1 Hezekiya yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aganza imyaka mirongo ibiri n’icenda ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Abiya, umukobwa wa Zakariya. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko sekuruza Dawidi yakora.
3 Mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa mbere w’ingoma yiwe, yugurura inzugi z’Ingoro y’Uhoraho arazisanura. 4 Atumako abaherezi n’Abalewi, abakoraniriza ku kibuga ahahera mu buseruko, 5 avuga ati: "Nimunyumve yemwe Balewi! Nimwihumanure ubu nyene mwongere muhumanure n’Ingoro y’Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza. Mukure Ahera ibihumanya vyose. 6 Ba data ntibabaye abizigirwa; bakoze ibibi mu nyonga z’Uhoraho Imana yacu, baramuheba. Batera ibitugu inzu y’Uhoraho, na we nyene bamutera ibitugu. 7 Barongera bugara inzugi z’ibaraza, bazimya n’amatara. Vyongeye ntibashikaniye Imana y’Abisirayeli ibimota neza canke ikimazi na kimwe co guturirirwa Ahera hayo. 8 Ni co gituma uburake bw’Uhoraho bwasutswe ku Bayuda n’ab’i Yerusalemu; akabahindura ibimaramare, bakaba akabarore n’agatwengo, nk’uko mushobora kuvyibonera n’amaso yanyu. 9 Iki ni co catumye ba sogokuruza bacu bicwa n’inkota, abahungu bacu n’abakobwa bacu, eka mbere n’abagore bacu bakajanwa nk’imbohe. 10 None rero ubu nagabiye kugiriranira isezerano n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kugira ngo uburake bwiwe butuveko. 11 Nuko rero bagenzi, ibi ntimubifate minenerwe, kuko Uhoraho yabatoranije ngo muhagarare imbere yiwe mumukorera, ngo mukore igikorwa ciwe, mumuturirire ibimota neza."
12 Nuko aba Balewi baca bitegurira gukora.
Mu bakomoka mu nzu kwa Kohati ni:
Mahati mwene Amasayi na Yoweli mwene Azariya.
Mu bakomoka mu nzu kwa Merari ni:
Kishi mwene Abudi na Azariya mwene Yehaleleli.
Mu bakomoka mu nzu kwa Gerishoni ni:
Yowa mwene Zima na Edeni mwene Yowa.
13 Mu bakomoka mu nzu kwa Elizafani ni:
Shimuri na Yeyiyeli.
Mu bakomoka mu nzu kwa Asafu ni:
Zakariya na Mataniya.
14 Mu bakomoka mu nzu kwa Hemani ni:
Yehiyeli na Shimeyi.
Mu bakomoka mu nzu kwa Yedutuni ni:
Shemaya na Uziyeli.
15 Bamaze gukoranya benewabo b’Abalewi no kwihumanura, baca barinjira kugira ngo bahumanure Ingoro y’Uhoraho, nk’uko umwami yari yabibategetse, yisunze ijambo ry’Uhoraho. 16 Abaherezi binjira imbere mu Ngoro y’Uhoraho kugira ngo bayihumanure. Maze basohora hanze mu rugo rw’Ingoro y’Uhoraho ikintu cose gihumanye basanze muri iyo Ngoro. Abalewi na bo baca baravyakira babimanukana mu mwonga wa Kidironi. 17 Batanguye guhumanura Ingoro ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maze ku musi w’umunani w’ukwo kwezi bashika ku rwinjiriro rw’Ingoro y’Uhoraho. Mu misi umunani yakurikiye, bahumanura Ingoro ubwayo; barangiza ico gikorwa ku musi wa cumi na gatandatu w’ukwezi kwa mbere.
18 Baca binjira aho umwami Hezekiya yari ari bamubwira bati: "Twahumanuye ingoro yose y’Uhoraho, igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibikoresho vyaco, n’imeza y’imikate ishikaniwe Imana n’ibikoresho vyayo vyose. 19 Twateguye turongera turahumanura ibikoresho vyose umwami Ahazi yari yarasohoye kubera kutubaha Imana kwiwe igihe yari umwami. Ubu biri imbere y’igicaniro c’Uhoraho."
