1 Rehobowamu ashitse i Yerusalemu, akoranya Abayuda n’Ababenyamini, abatoranyamwo imisore ishobora kugwana ibihumbi ijana na mirongo umunani kugira ngo baje gutera Abisirayeli, bagarurire ubwami Rehobowamu.
2 Ariko ijambo ry’Uhoraho riza kuri Shemaya umuntu w’Imana riti: 3 "Barira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’i Buyuda n’Abisirayeli bari i Buyuda n’i Bubenyamini, uti: 4 ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ntimuduge kugwanya abavukanyi banyu. Umwe wese muri mwebwe nasubire iwe, kuko ivyabaye vyose ari jewe nabigize.’ " Nuko bumvira ijambo ry’Uhoraho basubira inyuma bareka gutera Yerobowamu.
5 Rehobowamu aba i Yerusalemu, aca yubaka ibisagara vyo kugwanira igihugu c’i Buyuda ari vyo 6 Betelehemu, Etamu, Tekowa, 7 Beti-Zuri, Soko, Adulamu, 8 Gati, Maresha, Zifu, 9 Adorayimu, Lakishi, Azeka, 10 Zora, Ayaloni n’i Heburoni. Ivyo vyari ibisagara bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini. 11 Akomeza uburyo bwo kubikingira yongera ashiraho n’abakuru b’ingabo muri vyo, n’ububiko bw’ivyokurya, amavuta ya elayo, n’umuvinyu. 12 Ashiramwo inkinzo n’amacumu muri ivyo bisagara vyose, abigira ibihambaye. Nuko i Buyuda n’i Bubenyamini haguma musi y’ubutware bwiwe.
13 Abaherezi n’Abalewi bandi bari bakwiragiye mu ntara zose za Isirayeli bavayo baja ku ruhande rwiwe. 14 Abalewi baheba ibisagara vyabo n’uburagiro bwabo, baja kuba i Buyuda n’i Yerusalemu kuko Yerobowamu n’abahungu biwe bari babankiye gukora igikorwa cabo c’ubuherezi bw’Uhoraho. 15 Kandi ashiraho abaherezi biwe ngo bakorere mu bibanza vyo gusengeramwo ku misozi, ngo bahereze ibimazi ibigirwamana vy’impene n’inka yari yakoresheje. 16 Abo mu miryango yose y’Abisirayeli bashize imitima ku kurondera Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bakurikira Abalewi baja i Yerusalemu ngo baje gushikanira Uhoraho Imana ya ba sekuruza ibimazi. 17 Bakomeza ubwami bw’i Buyuda, bashigikira Rehobowamu mwene Salomo imyaka itatu, bagendera mu nzira za Dawidi na Salomo mu gihe ciwe.
18 Rehobowamu arongora Mahalati, yari umukobwa wa Yerimoti mwene Dawidi na Abihayili, umukobwa wa Eliyabu mwene Isayi. 19 Avyarana na we abahungu ari bo: Yewushi, Shemariya na Zahamu. 20 Hanyuma arongora Mayaka umukobwa wa Abusalomu, ari we bavyaranye Abiya, Atayi, Ziza na Shelomiti. 21 Rehobowamu akunda Mayaka umukobwa wa Abusalomu kurusha abandi bagore biwe bose n’incoreke ziwe. Bose na bose yari afise abagore icumi n’umunani n’incoreke mirongo itandatu; bavyarana abahungu mirongo ibiri n’umunani n’abakobwa mirongo itandatu.
22 Rehobowamu ashinga Abiya mwene Mayaka ngo abe umuganwa mukuru ku bavukanyi biwe, kugira ngo aze amwimike. 23 Akorana ubwenge mu gukwiragiza abandi bahungu biwe mu ntara zose z’i Buyuda n’i Bubenyamini, no muri vya bisagara bizitijwe inzitiro. Abaha ubutunzi bwinshi, abaronderera n’abagore benshi.