yeremiya, yavuga ijambo ry’Uhoraho. 13 Yongera agarariza umwami Nebukadineza, yari yaramurahije mw’izina ry’Imana. Yigira ntagondwa akomantaza umutima kandi ntiyahindukirira Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. 14 Vyongeye, abakuru mu baherezi n’abantu bose barushaho gukora ibibi, bakurikira ivy’ubuyobe vy’ayandi mahanga mu guhumanya Ingoro y’Uhoraho, iyo yari yaratoranije ngo ibe i Yerusalemu.

Yerusalemu hasamburwa

15 Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, abatumako intumwa nyinshi, kuko yari agiriye akagongwe abantu biwe n’Ingoro yiwe. 16 Ariko bakengera izo ntumwa, bakengera n’amajambo yiwe, bahindura agatwengo abavugishwa na we gushika aho uburake bw’Uhoraho bwaziriringiye ku bantu biwe ku buryo ata wari kuba agishobora kubakiza. 17 Abateza umwami w’i Babiloni, na we yicisha inkota urwaruka rwabo, mbere no mu Ngoro abicirayo, ntiyasigaza n’umwe yaba umusore canke inkumi, uwukuze canke umutama. Imana ibatanga mu maboko ya Nebukadineza. 18 Atwara i Babiloni ibintu vyose vyo mu Ngoro y’Imana, binini na bito, n’ubutunzi bwose bwari mu Ngoro y’Uhoraho n’ubutunzi bw’umwami n’abaganwa biwe. 19 Baturira Ingoro y’Imana kandi basenyurira hasi uruzitiro rw’i Yerusalemu; baturira ibirimba vyose, basambura n’ikintu cose c’agaciro cariyo.

20 Abasigaye bacitse kw’icumu abajana nk’inyagano i Babiloni, baba abo kumukorera we n’abahungu biwe kugeza ubwami bw’Abaperesi bugiye ku ngoma. 21 Igihugu kiruhuka akaruhuko k’Isabato. Igihe cose camaze ari umusaka, cararuhutse, kugeza imyaka mirongo indwi iheze nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryari ryaravugiye muri Yeremiya.

22 Mu mwaka wa mbere Kuro ari umwami w’Ubuperesi, Uhoraho kugira ngo ashitse ijambo yari yaravuze aciye kuri Yeremiya, akangura umutima wa Kuro umwami w’Ubuperesi na we atanga mu bwami bwiwe itegeko ryanditswe rivuga ngo:

23 "Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi avuze:

Uhoraho, Imana yo mw’ijuru, yampaye ubwami bwose bwo mw’isi kandi yantoranije ngo ndamwubakire Ingoro i Yerusalemu i Buyuda. Umuntu wese wo mu bantu biwe ari muri mwebwe naduge, kandi Uhoraho Imana yiwe abane na we.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-