Publicidade

2 Crônicas 6

1 Maze Salomo avuga ati: "Ewe Uhoraho, wavuze ko uba mu gicu c’umwijima w’umuzitanya. 2 Ariko jewe nakwubakiye Ingoro y’igitangaza, ikibanza uzokwiberamwo ibihe vyose."

3 Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rigihagaze ngaho, umwami arahindukira arabahezagira. 4 Maze avuga ati:

"Uhoraho, Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, we ashikije n’amaboko yiwe ivyo yari yarasezeraniye data Dawidi n’akanwa kiwe, aho yavuga ati: 5 ‘Uhereye umusi nakuriye ubwoko bwanje mu gihugu ca Egiputa, sinigeze ntoranya igisagara na kimwe co mu miryango ya Isirayeli ngo cubakwemwo Ingoro yitirirwa izina ryanje, canke ngo ntoranye umuntu n’umwe ngo abe uwo kurongora ubwoko bwanje bw’Abisirayeli. 6 Ariko ubu ntoranije Yerusalemu ngo izina ryanje rihabe, kandi ntoranije Dawidi kugira ngo abe ari we aganza abantu banje b’Abisirayeli.’

7 Data Dawidi yari afise umugambi mu mutima wo kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli; 8 ariko Uhoraho amubwira ati: ‘Wagize neza kwiyumvira kwubakira Ingoro izina ryanje, 9 ariko si wewe uzoyubaka. Umuhungu wawe, uwo wivyariye, ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’

10 Uhoraho yazigamye isezerano ryiwe. Yansubije mu gishingo ca data Dawidi; none ubu nicaye ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli, nk’uko Uhoraho yabisezeranye, kandi nanje nubatse Ingoro yo guhesha icubahiro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli. 11 Aho ni ho nashize ya sandugu irimwo rya sezerano Uhoraho yagiranye n’ubwoko bw’Abisirayeli."

Salomo asenga isengesho ryo gushikiriza iyo Ngoro

12 Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho n’imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko yiwe. 13 Salomo yari yarubatse hagati na hagati muri rwa rugo, ahantu hataramutse ho guhagarara mu butare bw’umwakaka, hangana n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure n’ubwaguke, hakagira n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’igihagararo. Ahagararaho, araheza apfukama imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko ayerekeje mw’ijuru. 14 Nuko aravuga ati:

"Ewe Uhoraho Mana ya Isirayeli, nta yindi Mana ihwanye nawe mw’ijuru no mw’isi, wewe uzigama isezerano wagiriye abasavyi bawe, bagukurikira n’imitima yabo yose. 15 Wazigamye isezerano wagiriye data Dawidi umusavyi wawe, urisezeranishije akanwa kawe, none uwu musi urishikishije amaboko yawe.

16 None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, zigamira umusavyi wawe Dawidi ari we data, isezerano wamugiriye, aho wavuga uti: ‘Mu ruvyaro rwawe, ntihazokwigera habura uwuba ku ngoma ya Isirayeli, nirwagendera mu Vyagezwe vyanje nk’uko wabigendeyemwo.’ 17 None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, shitsa isezerano wasezeraniye data Dawidi umusavyi wawe.

18 Ariko none vy’ukuri Imana izoba hano kw’isi ibane n’abantu? Ko amajuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, udashobora kuyakwirwamwo, mbe ndareka iyi Ngoro nubatse! 19 Ariko wumvirize ugusenga n’ukwinginga kwanje, Uhoraho Mana yanje. Wumve ugutakamba n’ugusenga kw’umusavyi wawe ari imbere yawe. 20 Inyonga zawe zize zame ziri kuri iyi Ngoro ku murango no mw’ijoro, aha hantu wavuze ko uzoshira izina ryawe. Uzokwame wumva amasengesho umusavyi wawe azosengera hano hantu. 21 Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli nibasenga batumbereye iyi ngoro. Uze ubumvirize uri mw’ijuru, aho uba; kandi niwabumva, ubaharire.

22 Umuntu niyagirira nabi mugenziwe maze bigasabwa ko bamurahiza ko atabikoze, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe kiri muri iyi Ngoro, 23 uze uvyumve uri mw’ijuru ucire urubanza abantu bawe. Uwakoze ikibi atsindwe, ivyo yakoze bimusubire ku mutwe kandi hatsinde uwutacumuye, umwerekane kandi bimenyekane ko ata kimwagira.

