1 Salomo acurisha mu butare bwitwa umwakaka igicaniro kingana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure, ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’ubwaguke hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko cumi z’igihagararo. 2 Yongera akoresha ibesani nini ayita ikiyaga, bayikora ari umuzingi mu butare bw’umwakaka. Ubwaguke bwayo ku rubiga, uva ku ruhande rumwe uja ku rundi uciye hagati bwangana n’ingero z’igice c’ukuboko cumi, kandi yari ifise igihagararo kingana n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu. Uburebure bw’uwo muzingi na wo uwuzungurutse bwari ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu. 3 Musi y’urubiga, hari ibibumbano bisa n’impfizi z’inka bikikuje hose, vyari cumicumi ku hantu hangana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe. Ivyo bibumbano vy’impfizi vyari bitonze ku mirongo ibiri bifatanye n’ico kiyaga gikozwe mu butare bw’umwakaka.
4 Iyo besani yari ihagaze ku bibumbano vy’impfizi cumi na zibiri zicuzwe mu butare bw’umwakaka, zitatu zikaraba mu buraruko, zitatu mu burengero, izindi zitatu mu bumanuko hamwe n’izindi zitatu zaraba mu buseruko. Iyo besani bita ikiyaga, yari iteretse hejuru kuri ivyo bibumbano vy’izo mpfizi, maze ibice vy’inyuma vyazo bikaraba hagati musi y’ico kiyaga. 5 Cari gifise intimbatimba ingana n’ikiganza c’umuntu, kandi urubiga rwaco rwari rumeze nk’urw’igikombe, nk’ishurwe ry’ikirungu risambuye. Cashobora kwuzuzwa n’ingero batu ibihumbi bitatu.
6 Salomo aca akoresha amabesani matomato cumi yo kwogerezamwo ibikoresho bakoresha mu gutanga ibimazi bitongozwa umuriro: atanu ayashira ku ruhande rw’ubumanuko, ayandi atanu ayashira ku ruhande rwo mu buraruko. Ariko ya besani yitwa ikiyaga, yari iyo abaherezi bakarabiramwo.
7 Salomo akoresha ibiterekwako amatara cumi nk’uko amategeko yavyo yari ari, abishira mu Ngoro, bitanu mu ruhande rw’ubumanuko, bindi bitanu mu ruhande rw’uburaruko.
8 Salomo akoresha imeza icumi azishira mu Ngoro, zitanu zija mu ruhande rwo mu bumanuko izindi zitanu zija mu ruhande rwo mu buraruko. Yongera akoresha mu nzahabu utubakure two kumijagira ijana.
9 Yubakisha n’ibaraza ry’abaherezi, hamwe n’ikindi kibanza c’ibaraza kinini. Aca akoresha n’inzugi z’imiryango ija muri ayo mabaraza, azomekako ubutare bw’umwakaka. 10 Ashira ya besani yitwa ikiyaga ku ruhande rw’ubumanuko, mu gice c’iyo Ngoro giherereye mu buseruko.
11 Huramu yarakoze kandi inkono, ivyaruzo, hamwe n’utubakure two kumijagira.
Maze Huramu aheraheza ico gikorwa c’umwami Salomo yari yatanguye mu Ngoro y’Imana:
12 za nkingi zibiri;
ya myashi ibiri imeze nk’ibikombe yo ku mutwe w’izo nkingi;
ya migufu ibiri isobekeranye yo gushariza iyo myashi ibumbwe bwa bikombe biri ku mitwe y’izo nkingi;
13 vya bicurano bisa n’amakomamanga amajana ane yo kuri ya migufu ibiri; imirongo ibiri y’ibisa n’amakomamanga ku mugufu umwumwe usharije ya myashi iri ku mitwe ya za nkingi;
14 Ivyo guterekako ya mabesani hamwe n’ayo mabesani nyene;
15 ca kiyaga na vya bibumbano vy’amashuri cumi n’abiri cari giteretseko;
16 za nkono, vya vyaruzo, amakanya yo guterura inyama n’ibindi bikoresho bijanye na vyo.
Ibikoresho vyose Huramu Abi yakoreye umwami Salomo ku bw’iyo Ngoro y’Uhoraho vyari mu butare bw’umwakaka uhinguwe neza. 17 Umwami ategeka ko bifyaturirwa mu maforoma y’ibumba mu kiyaya ca Yorodani hagati ya Sukoti na Zereda. 18 Ivyo bintu vyose Salomo yakoze vyari vyinshi cane ku buryo igipimo c’ubutare bw’umwakaka bwakoreshejwe kitashobora kumenyekana.
19 Salomo yongera akora ibikoresho vyose vyari mu Ngoro y’Imana:
igicaniro c’inzahabu,
imeza yo gushirako ya mikate ihezagiye,
20 vya biterekwako amatara vy’inzahabu ihinguwe neza n’amatara yavyo, yo kubonesha imbere y’Ahera Cane nk’uko vyategetswe;
21 ya mashurwe acuzwe mu nzahabu, amatara, n’ivyo kuyora umunyota vyose vyari bikozwe mu nzahabu ihinguye neza;
22 imbugita, utubakure, ibikombe n’udusahani tw’umunyota bicuzwe mu nzahabu ihinguye neza; n’inzugi z’Ingoro zikozwe mu nzahabu: inzugi zinjira Ahera n’iz’Ahera Cane.