1 Ab’i Yerusalemu bimika Ahaziya umuhererezi wa Yehoramu, aba umwami mu gishingo ca se, kuko bakuru biwe bose bari bishwe bahitanywe na ca gitero c’ingabo zazananye n’Abarabu zibatsinda aho bashagaje. Nuko Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda atangura kuganza.
2 Ahaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yaba umwami, aganza umwaka umwe ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Ataliya, umwuzukuru wa Omuri.
3 Na we nyene agendera mu ngeso z’ab’inzu ya Ahabu, kuko nyina yamwosha gukora ibibi. 4 Akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bakora, kuko se amaze gupfa ari bo babaye abahanuzi biwe, maze bimukwegera kuranduka. 5 Yongera akurikiza inama bamugiriye igihe yajana na Yoramu mwene Ahabu umwami w’Abisirayeli kugwanya Hazayeli umwami w’i Siriya i Ramoti Gileyadi. Abasiriya bakomeretsa Yoramu; 6 aca asubira i Yezireyeli kugira ngo akirireyo inguma yakomerekeye i Ramoti mu ntambara agwana na Hazayeli umwami w’i Siriya.
Nuko Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda aramanuka aja i Yezireyeli gusuhuza Yoramu mwene Ahabu kuko yari yarakomeretse.
7 Muri uko kuja kumusuhuza, Imana yari yateguye gukuraho Ahaziya. Ahaziya ashitse, asohokana na Yoramu ngo baje gusanganira Yehu mwene Nimushi, uwo Uhoraho yari yimikishije amavuta ngo aze akureho ab’inzu ya Ahabu. 8 Igihe Yehu yariko araherengeteza ab’inzu ya Ahabu, ahura n’abaganwa b’i Buyuda n’abahungu b’incuti za Ahaziya bakorera Ahaziya, maze arabica. 9 Nuko yinjira mu nzu kurondera Ahaziya, abantu ba Yehu bamufatira aho yari yinyegeje i Samariya. Bamuzanira Yehu aca aramwica. Baca baramuhamba, kuko bavuga bati: "Yari mwene Yehoshafati, yarondera Uhoraho n’umutima wiwe wose." Nuko ntihasigara umuntu n’umwe mu bo mu nzu kwa Ahaziya afise ububasha bukwiye bwo kuba umwami.
10 Ataliya nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe apfuye, atangura kwica abana b’umwami bose bo mu muryango wa Yuda. 11 Ariko Yehosheba, umukobwa w’umwami Yehoramu, afata Yowashi mwene Ahaziya aramunyuruza amukuye mu bandi bana b’umwami bagira bicwe, amunyegeza mu cumba co kuryamamwo ari kumwe n’umurezi wiwe. Kubera ko Yehosheba, umukobwa w’umwami Yehoramu akaba n’umugore w’umuherezi Yehoyada yari mushiki wa Ahaziya, vyatumye ashobora kunyegeza uwo mwana kugira ngo Ataliya ntamwice. 12 Agumana na bo anyegejwe mu Ngoro y’Imana kumara imyaka itandatu Ataliya ari we atwara ico gihugu.