Publicidade

2 Crônicas 34

Ivyo Yosiya yahinduye

1 Yosiya yari afise imyaka umunani igihe yaba umwami, aca aganza imyaka mirongo itatu n’umwe ari i Yerusalemu. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe; agendera mu nzira za sekuruza Dawidi, ntiyahengamira i buryo canke i bubamfu.

3 Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, mu gihe yari akiri muto, atangura kurondera Imana ya sekuruza Dawidi. Mu mwaka ugira cumi na kabiri atangura guhumanura i Buyuda n’i Yerusalemu, akuraho ibicaniro vyo hejuru ku mataba y’imisozi, akuraho inkingi za Ashera, akuraho n’ibishushanyo bibajwe n’ibicuzwe. 4 Ategeka ko basenyurira hasi ibicaniro vya Bayali; abomora ibicaniro baturirirako ibimota neza vyari hejuru kuri ivyo bigirwamana, asenyura n’inkingi za Ashera, ibigirwamana n’ibishushanyo. Ivyo yarabijanjaguye bicika umukungugu, aca awusuka ku mva z’ababishikaniye ibimazi; 5 yongera aturirira amagufa y’abaherezi ku bicaniro vyabo. Uko ni ko yahumanuye Ubuyuda n’i Yerusalemu. 6 Mu bisagara vy’Abamanase, Abefurayimu n’Abasimeyoni gushika mu Banafutali, no mu misaka yose yari ihakikije, 7 ahomvorera hasi ibicaniro n’inkingi za Ashera, amenagura n’ibigirwamana bicika umukungugu, asenyagurira hasi ibicaniro baturirirako ibimota neza mu gihugu cose ca Isirayeli, aca asubira i Yerusalemu.

8 Mu mwaka ugira cumi n’umunani umwami Yosiya ari ku ngoma, mu guhumanura igihugu n’Ingoro, arungika Shafani mwene Azaliya na Mayaseya umukuru w’igisagara, hamwe na Yowa mwene Yowahazi, umwanditsi, ngo basanure Ingoro y’Uhoraho Imana yiwe.

9 Baja kwa Hilukiya umuherezi mukuru bamuha amahera yari yazanywe mu Ngoro y’Imana, ayo Abalewi bari bajejwe kurinda amarembo bari baregeranije mu bantu bava mu miryango y’Abamanase n’Abefurayimu, mu masigarira yose y’Abisirayeli, mu bantu bose b’i Buyuda, mu muryango w’Ababenyamini no mu baba i Yerusalemu. 10 Na bo bayahereza abantu bagenewe gukurikirana ico gikorwa c’Ingoro y’Uhoraho. Abo bantu bahemba abakora ibikorwa vyo gusanura no gusubiramwo ingoro. 11 Baha amahera ababaji n’abubatsi ngo bagure amabuye abajwe, n’imbaho zo kubarata hejuru, mu gusanura inyubakwa abami b’i Buyuda bari bararetse zikaba imisaka.

12 Abo bantu bakora igikorwa mu bwizigirwa. Yahati na Obadiya, Abalewi bava mu Bamerari, hamwe na Zakariya na Meshulamu, bava mu Bakohati, ni bo bari barongoye abandi. Mu Balewi, abari bafise ubuhinga bwo kuvuza ibicurarangisho, 13 ni bo bari bajejwe abakozi, bagakurikirana abakozi bose bari mu bikorwa bitandukanye. Bamwe bo mu Balewi bari abanyamabanga, abanditsi n’abarinzi b’amarembo.

Batora Igitabu c’ivyagezwe

14 Bakiriko barasohora amahera yari yazanywe mu Ngoro y’Uhoraho, Hilukiya umuherezi arenguka ku gitabu c’ivyagezwe vy’Uhoraho vyahawe Abisirayeli biciye kuri Mose. 15 Hilukiya abwira Shafani umwanditsi ati: "Ndatoye Igitabu c’Ivyagezwe mu Ngoro y’Uhoraho." Aca agiha Shafani.

