Publicidade

2 Crônicas 19

1 Yehoshafati umwami w’i Buyuda atahutse amahoro ku kirimba iwe i Yerusalemu, 2 Yehu uwerekwa, mwene Hanani, aja kumusanganira, aca amubwira ati: "Mbega vyari bikwiye ko uja gutabara urya muntu mubi ugakunda abansi b’Uhoraho? Kubera ivyo, wihamagariye uburake bw’Uhoraho. 3 Ariko, hariho iciza kiri muri wewe, kuko wakuye inkingi za Ashera mu gihugu kandi ugashira umutima wawe ku kurondera Imana."

Yehoshafati ashinga abacamanza

4 Yehoshafati aba i Yerusalemu, maze aragenda aja mu bantu baba i Berisheba mu misozi y’Abefurayimu abagarukana k’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza. 5 Ashiraho abacamanza mu gihugu, mu bisagara vyose bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda. 6 Ababwira ati: "Mumenye neza ivyo mukora, kuko mutariko mucira imanza abantu gusa, ariko muzica ku bw’Uhoraho, kandi ari kumwe namwe igihe muzica. 7 Nuko rero nimwubahe Uhoraho. Mwitonde mu guca imanza, kuko k’Uhoraho Imana yacu nta kurenganya canke guca iza ngondagonde, canke kurya ibiturire."

8 N’i Yerusalemu na ho nyene, Yehoshafati ashinga bamwe mu Balewi, abaherezi n’abakuru bo mu miryango y’Abisirayeli, ngo bakoreshe ivyagezwe vy’Uhoraho mu gutatura amatati; kandi baba i Yerusalemu. 9 Abaha aya mategeko ati: "Muze mukore mu bwizigirwa n’imitima yanyu yose, mwubaha Uhoraho. 10 Mu manza zose abavukanyi banyu b’Abisirayeli baba mu bisagara bazobazanira, zaba ari iz’amaraso canke ibindi bijanye n’ivyagezwe, amabwirizwa, amategeko n’ivyashinzwe, muze mubabwire ko badakwiye gucumura k’Uhoraho; bitari uko uburake bwiwe buzobazako mwebwe n’abavukanyi banyu. Muze mukore mutyo kugira ngo ntimucumure.

11 Amariya umuherezi mukuru ni we azobarongora mu bintu vyose vyerekeye Uhoraho. Zebadiya mwene Ishimayeli, umukuru w’umuryango wa Yuda, ni we azobarongora mu vyerekeye intwaro. Abalewi na bo bazoba abaraba ko ubutungane busasagaye. Mukorane umwete, kandi Uhoraho aze abane n’abazokora neza."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-