Publicidade

2 Crônicas 12

Shishaki atera i Yerusalemu

1 Ubwami bwa Rehobowamu bumaze gukomera akaba agahambaye, we n’Abisirayeli bose bari kumwe na we baheba Ivyagezwe vy’Uhoraho. 2 Maze mu mwaka ugira gatanu umwami Rehobowamu ari ku ngoma, Shishaki umwami wa Egiputa atera i Yerusalemu kuko batabaye abizigirwa imbere y’Uhoraho. 3 Aza azananye n’imikogote ibihumbi cumi na bibiri n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongo itandatu, n’ingabo zigwanira hasi zitoharurika z’Abanyalibiya, Abasuki, n’Abanyetiyopiya baje bazananye bavuye muri Egiputa. 4 Yigarurira ibisagara bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda, araza ashika n’i Yerusalemu.

5 Maze uwavugishwa n’Imana Shemaya aza kwa Rehobowamu n’abakuru bose b’i Buyuda bari bakoraniye i Yerusalemu kubera gutinya Shishaki, arababwira ati: "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Kubera ko mwampevye, nanje ndabatanze mu maboko ya Shishaki.’ "

6 Abakuru b’Abisirayeli n’umwami baca bicisha bugufi bavuga bati: "Uhoraho aragororotse."

7 Uhoraho abonye ko bicishije bugufi, arungika ijambo ryiwe kuri Shemaya ati: "Ko bicishije bugufi, sinzobica ariko nzobaha agahengwe. Uburake bwanje ntibuzosukwa kuri Yerusalemu biciye kuri Shishaki. 8 Ariko bazoba abagurano biwe, kugira ngo bamenye itandukaniro riri hagati yo kunkorera jewe no gukorera abami bo mw’isi."

9 Maze Shishaki umwami wa Egiputa ateye i Yerusalemu, asahura ubutunzi bwose bwari mu Ngoro y’Uhoraho n’ubwari mu ngoro y’umwami. Atwara ibintu vyose, harimwo na za nkinzo z’inzahabu Salomo yari yaracurishije. 10 Nuko umwami Rehobowamu aca acurisha izindi nkinzo mu butare bw’umwakaka asubiriza zimwe za mbere, aca azizeza intwazangabo z’abacungera ku kirimba c’ingoro y’umwami. 11 Igihe cose umwami yagomba kwinjira mu Ngoro y’Uhoraho, abacungera ku kirimba baca bajana na we bitwaje za nkinzo, mu nyuma bagaheza bakazisubiza mu cumba cazo.

12 Kubera ko Rehobowamu yicishije bugufi, uburake bw’Uhoraho bwaramuvuyeko ntiyarandurwa rwose. Kandi mu vy’ukuri, hariho ivyiza vyari mu Buyuda.

13 Umwami Rehobowamu aba agakomeye cane i Yerusalemu abandanya kuganza. Yari afise imyaka mirongo ine n’umwe igihe yimikwa ngo abe umwami, hanyuma aganza imyaka cumi n’indwi, aba i Yerusalemu, igisagara Uhoraho yari yaratoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ngo ahashire izina ryiwe. Nyina yitwa Nayama; yari Umwamonikazi. 14 Akora ibibi kuko atari yashize umutima wiwe ku kurondera Uhoraho.

15 Ivyabaye ku ngoma ya Rehobowamu, kuva ku ntango gushika ku mpera, mbega ntivyanditswe mu nzandiko z’ivyagenda biraba nk’uko vyanditswe na Shemaya uwavugishwa n’Imana hamwe na Ido uwerekwa, vyerekana ingene abantu bagiye bararondoka? Hama hari intambara hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu. 16 Rehobowamu arapfa ahamvya ba sekuruza; ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca Dawidi. Maze umuhungu wiwe Abiya amusubirira ku ngoma.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-