1 Mu mwaka ugira cumi n’umunani Yerobowamu ari ku ngoma, ni ho Abiya yaba umwami w’i Buyuda, 2 maze aganza imyaka itatu aba i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Mayaka, umukobwa wa Uriyeli w’i Gibeya.
Havyuka intambara hagati ya Abiya na Yerobowamu. 3 Abiya aja mu ntambara afise ingabo ibihumbi amajana ane bashobora kugwana; maze Yerobowamu atonda urugamba ngo agwane na we ari kumwe n’ingabo ibihumbi amajana umunani bashoboye kugwana.
4 Abiya ahagarara ku musozi Zemarayimu, mu misozi y’Abefurayimu, maze aravuga ati: Yewe Yerobowamu namwe Bisirayeli mwese, munyumvirize! 5 Ntimuzi ko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yimitse Dawidi ngo abe umwami w’Abisirayeli n’abamukomokako ibihe vyose biciye mw’isezerano ry’umunyu? 6 Ariko Yerobowamu mwene Nebati, umukozi wa Salomo mwene Dawidi, yagararije shebuja. 7 Bamwe mu bantu b’imburakimazi, batisonera, bagiye hamwe baja aho ari kugira ngo bagwanye Rehobowamu mwene Salomo igihe yari akiri muto ataramenya gufata ingingo, kandi atarakomera ngo agwanye izo mburakimazi.
8 "None rero mwateguye kugwanya ubwami bwashizweho n’Uhoraho, buri mu minwe y’abakomoka kuri Dawidi. Egome muri ingabo nyinshi kandi muje mufise vya bigirwamana vy’inka bicuzwe mu nzahabu Yerobowamu yacurishije ngo bibe imana zanyu. 9 Ntimwirukanye abaherezi b’Uhoraho, bene Aroni, n’Abalewi, mukishiriraho abaherezi banyu nk’uko bigenda no mu yandi mahanga? Umuntu wese aje azanye ishuri n’impfizi z’intama indwi muca mumugira umuherezi w’ibitari imana vy’ukuri.
10 Ariko tweho, Uhoraho ni we Mana yacu, kandi ntitwigeze tumuhemukira. Abaherezi bahereza Uhoraho ni bene Aroni, kandi Abalewi ni bo babafasha. 11 Uko bukeye uko bwije bashikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa n’ibimota neza. Bama bategura ya mikate itambiwe kuri ya meza idahumanye kandi bagatunganya amatara ku giterekwako amatara c’inzahabu uko bukeye. Twama twitondera ivyo Uhoraho Imana yacu yihanikirije. Ariko mwebwe mwaramutaye. 12 Imana iri kumwe natwe; ni yo iturongora. Abaherezi bayo ni bo baza kuvuza inzamba y’akamo k’intambara nitwaza kubagwanya. Bagabo b’Abisirayeli, ntimugwanye Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza banyu, kuko mutazotsinda."
13 Muri ico gihe Yerobowamu yari yarungitse ingabo zimwe ngo zibaturuke inyuma, ku buryo izindi ngabo zisigaye zari zihanganye n’Abayuda, abandi babaturutse inyuma. 14 Abayuda bahindukiye babona ko batewe imbere n’inyuma. Nuko baca batakambira Uhoraho. Abaherezi bavuza inzamba zabo, 15 ingabo z’Abayuda ziha akamo. Bamaze kwiha akamo, Imana ica ikinagiza Yerobowamu n’Abisirayeli bose imbere ya Abiya n’Abayuda. 16 Abisirayeli bahunga Abayuda, maze Imana ibagabura mu maboko yabo. 17 Abiya n’abantu biwe babicamwo benshi, ingabo ibihumbi amajana atanu z’Abisirayeli zigwa muri iyo ntambara. 18 Kuri uwo musi ingabo z’Abisirayeli ziraneshwa bikomeye. Abayuda batahana intsinzi kuko bifatanije n’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza.
19 Abiya akinagiza Yerobowamu amunyaga ibisagara vy’i Beteli, Yeshana na Efuroni, hamwe n’utundi dutoduto tuhakikije. 20 Yerobowamu ntiyasubira kugira inkomezi mu gihe c’ingoma ya Abiya. Maze Uhoraho aramukubita arapfa.
21 Ariko Abiya we arushaho kuba umunyenkomezi. Arongora abagore icumi na bane avyara abahungu mirongo ibiri na babiri n’abakobwa icumi na batandatu.
22 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Abiya, ivyo yakoze n’ivyo yavuze, vyanditswe mu nkuru zanditswe n’uwavugishwa n’Imana Ido.