Publicidade

2 Crônicas 35

Yosiya ahimbaza Pasika

1 Yosiya ahimbariza Pasika y’Uhoraho i Yerusalemu, kandi babaga umwagazi wa Pasika ku musi ugira icumi na kane w’ukwezi kwa mbere. 2 Ashira abaherezi mu bikorwa vyabo kandi abatera intege ngo bakore igikorwa c’Ingoro y’Uhoraho. 3 Abwira Abalewi, ari bo bajejwe kwigisha Abisirayeli kandi barobanuriwe Uhoraho, ati: "Nimushire ya Sandugu Yera mu Ngoro Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli yubaka. Ntimuzosubira kuyitwara ku bitugu vyanyu. Ubu rero nimukorere Uhoraho Imana yanyu n’abantu biwe b’Abisirayeli. 4 Nimwitegure nk’uko imiryango yanyu iri mu mice yanyu, nk’uko mwabitegetswe na Dawidi umwami w’Abisirayeli n’umuhungu wiwe Salomo.

5 Muhagarare Ahera muri kumwe n’Abalewi bavuye mu bice vyose vyo mu miryango yose ya benewanyu musangiye igihugu, hamwe n’abantu bose. 6 Mubage imyagazi ya Pasika, mwihumanure, maze mutegurire iyo myagazi bagenzi banyu b’Abisirayeli; mukore nk’uko Uhoraho yabitegetse abicishije kuri Mose."

7 Yosiya ategurira abantu bose bari aho intama n’impene ibihumbi mirongo itatu vy’ibimazi vya Pasika, n’inka ibihumbi bitatu, ivyo vyose vyavuye mu butunzi bw’umwami.

8 N’abaganwa biwe na bo bazana ivyo guterera abantu bari ngaho n’abaherezi n’Abalewi. Hilikiya, Zakariya na Yehiyeli, abajejwe gukurikirana ivy’Ingoro y’Imana, baha abaherezi ibimazi vya Pasika ibihumbi bibiri n’amajana atandatu vy’imyagazi y’intama n’impene hamwe n’inka amajana atatu. 9 Kandi na Konaniya hamwe na Shemaya na Netaneli, abavukana na we, na Hashabiya, Yeyiyeli na Yozabadi, abakuru b’Abalewi, baha Abalewi ibimazi vya Pasika ibihumbi bitanu n’inka amajana atanu.

10 Ico gikorwa kirategurwa, maze abaherezi bahagarara mu bibanza vyabo bari kumwe n’Abalewi, na bo bigabuye mu mice yabo nk’uko umwami yari yabitegetse. 11 Bakerera imyagazi ya Pasika, maze abaherezi baca bamijagira ku gicaniro amaraso bahawe n’Abalewi; Abalewi na bo baca bakora igikorwa co kuyikurako insato. 12 Batoranya ibimazi vyo guturirwa babishira i ruhande ngo babihe imigwi y’imiryango y’abantu; ngo na bo babishikanire Uhoraho, nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Mose. Babigenza gutyo no ku nka. 13 Botsa inyama za ya myagazi ya Pasika ku muriro nk’uko bitegekanijwe, baca bateka vya bimazi vyera mu nkono z’ibumba, no mu nkono zo gushusha amazi, eka no mu masafuriya, baca babigaburira abantu bose banyarutsa. 14 Inyuma y’ivyo, baca bategura ivyabo n’ivy’abaherezi, kuko abaherezi bakomoka kuri Aroni, bariko baratanga ibimazi vyo guturirwa n’umuriro n’ibinure gushika bwije. Ni co gituma Abalewi bateguye ivyabo n’ivy’abaherezi bene Aroni.

15 Abacuraranzi bakomoka kuri Asafu bari mu bibanza vyabo nk’uko vyashinzwe na Dawidi, Asafu, Hemani na Yedutuni uwerekwa w’umwami. Abarinzi bo ku marembo yose ntibarinda guhagarika igikorwa cabo, kuko Abalewi benewabo bari babateguriye ivyabo.

16 Nuko muri ico gihe igikorwa cose c’Uhoraho kirakorwa kugira ngo bahimbaze Pasika, batange n’ibimazi vyo guturirwa ku gicaniro c’Uhoraho, nk’uko umwami Yosiya yari yabitegetse. 17 Muri ico gihe, Abisirayeli bari ngaho bahimbaza Pasika, barongera bamara iyindi misi indwi bahimbaza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. 18 Ntihari bwigere hahimbazwa umusi mukuru wa Pasika nk’uwo mu Bisirayeli, uhereye mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli. Kandi nta n’umwe wo mu bami b’Abisirayeli yari bwahimbaze Pasika nk’uko Yosiya yayihimbaje, ari kumwe n’abaherezi, Abalewi n’Abayuda n’Abisirayeli bose, bari kumwe n’abantu b’i Yerusalemu. 19 Iyo Pasika yahimbajwe mu mwaka ugira cumi n’umunani Yosiya ari ku ngoma.

Urupfu rwa Yosiya

20 Inyuma y’ivyo, Yosiya amaze gutunganya neza ivyo mu Ngoro, Neko umwami wa Egiputa araduga ngo atere i Karikemishi ku ruzi Efurate; maze Yosiya aja kumutegera ngo amugwanye. 21 Ariko Neko arungika intumwa kuri we, amubwira ati: "Hari intambara nki hagati yawe nanje ga yewe mwami w’Abayuda? Ubu si wewe nje gutera, ariko hari irindi hanga duhamana ni ryo mviriye hasi. Imana yambwiye ngo nihute; nuko rero reka kugwanya Imana, kuko iri kumwe nanje, kandi yokurandura."

22 Yamara Yosiya ntiyahindukira ngo amureke, ahubwo ariyoberanya ngo amutere. Ntiyumvira ivyo Neko yamubwiye ategetswe n’Imana, ahubwo aja kumugwanya; baca bahurira mu kiyaya c’i Megido ari ho bagwaniye.

23 Abagwanisha imiheto barasa umwami Yosiya; aca abwira abakuru b’ingabo biwe ati: "Nimunkure hano kuko nkomeretse cane." 24 Nuko bamukura mu mukogote wiwe, bamushira mu wundi mukogote yari afise bamujana i Yerusalemu, apfirayo. Bamuhamba mu mva za ba sekuruza, maze Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu baramuririra.

25 Yeremiya yandika amajambo yo gucura intimba ku bwa Yosiya, kandi gushika n’ubu abagabo n’abagore b’abaririmvyi bose bama bibuka Yosiya mu gucura intimba. Ivyo vyabaye umugenzo mu Bisirayeli kandi vyanditswe mu ndirimbo zo gucura intimba.

26 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yosiya n’ibikorwa vyiwe vy’ubwizigirwa, nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vy’Uhoraho 27 ivyabaye vyose, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu gitabu c’abami b’Abisirayeli n’Abayuda.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-