1 Rehobowamu aja i Shekemu aho Abisirayeli bose bari bakoraniye kugira ngo bamwimike abe umwami. 2 Yerobowamu mwene Nebati avyumvise ari muri Egiputa, aho yari yarahungiye umwami Salomo, aca aragaruka. 3 Nuko batumako Yerobowamu, maze we n’Abisirayeli bose baja aho Rehobowamu ari bamubwira bati: 4 "So yadutwaje umukazo, none turagusavye utugabanirize umuruho w’ibikorwa bigoye yadutegetse gukora, natwe tuzoba abasavyi bawe."
5 Rehobowamu abishura ati: "Muze mugaruke haciye imisi itatu." Nuko abo bantu baca baragenda.
6 Umwami Rehobowamu aca agisha inama abatware bakoranye na se Salomo akiriho. Arababaza ati: "Mungiriye inama ki? Aba bantu ndabishure iki?"
7 Na bo baramwishura bati: "Niwagirira neza aba bantu ukabanezereza, ukabaha inyishu nziza, bazokwama bagukorera ibihe vyose."
8 Ariko Rehobowamu yanka impanuro abahumure bamuhaye, aca asiguza abasore bakuranye na we bari mu bamukorera. 9 Arababaza ati: "Mumpanuye iki? Nokwishura iki aba bantu bambwiye bati: ‘Turemurure umutwaro so yaturemetse’?"
10 Ba basore bakuranye na we bamwishura bati: "Abo bantu bakubwiye bati, ‘So yaturemetse imitwaro ituvuna, ariko weho uturemurure iyo mitwaro’; babwire uti, ‘Urutoke rwanje rw’uruhererezi rusumvya ubunini umugongo wa data. 11 Data yabaremereje ibikorwa vyinshi, ni ko: ariko jeho nzobibaremereza gusumba. Data yabakubitisha ikimoko, jeho nzobarisha sikoropiyo!’ "
12 Haheze imisi itatu, Yerobowamu na ba bantu bagaruka kuraba umwami Rehobowamu, nk’uko yari yabibabwiye, ati: "Muze mugaruke mu misi itatu." 13 Maze umwami Rehobowamu abishura abakankamira, kuko yari yanse impanuro yahawe n’abahumure, 14 akumvira impanuro z’imisore yakuranye na we. Abishura ati: "Data yabaremereje ibikorwa bigoye, jeho nzobibaremereza gusumba. Data yabakubitisha ikimoko, jeho nzobarisha sikoropiyo." 15 Nuko umwami ntiyumvira abo bantu, kuko Imana ari yo yatumye vyose bigenda gutyo, kugira ngo Uhoraho ashitse ico yari yarasezeraniye Yerobowamu mwene Nebati, abicishije kuri Ahiya w’i Shilo.
16 Abisirayeli bose babonye ko umwami yanse kubumviriza, bishura umwami bati:
"Hari umugabane dufise mu muryango wa Dawidi?
Nta co twiteze kuronka kuri mwene Isayi.
Yemwe Bisirayeli, mwese nimusubire mu ngo zanyu.
Nawe Dawidi, urimenya urabe ab’inzu yawe!"
Nuko Abisirayeli bose basubira iwabo. 17 Ariko Abisirayeli bagumye baba mu bisagara vy’i Buyuda, bobo Rehobowamu yagumye abaganza.
18 Umwami Rehobowamu arungika Hadoramu yari ajejwe ibikorwa vy’agahato, kugira ngo agarukane umutekano, ariko Abisirayeli bamutera amabuye arapfa. Maze umwami Rehobowamu, yurira umukogote wiwe arahunga aja i Yerusalemu. 19 Uko ni ko imiryango ya Isirayeli yo mu buraruko yanse kuganzwa n’inzu ya Dawidi gushika n’uwu musi.