Publicidade

2 Crônicas 32

Senakeribu atera i Yerusalemu

1 Inyuma y’ivyo vyose Hezekiya yakoze mu bwizigirwa, Senakeribu umwami w’i Ashuri aza gutera i Buyuda. Yugariza ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye, agomba kuvyigarurira. 2 Maze Hezekiya abonye ko Senakeribu yaje kandi ko atumbereye kugwanya Yerusalemu, 3 avugana n’abaganwa biwe n’abakuru b’ingabo ngo bazibire amazi yo mu masoko yose yari inyuma y’igisagara, maze baramufasha. 4 Abantu benshi barakorana, bazibira amasoko yose n’umugezi wose watemba mu gihugu. Baravuga bati: "Ni iki cotuma umwami w’i Ashuri aza agasanga amazi yuzuye?" 5 Aca akora cane mu gusanura ibihengeri vyose vy’uruzitiro no mu kwubaka iminara kuri rwo. Yubaka n’urundi ruzitiro inyuma y’urwo, akomeza n’amabaraza yo mu Gisagara ca Dawidi. Yongera acurisha ibigwanisho vyinshi n’inkinzo nyinshi.

6 Ashinga abakuru b’ingabo bo kurongora abantu, aca arabakoranya imbere yiwe i ruhande y’irembo ry’igisagara, maze abatera intege muri aya majambo ati: 7 "Mukomere kandi mureme. Ntimutinye canke ngo mwihebure kubera umwami w’i Ashuri n’ingabo nyinshi ziri kumwe na we; kuko hari ubushobozi bwinshi buri kumwe natwe kuruta uburi kumwe na we. 8 We yishimikije inkomezi z’umuntu w’inyama n’amaraso, ariko tweho turi kumwe n’Uhoraho Imana yacu ngo itugwanire intambara." Maze abantu bararema kubw’amajambo Hezekiya umwami w’i Buyuda avuze.

9 Hanyuma y’ivyo, igihe Senakeribu umwami w’i Ashuri n’ingabo ziwe zose bari bugarije i Lakishi, yaciye arungika abaganwa biwe i Yerusalemu, abarungikana ubutumwa kwa Hezekiya umwami w’i Buyuda n’abantu bose b’i Buyuda bari aho, ati:

10 "Uku ni ko Senakeribu umwami w’i Ashuri avuze: ngo mbega mwishimirije iki cotuma muguma i Yerusalemu kandi hugarijwe? 11 Iyo Hezekiya ababwiye ngo: ‘Uhoraho Imana yacu iradukiza idukure mu kuboko kw’umwami w’i Ashuri,’ aba ariko arabahenda, kugira ngo mwicwe n’inzara n’inyota. 12 Mbega Hezekiya ubwiwe si we yakuyeho ibicaniro vyo ku misozi n’ibindi bicaniro vyose vy’imana, akabwira Abayuda n’ab’i Yerusalemu ati: ‘Muzohora musengera imbere y’igicaniro kimwe kandi ni co muzoturirirako ibimazi’?

13 Mbega ntimuzi ivyo twe na ba sogokuruza banje twakoreye abantu bose bo mu yandi mahanga? Mbega imana z’ayo mahanga hari aho zigeze zishobora kuyakiza ngo zikure igihugu cayo mu kuboko kwanje? 14 Mbega mu mana zose z’ayo mahanga ba data basanganguye, ni izihe zashoboye gukiza abantu bazo ukuboko kwanje? None imana yanyu yobakiza gute mu maboko yanje? 15 Nuko ntimwemere ko Hezekiya abahenda canke ngo abazimize kugeza hiyo. Ntimwemere ivyo ababwira, kuko ata mana y’ihanga na rimwe canke y’ubwami na bumwe yashoboye gukiza abantu bayo ngo ibakure mu kuboko kwanje canke kwa ba sogokuruza bacu. Mbega ibi ntibirushirije kubereka ko imana yanyu itazoshobora kubakura mu kuboko kwanje?"

