1 Ahazi yari afise imyaka mirongo ibiri igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’itandatu ari i Yerusalemu. Ariko ntiyakora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko sekuruza Dawidi yakora. 2 Ahubwo yagendeye mu ngeso z’abami ba Isirayeli mbere akora ibigirwamana vya Bayali. 3 Aturirira ibimazi mu kiyaya ca Beni-Hinomu, yongera atanga abana biwe nk’ikimazi ngo baturirwe. Uko ni ko yakoze ibizira vy’ubuyobe vyakorwa n’amahanga Uhoraho yari yarirukanye muri ico gihugu imbere y’Abisirayeli. 4 Yatanga ibimazi akongera agaturira n’ibimota neza, ivyo akabikorera hejuru mu mataba y’imisozi miremire no musi y’igiti cose gitotahaye.
5 Ni co catumye Uhoraho Imana yiwe amutanga mu maboko y’umwami w’i Siriya. Abasiriya baramunesha, bafata mpiri abantu biwe benshi babagira imbohe, babajana i Damasiko.
Yongera amutanga mu maboko y’umwami w’Abisirayeli, aramunesha bikomeye kandi ahatakariza ibintu vyinshi. 6 Kandi Peka mwene Remaliya, yica mu Bayuda ingabo ibihumbi ijana na mirongo ibiri ku musi umwe; kuko Abayuda bari bahevye Uhoraho Imana ya ba sekuruza. 7 Zikuri, umugwanyi w’Umwefurayimu, yica Mayaseya umuhungu w’umwami, yica Azurikamu umukuru w’ingabo ajejwe ikirimba, na Elukana yari icegera c’umwami. 8 Abagabo b’Abisirayeli bafata mpiri abavukanyi babo bakomotse i Buyuda, babatwara abagore ibihumbi amajana abiri, hamwe n’abahungu n’abakobwa. Babasahura n’ibintu vyinshi, babijana i Samariya.
9 Ariko uwavugishwa n’Uhoraho yitwa Odedi yari ngaho i Samariya, aca aja guhura n’ingabo zariko ziratahuka. Arababwira ati: "Kubera Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu yashavuriye Ubuyuda, yabagabuye mu maboko yanyu. Ariko rero mwarengeje urugero, mubarandurana uburake bwinshi, ku buryo vyashitse no mw’ijuru. 10 None ubu na ho mushaka ko abagabo n’abagore mwakuye i Buyuda n’i Yerusalemu bahinduka abagurano banyu. Mbega none mweho ntimufise ivyaha Uhoraho Imana yanyu abagiriza? 11 None rero, nimunyumvirize! Nimurungike bagenzi banyu, bamwe mwafata nk’imbohe basubire inyuma, kuko uburake bw’Uhoraho buri kuri mwebwe."
12 Nuko bamwe mu batware bo mu Befurayimu, Azariya mwene Yehohanani, Berekiya mwene Meshilemoti, Yehizikiya mwene Shalumu, na Amasa mwene Hadulayi; bahangana n’abari bavuye ku rugamba. 13 Baravuga bati: "Ntimuzane izo mbohe hano, kuko twoba ducumuye imbere y’Uhoraho. Mugomba mwongereze ivyaha vyacu? Musanzwe muzi ko icaha cacu ari kinini, kandi uburake bw’inkazi bwiwe bukaba buri ku Bisirayeli."
14 Nuko izo ngabo zica zisiga abo bantu b’imbohe hamwe n’ivyasahuwe imbere y’abo bakuru n’ikoraniro ryose. 15 Abantu batowe kandi bagatororokanywa umwe wese ahamagawe izina bafata izo mbohe, maze bakura impuzu mu vyasahuwe, bambika abari gusa bo muri bo. Babaha impuzu n’ibirato, n’ivyokurya n’ivyo kunywa; babaha kandi n’imiti yo kuvura abakomeretse. Bashira ku ndogoba abarushe cane muri bo, maze babasubiza mu b’iwabo i Yeriko, igisagara c’ibigazi, baca basubira i Samariya.
16 Muri ico gihe umwami Ahazi atumako umwami w’i Ashuri ngo amutabare, kuko 17 Abanyedomu bari bongeye kugaruka gutera i Buyuda, bagatwara n’imbohe. 18 Abafilisitiya na bo bari bateye ibisagara vyo mu biyaya n’i Negebu h’i Buyuda; bafata Beti-Shemeshi, Ayaloni n’i Gederoti, hamwe n’i Soko, Timuna n’i Gimuzo, n’ibigwati bihakikije, baravyigarurira. 19 Uhoraho yari yacishije bugufi cane Abayuda kubera Ahazi umwami wa Isirayeli yari yatumye Abayuda bakora ibibi; mbere akarushiriza kuba mubi imbere y’Uhoraho. 20 Tigulati-Pilineseri umwami w’i Ashuri aramwitaba araza, ariko aho kumufasha, amufata nk’umwansi aza kumugwanya. 21 Ico gihe Ahazi yari yafashe bimwe mu bintu vyo mu Ngoro y’Uhoraho n’ivyo mu ngoro y’i bwami no mu mazu y’abaganwa, abiha umwami w’i Ashuri; ariko ivyo nta co vyamumariye.
22 No mu gihe c’ivyago umwami Ahazi yaburaniwe, arushiriza kugarariza Uhoraho. 23 Ashikanira ibimazi ibigirwamana vy’i Damasiko, kuko abantu baho bamunesheje; akiyumvira ati: "Ko imana z’abami b’i Siriya zabafashije, ndazishikaniye ibimazi nanje zontabara." Ariko zamubereye umutego we hamwe n’Abisirayeli bose.
24 Ahazi yegeranya ibikoresho vyose vyari mu Ngoro y’Imana arabimenagura. Araheza yugara inzugi z’Ingoro y’Uhoraho aca yubaka ibicaniro ku mayirabiri yose y’i Yerusalemu. 25 Mu gisagara cose c’i Buyuda, ashinga ku misozi miremire ibibanza vyo gutuririramwo ibimota neza, no gushikaniramwo ibimazi izindi mana, ivyo vyongera kuvyura uburake bw’Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
26 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Ahazi n’ivyerekeye inzira ziwe, uhereye ku ntango ugashika ku mpera, vyanditswe mu gitabu c’abami b’i Buyuda n’Abisirayeli. 27 Ahazi arapfa, ahamvya ba sekuruza, ahambwa i Yerusalemu, ariko ntiyashirwa mu mva z’abami ba Isirayeli. Maze umuhungu wiwe Hezekiya amusubirira ku ngoma.