1 Salomo yigira ingingo yo kwubaka Ingoro y’Uhoraho n’ikirimba ciwe, 2 ashiraho abagabo ibihumbi mirongo indwi bo kwikorera ibikoresho n’abandi ibihumbi mirongo umunani bo kubaza amabuye bayakura mu misozi, n’abashika ibihumbi bitatu n’amajana atandatu bo kubakoresha.
3 Salomo arungika intumwa kuri Hiramu umwami w’i Tiro ati:
"Ndungikira ibiti vy’amasederi nk’uko wabigiriye data Dawidi aho wamurungikira amasederi yo kwubaka ikirimba ciwe. 4 Ubu ngira nubake Ingoro y’Uhoraho Imana yanje. Kizoba ari ikibanza catoranirijwe gutuririramwo ibimota neza imbere yayo, aho gushira imikate ihezagiye ubudasiba, no gushikaniramwo ibimazi biturijwe umuriro ku murango, ku mugoroba, ku masabato, mu mboneko z’ukwezi hamwe rero no ku misi mikuru yashinzwe n’Uhoraho Imana yacu. Kandi ivyo ni icagezwe cahawe Abisirayeli ibihe vyose.
5 Iyo Ngoro ngira nubake izoba iteye igomwe, kuko Imana yacu ari iyihambaye kurusha ibindi vyitwa imana vyose. 6 Ariko, mbega ni nde yoshobora kuyubakira inzu ibamwo? Ko amajuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, idashobora kuyakwirwamwo! None jewe ndi iki ngo ndayubakire Ingoro, kiretse gusa kwubaka ahantu ho kuyituririra ibimazi!
7 Nuko, ndungikira umuntu w’umuhinga azi gukora ivy’inzahabu n’ivy’ifeza, ivy’ubutare bw’umwakaka n’ivy’ivyuma; ivy’amarangi y’agahama, n’ay’ubururu ari ku bitambara. Yoba kandi azi ubuhinga bwo gutunganya amashusho ayarumika aho akwiye, agashobora gukorana n’abahinga b’i Buyuda n’i Yerusalemu, abo Data Dawidi yateguye.
8 Undungikire kandi ibiti vy’amasederi n’ivy’amapinusi n’ivy’amasantali vy’i Libani, kuko ndazi ko abantu bawe ari abahinga mu vyo kubaza imbaho zo hiyo. Abantu banje bazokorana n’abawe 9 ngo bantegurire imbaho nyinshi, kuko Ingoro nzokwubaka ibwirizwa kuba yagutse kandi ishajije. 10 Abakozi bawe, abantu bo kubaza imbaho, nzobaha ingero koru ibihumbi mirongo ibiri z’ingano, ingero koru ibihumbi mirongo ibiri za sayiri, ingero batu ibihumbi mirongo ibiri z’umuvinyu, n’ingero batu ibihumbi mirongo ibiri z’amavuta ya elayo."
11 Hiramu umwami w’i Tiro yishura Salomo mw’ikete yamwandikiye ati:
"Uhoraho arakunda abantu biwe, ni co catumye akugira umwami wabo."
12 Kandi Hiramu arongera ati:
"Uhoraho ahimbazwe, Imana y’Abisirayeli, yaremye ijuru n’isi! Yahaye umwami Dawidi umuhungu w’ubwenge, yuzuye n’ubumenyi bwo kumenya ibibereye, akaba ari we azokwubaka Ingoro y’Uhoraho n’ikirimba ciwe c’ubwami.
13 Ndakurungikiye Huramu Abi, umuntu w’umuhinga cane, 14 nyina wiwe akomoka mu muryango wa Dani, se na we ava i Tiro. Yigishijwe gukora ibintu bitandukanye mu nzahabu, mw’ifeza, mu miringa n’ivyuma, mu mabuye n’ibiti, ivy’amabara atukura n’ay’ubururu, n’ayavanze y’ubururu n’agahama, n’ayera derere. Ni umuhinga amenyereye ivyo kubaza amashusho kandi ashobora gukora ivyo womusaba vyose. Azokorana n’abahinga bawe n’aba databuja, so wawe Dawidi.
15 None rero nyakwubahwa urungikire abasavyi bawe za ngano na sayiri na ya mavuta ya elayo na wa muvinyu nk’uko wasezeranye, 16 natwe tuzoca ibiti vyose mukeneye vy’i Libani tubizane ku kiyaga gushika i Yopa. Namwe muzoheza mubitoreho mubidugane i Yerusalemu."
17 Salomo aharura abantu bose b’inyambukira bari muri Isirayeli, inyuma y’iharura ryari ryakozwe na se Dawidi; basanga ni ibihumbi ijana na mirongo itanu na bitatu n’amajana atandatu. 18 Atoranya ibihumbi mirongo indwi bo muri bo abashinga kuba abikorezi abandi ibihumbi mirongo umunani abashinga kuba abo kubaza amabuye mu misozi, abandi ibihumbi bitatu n’amajana atandatu abashinga kuba abakoresha abandi baraba ko abantu bariko barakora.