16 Maze izo ntumwa za Senakeribu zivuga n’ibindi vyinshi vyo gucokora Uhoraho Imana n’umusavyi wayo Hezekiya. 17 Uwo mwami yandika n’ayandi amakete yo gutuka Uhoraho, Imana y’Abisirayeli; mu kuyicokora yongera avuga ngo: "Nk’uko imana z’ayandi mahanga zitashoboye gutabara abantu bazo ngo zibakure mu kuboko kwanje, ni ko n’imana ya Hezekiya itazokiza iri hanga mu kuboko kwanje." 18 Nuko bahamagara abantu b’i Yerusalemu bari ku ruzitiro, bababwira mu Giheburayo kugira ngo babace ivutu, maze babone gufata igisagara. 19 Bavuga Imana y’i Yerusalemu bayigereranya n’imana z’ayandi mahanga yo mw’isi, zakozwe n’intoke z’abantu.

20 Umwami Hezekiya n’uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amozi barasemerera, basenga barangamije mw’ijuru ku bw’ivyo. 21 Nuko Uhoraho arungika umumarayika, yica ingabo z’abahizi bose, harimwo n’intwazangabo nkurunkuru, abasanze aho umwami w’Abashuri yari acumbitse. Maze wa mwami w’Abashuri aca asubira inyuma mu gihugu ciwe ateterewe. Umusi umwe agiye mu ngoro y’imana yiwe, bamwe mu bahungu biwe bamucumita inkota arapfa.

22 Uko ni ko Uhoraho yatabaye Hezekiya n’abantu b’i Yerusalemu, abakiza ukuboko kwa Senakeribu umwami w’i Ashuri n’ukuboko kw’abandi bansi; abarinda impande zose. 23 Benshi bazanira Uhoraho ibimazi i Yerusalemu n’amashikanwa y’agaciro, bayazanira Hezekiya umwami w’i Buyuda. Kuva ico gihe amahanga yose aca aramutinya.

Ubwibone bwa Hezekiya, ivyo yakoze, n’urupfu rwiwe

24 Muri iyo misi Hezekiya aragwara ashika ku mpfiro. Asenga Uhoraho, na we aramwishura, amuha ikimenyetso c’igitangaza. 25 Ariko umutima wa Hezekiya wari wuzuye ubwibone bituma atamenya ubuntu yagiriwe. Nuko Uhoraho arakira Hezekiya, arakira Abayuda n’ab’i Yerusalemu bose. 26 Mu nyuma Hezekiya yihana ubwibone bwo mu mutima wiwe, n’ab’i Yerusalemu; ivyo bituma uburake bw’Uhoraho bubavako, ntiyasubira kubarakira mu misi yose Hezekiya yabayeho.

27 Hezekiya yari afise ubutunzi bwinshi n’icubahiro, kandi yari yaraziganije ifeza n’inzahabu n’amabuye y’igiciro, n’ibimota neza, inkinzo n’ibindi bintu vy’igiciro kinini. 28 Yubaka kandi amazu yo kwimburiramwo ingano, imivinyu n’amavuta; yubaka n’impongore z’amasho y’ubwoko bwose, n’iz’imikuku y’intama n’impene. 29 Yubaka ibigwati yironkera ibitigiri binini vy’imikuku n’amasho, kuko Imana yari yamuhaye ubutunzi bwinshi cane.

30 Hezekiya ni we yagomeye amazi y’umugezi wa Gihoni aca ashiraho umuringoti w’amazi uyajana, uciye mu burengero bw’Igisagara ca Dawidi. Ivyo yipfuza gukora vyose yarabishikako. 31 Ariko igihe intumwa zatumwa kuri we zivuye ku baganza i Babiloni ngo bamubaze ivyerekeye ibitangaza vyari vyabaye mu gihugu, Imana iramureka kugira ngo imugeze imenye ivyari mu mutima wiwe vyose.

32 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Hezekiya n’ibikorwa vyiwe vy’ubwizigirwa, vyanditswe mu vyo uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amozi yeretswe, biri mu gitabu c’abami b’i Buyuda n’abo muri Isirayeli. 33 Nuko Hezekiya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku gasozi ahari itongo bahambamwo abo mu ruvyaro rwa Dawidi. Amaze gupfa, Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu bamuha icubahiro. Maze Manase umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-