24 Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kuko bagucumuyeko maze bagahindukira bagahimbaza izina ryawe, bagasenga binginga imbere yawe bari muri iyi Ngoro, 25 uzobumve uri mw’ijuru uharire icaha c’abantu bawe b’Abisirayeli ubagarukane mu gihugu wabahaye bo na ba sekuruza.

26 Ijuru niryugarwa imvura ntigwe kuko abantu bawe bagucumuyeko, maze bagasenga batumbereye aha hantu bagahimbaza izina ryawe, bagahindukira bakava mu caha cabo, umaze kubateza ivyago, 27 uze ubumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abasavyi bawe, ari bo bwoko bwawe bw’Abisirayeli. Uze ubigishe inzira zawe, maze urekurire imvura mu gihugu wahaye abantu bawe kw’umugabane.

28 Ikigoyi canke ikiza nivyatera mu gihugu, canke akaranda canke ururyi, inzige canke ibihori, canke abansi babo bakabugariza mu gisagara kimwe mu vyo babamwo, ikiza ico ari co cose canke ingwara iyo ari yo yose nivyabashikako, 29 maze hakagira na bamwe bo mu Bisirayeli basenga ku bw’imibabaro yo mu mitima yabo, bakarabisha ibiganza vyabo kuri iyi Ngoro, 30 nawe uze wumve uri mw’ijuru, aho wibera. Uze ubaharire, kandi ugirire umuntu wese ibihwanye n’ivyo yakoze, kuko uzi imitima yabo: ni wewe wenyene uzi imitima y’abana b’abantu. 31 Ni ho bazogutinya bakagendera mu nzira zawe ibihe vyose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza.

32 Mbere n’aho yoba umunyamahanga atari uwo mu bwoko bwawe bw’Abisirayeli, ariko akaza avuye mu gihugu ca kure ku bw’izina ryawe rihambaye n’ukuboko kwawe kw’inkomezi kandi kuramvuye; niyaza akagusenga atumbereye iyi Ngoro, 33 uze umwumve uri mw’ijuru, aho uba, ukorere uwo munyamahanga ico azoba agusavye cose, kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye izina ryawe akwubahe, nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bakora, kandi bamenye ko iyi Ngoro nubatse yitirirwa izina ryawe.

34 Abantu bawe nibaja mu ntambara kugwanya abansi babo, aho uzobarungika hose, maze bakagusenga batumbereye iki gisagara watoranije n’iyi Ngoro nubakiye izina ryawe, 35 nuko uze wumve ugusenga kwabo no kwinginga kwabo uri mw’ijuru, ubatabare.

36 Nibaramuka bagucumuyeko, kuko ata muntu adacumura, hanyuma uburake bwawe bukabaziriringira, maze ukabarekurira mu maboko y’abansi babo bakabatwara nk’inyagano mu bihugu vyabo, vyaba ivya hafi canke ivya kure; 37 maze nibahindukira mu mitima yabo bari mu gihugu bajanywemwo nk’inyagano, bakihana bakagusaba imbabazi bari muri ico gihugu c’ababanyaze bakavuga bati: ‘twaracumuye, twakoze nabi, twakoze ivyo kwankwa urunuka’; 38 maze bakagaruka kuri wewe n’imitima yabo yose n’imishaha yabo yose, bari mu gihugu c’abansi babo babagize inyagano, hanyuma bagasenga baraba mu gihugu wahaye ba sekuruza babo, no ku gisagara watoranije hamwe no kuri iyi Ngoro nubakiye izina ryawe; 39 nuko uri mw’ijuru, aho uba, uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo, uheze ubagwanirire. Uheze uharire abantu bawe, bagucumuyeko.

40 None rero, Mana yanje, inyonga zawe zame kuri aha hantu kandi amatwi yawe uyashire ku gusenga kwose kuzobera aha hantu.

41 Nuko rero haguruka, ewe Uhoraho Mana,

uze mu buruhukiro bwawe,

wewe n’Isandugu, ari co kimenyetso c’inkomezi zawe.

Abaherezi bawe, yewe Uhoraho Mana,

nibambare agakiza kawe,

abizigirwa bawe banezererwe

ukugira neza kwawe.

42 Yewe Uhoraho Mana, ntushiburire kure uwo warobanuje amavuta.

Wibuke urukundo ruhambaye wasezeraniye Dawidi umusavyi wawe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-