Publicidade

2 Crônicas 18

Mikaya aburira Ahabu

1 Muri ico gihe Yehoshafati yari afise itunga ryinshi n’icubahiro cinshi, maze yifatanya na Ahabu biciye mu gusabira umuhungu wiwe umukobwa wa Ahabu. 2 Haheze imyaka mikeya, Yehoshafati amanuka i Samariya kuramutsa Ahabu. Maze Ahabu abagira Yehoshafati n’abo bari kumwe intama nyinshi n’inka nyinshi, aca amusaba ngo bajane gutera i Ramoti Gileyadi. 3 Ahabu umwami wa Isirayeli abaza Yehoshafati umwami w’i Buyuda ati: "Mbega wojana nanje kugwanya ab’i Ramoti Gileyadi?"

Yehoshafati amwishura ati: "Twe nawe turi bamwe, kandi abantu banje ni abawe; turifatanya namwe muri iyo ntambara." 4 Ariko Yehoshafati yongerako abwira umwami w’Abisirayeli ati: "Reka tubanze tugishe inama Uhoraho."

5 Nuko umwami w’Abisirayeli akoranya abavugishwa; bose hamwe bari abagabo amajana ane. Araheza ababaza ati: "Mbega mubona twoja gutera i Ramoti Gileyadi, canke tureke?"

Barishura bati: "Nimugende, kuko Imana izohatanga mu kuboko kwawe mwami."

6 Ariko Yehoshafati arabaza ati: "Mbega ngaha nta muvugishwa w’Uhoraho n’umwe akihari twobaza?"

7 Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati ati: "Haracariho uwundi muvugishwa umwe yotubariza Uhoraho, ariko ndamwanka kuko atigera avugishwa ivyiza kuri jewe, atari ibibi. Ni Mikaya mwene Imula."

Yehoshafati aramwishura ati: "Umwami ntakwiye kuvuga atyo."

8 Nuko umwami w’Abisirayeli ahamagara umwe mu batware biwe amubwira ati: "Nyaruka uzane Mikaya mwene Imula."

9 Ahabu umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’i Buyuda, bari bambaye amakanzu yabo y’inyambarabami, bicara ku ntebe z’ubwami ku mbuga yo gusekurirako ingano iri kw’irembo ry’i Samariya, abavugishwa bavugishirizwa imbere yabo. 10 Maze Zedekiya mwene Kenayana yari yarakoze amahembe y’icuma, aca avuga ati: "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Aya ni yo uzokwicisha Abasiriya gushika ubaranduye.’ "

11 Abandi bavugishwa bose na bo nyene bavugishwa ukwo nyene, bati: "Genda utere i Ramoti Gileyadi, uzohatsinda, kuko Uhoraho azohatanga mu maboko y’umwami."

12 Ya ntumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubwira iti: "Raba abandi bavugishwa bose bahurije hamwe nk’umuntu umwe mu kuvugishwa intsinzi y’umwami. Ijambo ryawe rero rize kumera nk’iryabo, uvuge ivyiza."

13 Ariko Mikaya amwishura ati: "Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ico Imana imbwira ni co nja kuvuga."

14 Ashitse, umwami aramubaza ati: "Mikaya, mbega tuje gutera i Ramoti Gileyadi, canke tureke?"

Aramwishura ati: "Genda uhatere kandi uzotsinda, kuko hazotangwa mu maboko yawe."

15 Umwami aca amubwira ati: "Nzogeza ryari kukurahiza kugira ngo ntihagire ikindi umbwira atari ukuri mw’izina ry’Uhoraho?"

16 Mikaya amwishura ati: "Mu kwerekwa nabonye Abisirayeli bashwiragiye ku misozi nk’intama zitagira umwungere, Uhoraho aca ambarira ati: ‘Abo bantu ntibagira shebuja. Barungike umwe wese atahe mu rugo rwiwe amahoro.’ "

17 Umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati ati: "Sinakubwiye ko atigera avugishwa iciza na kimwe kuri jewe, atari ibibi gusa?"