16 Maze Shafani ashira ico gitabu umwami aca amubwira ati: "Abasavyi bawe bariko barakora ivyo basabwe gukora vyose. 17 Barakiriye amahera yari mu Ngoro y’Uhoraho bayazeza abashinzwe gukurikirana abakozi." 18 Nuko Shafani umwanditsi arongera abwira umwami ati: "Hilukiya umuherezi yampaye igitabu." Maze Shafani agisomera imbere y’umwami.

19 Umwami yumvise amajambo ari mu Vyagezwe, yitabagurirako impuzu. 20 Aca ategeka Hilukiya, Ahikamu mwene Shafani, Abudoni mwene Mika, Shafani umunyamabanga w’umwami na Asaya umukozi w’umwami, ati: 21 "Nimugende munsigurize Uhoraho, jewe n’amasigarira ari muri Isirayeli n’i Buyuda, ku vyerekeye ivyanditswe muri iki gitabu catowe. Uburake bw’Uhoraho bwasutswe kuri twebwe burateye ubwoba kuko ba sogokuruza batitondeye ijambo ry’Uhoraho, ngo bakore ibihwanye n’ivyanditswe muri iki gitabu."

22 Hilukiya n’abo umwami yari yarungitse baja kuvugana na Hulida umuvugishwa, yari umugore wa Shalumu mwene Tokati, Tokati mwene Hasira uwari ajejwe imyambaro. Uwo Hulida yaba i Yerusalemu, mu gice gishasha c’igisagara.

23 Na we ababwira ati: "Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: Nimugende mubwire uwabantumyeko muti: 24 Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Ngiye guteza icago aha hantu n’abantu baho, mu gushitsa imivumo yose yanditswe muri ico gitabu casomewe imbere y’umwami w’i Buyuda. 25 Kuko bantaye, bagaturirira ibimota neza izindi mana, bakandakisha izo nyene amaboko yabo yakoze, uburake bwanje buzosukwa aha hantu, kandi nta kizobuhwamika.’ 26 Nimugende mubwire umwami w’i Buyuda yabatumye kumusiguriza Uhoraho, muti: ‘Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ku vyerekeye amajambo wumvise: 27 Ko umutima wawe wakozweko, ukicisha bugufi imbere y’Imana ucumva amajambo yavuze kuri aha hantu no ku bantu baho, kandi ko wicishije bugufi imbere yanje ukitabagurirako impuzu, ukaririra imbere yanje; nanje nakwumvise, ni ko Uhoraho avuze. 28 None rero nzoguha kwitahira amahoro uhamvye ba sogokuruza bawe. Amaso yawe ntazobona ivyago vyose ngiye guteza aha hantu n’abantu bose bahaba.’ "

Nuko bashira umwami iyo nyishu abahaye.

29 Maze umwami akoranya abakuru bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu. 30 Adugana ku Ngoro y’Uhoraho n’abantu bose b’i Buyuda, ababa i Yerusalemu, abaherezi n’Abalewi, n’abantu bose uhereye ku mukuru ugashitsa ku muto. Abasomera amajambo yo muri ca Gitabu c’Isezerano, cari catowe mu Ngoro y’Uhoraho. 31 Umwami ahagarara mu kibanza ciwe, asubizaho isezerano imbere y’Uhoraho ko agiye kwubaha Uhoraho no gukurikiza amabwirizwa, amategeko hamwe n’ivyagezwe vyiwe, akabikora n’umutima wiwe wose n’umushaha wiwe wose, mu gushitsa ivyanditswe muri ico gitabu.

32 Asaba abantu bose b’i Yerusalemu n’Ababenyamini kwiyemeza gushira mu ngiro iryo sezerano. Maze ab’i Yerusalemu bakora bisunze iryo sezerano ry’Imana ya ba sekuruza.

33 Yosiya akuraho ibigirwamana vy’ubuyobe vyose mu ntara yitirirwa Abisirayeli, ategeka abari mu Bwisirayeli ngo bakorere Uhoraho Imana yabo. Mu gihe cose yari akiriho, ntibigeze bareka gukurikira Uhoraho, Imana ya ba sekuruza babo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-