Pular para o conteúdo
Publicidade

2 Ngoma 5

1 Igikorwa cose Salomo yakoreye Ingoro yUhoraho giheze, aca yinjiza ibintu vyose se Dawidi yari yaragize inyegu yUhoraho: ifeza, inzahabu n’ibindi bikoresho abishira mu bubiko bw’iyo Ngoro y’Imana.

Bazana Isandugu yUhoraho mu Ngoro

2 Nuko umwami Salomo aca atumako abakuru b’Abisirayeli, abatware b’imiryango bose n’abaserukira amazu y’Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu kugira ngo bazane Isandugu y’Isezerano yUhoraho, bayikure aho yari iri i Siyoni mu Gisagara ca Dawidi, bayijane mu kibanza gishasha kiri muri iyo Ngoro. 3 Abisirayeli bose bakoranira imbere y’umwami ku musi mukuru w’insago, hari mu kwezi kw’indwi.

4 Abakuru bose b’Abisirayeli bamaze gushika, Abalewi baterura ya sandugu, 5 badugana Isandugu yUhoraho n’Ihema ry’Ibonaniro, badugana n’ibikoresho vyose vyakoreshwa muri ryo. Abaherezi ari bo Balewi ni bo babiduganye. 6 Umwami Salomo n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bakoraniye hamwe bari imbere y’iyo sandugu, batanga ibimazi vyinshi vy’intama n’inka bitashoboye kwandikwa canke ngo biharurwe.

7 Abo baherezi baca bajana iyo Sandugu y’Isezerano yUhoraho aho yateguriwe mu gice c’imbere mu Ngoro, ari ho hitwa Ahera Cane, baca bayishira musi y’amababa ya ba bakerubi. 8 Abo bakerubi bari bashanje amababa hejuru y’aho iyo Sandugu yari iri, agapfuka Isandugu hamwe n’imyamba bayireruza. 9 Iyo myamba yari miremire ku buryo umuntu ari Ahera Cane yashobora kubona aho igarukira. Ariko umuntu atarashika Ahera, ntivyashoboka ko ayibona; kandi n’uwu musi ni ho ikiri. 10 Nta kindi kintu cari muri iyo sandugu kiretse vya bisate Mose yashiramwo ari i Horebu, aho Uhoraho yagiraniye isezerano n’Abisirayeli bamaze kuva muri Egiputa.

11 Abaherezi baca barasohoka bava Ahera. Abaherezi bari ngaho bose bari bihumanuye, hadakurikijwe imice yabo. 12 Abalewi bose bari abaririmvyi, Asafu, Hemani, Yedutuni n’abahungu babo n’abiwabo bose, barahaguruka bahagarara mu buseruko bw’igicaniro, bambaye impuzu zera derere bavuza ivyuma bisama, inanga n’amakembe. Bari baherekejwe n’abaherezi ijana na mirongo ibiri bavuza inzamba. 13 Abavuza inzamba n’abaririmvyi baririmba mw’ijwi rimwe, nk’umuntu umwe, mu guhimbaza bashimira Uhoraho. Baherekejwe n’inzamba, ivyuma bisama n’ibindi bicurarangisho, bashira amajwi hejuru bahimbaza Uhoraho baririmba bati:

"Ni mwiza;

urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira."

Maze Ingoro yUhoraho yuzura igicu c’ubwiza, 14 abaherezi ntibaba bagishobora gukora igikorwa cabo kubera ico gicu, kuko ubwiza bwUhoraho bwari bwuzuye Ingoro y’Imana.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também