18 Mikaya arabandanya ati: "Nuko niwumve ijambo ry’Uhoraho: Nabonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami ari kumwe n’ingabo zo mw’ijuru zihagaze i buryo n’i bubamfu bwiwe. 19 Maze Uhoraho avuga ati: ‘Ni nde yokwosha Ahabu umwami w’Abisirayeli ngo aje gutera i Ramoti Gileyadi kugira ngo aze yicirweyo?’

Umwe akavuga ibi, uwundi ibindi. 20 Mu nyuma ni ho haza impwemu ihagarara imbere y’Uhoraho, imubwira iti: ‘Jewe nomwosha!’

Uhoraho ayibaza ati: ‘Uzobikora gute?’

21 Na yo yishura iti: ‘Nzosohoka mbe impwemu yo kubesha mu kanwa k’abavugishwa biwe bose.’ Uhoraho ayibwira ati: ‘Ni vyo, uzoshobora kumwosha! Genda ubikore.’

22 None rero, ehe raba Uhoraho yashize impwemu yo kubesha mu kanwa k’abavugishwa bawe, kuko yamaze gufata ingingo yo kugusukako ivyago."

23 Nuko Zedekiya mwene Kenayana ava hasi akubita ikofe Mikaya. Amubaza ati: "Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye mu yihe nzira iva kuri jewe iza kuvugana nawe?"

24 Mikaya amwishura ati: "Uzobimenya umusi uzobura aho winyegeza, ukajarajara uva mu cumba kimwe uja mu kindi."

25 Umwami w’Abisirayeli atanga itegeko ati: "Nimumufate, mumujane kwa Amoni umukuru w’igisagara no kwa Yowashi umwana w’umwami. 26 Mubabwire muti: ‘Umwami avuze ngo: Uyu mugabo nimumushire mw’ibohero, ntihagire ikindi mumugaburira atari umukate n’amazi vy’inticantikize, gushika aho nzogarukira amahoro mvuye ku rugamba.’ "

27 Mikaya na we aca avuga ati: "Niwagaruka amahoro, nzoba ntavugishijwe n’Uhoraho!" Yongera abwira abari ngaho ati: "Yemwe bantu mwese, muraba muvyumvise!"

Ahabu agwa i Ramoti Gileyadi

28 Nuko umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’i Buyuda baraduga baja gutera i Ramoti Gileyadi. 29 Umwami wa Isirayeli abarira Yehoshafati ati: "Nja kwinjira mu rugamba niyoberanije, ariko wewe ugume wambaye impuzu zawe z’inyambarabami." Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya baja ku rugamba.

30 Umwami w’i Siriya ategeka abarongora abagwanira ku mikogote yiwe mirongo itatu na babiri ati: "Ntihagire uwundi muntu n’umwe mutera, yaba muto canke mukuru, atari umwami w’Abisirayeli." 31 Ba bakuru b’abagwanira ku mikogote babonye Yehoshafati, baribwira bati: "Nta gukeka, uwu ni we mwami w’Abisirayeli." Nuko barahindukira ngo bamutere, ariko Yehoshafati arataka, Uhoraho aramutabara. Imana ibigiza kure yiwe, 32 kuko aho abatwara umukogote baboneye ko atari umwami w’Abisirayeli, baciye bareka kumukurikira.

33 Ariko umuntu umwe afora umuheto apfa kurasa, aca agema umwami w’Abisirayeli aho ivyuma bimukingira bihurira. Umwami aca abwira uwatwara umukogote wiwe ati: "Hindukira unkure mu rugamba, ndakomeretse." 34 Ariko kuri uwo musi, urugamba rurushiriza gukomera, maze umwami w’Abisirayeli bapfa kumushigikirira aho nyene mu mukogote, aguma ameze nk’uwuhanganye n’Abasiriya kugeza ku mugoroba; maze nko ku kirengazuba aracikana.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-