20 Bukeye mu gatondo ka kare umwami Hezekiya akoranya abakuru bo mu gisagara baca baduga ku Ngoro y’Uhoraho. 21 Bazana amashuri y’inka indwi, impfizi z’intama indwi, imyagazi y’intama indwi, n’amasuguru y’impene indwi, babitanga kw’ikimazi gitangirwa ivyaha ku bw’ubwami, ku bw’Ingoro no ku bw’Abayuda. Umwami ategeka abaherezi, abo mu ruvyaro rwa Aroni, ngo babitangire ku gicaniro c’Uhoraho. 22 Nuko bakerera ya mashuri, maze abaherezi batwara amaraso bayamija ku gicaniro; hanyuma bakerera za mpfizi z’intama, amaraso yazo bayamija ku gicaniro; baca bakerera na ya myagazi y’intama, amaraso yayo bayamija ku gicaniro. 23 Za suguru z’impene zo gutangwako ikimazi gitangirwa ivyaha zizanwa imbere y’umwami n’ikoraniro ryose, bazirambikako ibiganza. 24 Abaherezi baca barazikerera, amaraso yazo bayazana ku gicaniro co gutangirako ikimazi c’ivyaha kugira ngo batangire impongano Abisirayeli bose, kuko umwami yari yategetse ko baturira ikimazi c’ivyaha bagatanga n’ishikanwa ry’ivyaha kubw’Abisirayeli bose.
25 Ahagarika Abalewi mu Ngoro y’Uhoraho bafise ibicurarangisho bisamirana, inanga n’amakembe, nk’uko vyashinzwe na Dawidi na Gadi uwerekwa w’umwami hamwe n’uwavugishwa n’Imana Natani. Ivyo vyari vyategetswe n’Uhoraho abicishije mu bo yavugisha. 26 Nuko Abalewi bahagarara bafise ivyo bicurarangisho vya Dawidi, abaherezi na bo bafise inzamba zabo.
27 Nuko Hezekiya ategeka ko batangira vya bimazi biturirwa ku gicaniro. Bagitangura kubitanga, indirimbo zo guhimbaza Uhoraho zica zirasamirana, inzamba ziravuzwa, na vya bicurarangisho vya Dawidi umwami w’Abisirayeli. 28 Ikoraniro ryose rirunama rirasenga, mu gihe abaririmvyi bariko bararirimba bavuza n’inzamba. Ivyo birabandanya gushika bahejeje gutanga vya bimazi vyo guturirwa.
29 Bahejeje gutanga ivyo bimazi, umwami n’abari ngaho bose barapfukama barasenga. 30 Umwami Hezekiya n’abakuru bari kumwe na we bategeka Abalewi guhimbaza Uhoraho bakoresheje amajambo ya Dawidi n’aya Asafu uwerekwa. Nuko baririmba indirimbo zo gutazira banezerewe, baca bunamika imitwe yabo barasenga.
31 Maze Hezekiya aravuga ati: "Ubu rero mwamaze kwiyegurira Uhoraho. Nimuzane ibimazi n’amashikanwa y’ishimwe mu Ngoro y’Uhoraho." Nuko ikoraniro ryose rizana ibimazi n’amashikanwa y’ishimwe, n’abandi bose bavyishakiye bazana n’ibimazi vyo guturirwa.
32 Igitigiri c’amashikanwa ikoraniro ryazanye cari amashuri y’inka mirongo indwi, impfizi z’intama ijana, n’imyagazi y’intama amajana abiri; vyose hamwe biba ibimazi vyo guturirwa bishikaniwe Uhoraho. 33 Ibitungwa vyose vyashikaniwe Uhoraho nk’ibimazi vyari amashuri y’inka amajana atandatu n’intama n’impene ibihumbi bitatu. 34 Ariko Abaherezi bari bake cane ntibashobora kubaga vya bimazi vyose. Nuko bagenzi babo b’Abalewi barabafasha gushika igikorwa giheze, mbere gushika n’abandi baherezi barobanuwe, kuko Abalewi bashize umutima ku gukora ibitunganye kurusha abaherezi. 35 Hariho ibimazi vyo guturirwa vyinshi cane, hamwe n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe n’amashikanwa y’ibinyobwa aherekeza ivyo bimazi vyo guturirwa.
Nuko igikorwa co mu Ngoro y’Uhoraho kiba kirasubijweho. 36 Hezekiya n’abantu bose baranezerwa kubera ivyo Imana yari ishikije ku bantu bayo, kuko vyari bikozwe mu mwanya muto.