1 Mu mwaka ugira mirongo itatu na gatandatu Asa ari ku ngoma, Bayasha umwami wa Isirayeli aduga gutera i Buyuda, yubaka uruzitiro rukikuza i Rama kugira ngo abuze umuntu wese yogomba kuja canke kuva kwa Asa umwami w’i Buyuda.
2 Maze Asa afata ifeza n’inzahabu zari mu bubiko bwo mu Ngoro y’Uhoraho no mu ngoro yiwe azirungikira Beni-Hadadi umwami w’i Siriya, yatwarira i Damasiko, amurungikira n’ubutumwa buvuga ngo: 3 "Tugiriranire isezerano hagati yanje nawe, nk’uko vyari biri hagati ya data na so. Raba, ndakurungikiye ifeza n’inzahabu. None rero n’ureke isezerano rya mwe na Bayasha umwami wa Isirayeli kugira ngo asubire inyuma areke kuntera."
4 Beni-Hadadi yemeranya n’umwami Asa, arungika intwazangabo ziwe gutera ibisagara vya Isirayeli, bafata Iyoni, Dani, Abeli-Mayimu, bafata n’ibisagara vyose vy’ububiko vyo mu ntara ya Nafutali. 5 Bayasha avyumvise, aca areka kwubaka i Rama, ahagarika n’ivyo yariko arakora. 6 Maze umwami Asa azana abantu biwe b’i Buyuda bose, bakurayo amabuye n’imbaho zose Bayasha yariko azitiza igisagara ca Rama. Asa aca abikoresha mu kuzitira ibisagara vya Geba na Misipa.
7 Muri ico gihe Hanani uwerekwa aza ku mwami Asa w’i Buyuda amubwira ati: "Ko wishimiye umwami w’i Siriya ntiwizigire Uhoraho Imana yawe, ingabo z’umwami w’i Siriya ziraguciye mu myanya y’intoke. 8 Mbega Abanyetiyopiya n’Abanyalibiya ntibari ingabo zikomeye kandi zifise imikogote myinshi n’abagwanira ku mafarasi isinzi? Ariko igihe wizigira Uhoraho, yabagabuye mu maboko yawe. 9 Kuko inyonga z’Uhoraho zinyurangana mw’isi yose ngo ahe inkomezi abamwegamitseko imitima yabo yose. Wakoze ivy’ubupfu, kandi guhera ubu uzokwama mu ntambara."
10 Asa ashavurira uwo yerekwa kubera ivyo; arashangashirwa gushika aho amuta mw’ibohero, ashira amaguru yiwe mu mpatane z’ivyuma. Kandi muri ico gihe nyene Asa atangura gutwaza umukazo abantu bamwebamwe bo mu gihugu ciwe.
11 Ivyabaye ku ngoma ya Asa, kuva ku ntango kugeza ku mpera, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’i Buyuda n’abo muri Isirayeli. 12 Mu mwaka wa mirongo itatu n’icenda Asa ari ku ngoma asinzikazwa cane n’ingwara y’ibirenge. Naho iyo ngwara yari imubabaje cane, mu kugwara kwiwe kwose ntiyigeze arondera Uhoraho ngo amufashe, ariko yishimiye abavuzi. 13 Maze mu mwaka ugira mirongo ine na rimwe ari ku ngoma, Asa arapfa, ahamvya ba sekuruza. 14 Bamuhamba mu mva yari yarimbishije ubwiwe mu Gisagara ca Dawidi. Bamuryamika ku buriri bari bashizeko ibimota neza vy’uburyo bwinshi, baca bacana umuriro mwinshi ngo bamuheshe icubahiro.