Publicidade

2 Crônicas 25

Amaziya aba umwami w’i Buyuda

1 Amaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza imyaka mirongo ibiri n’icenda ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yehoyadini, w’i Yerusalemu. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, ariko ntiyabikorana umutima wiwe wose. 3 Amaze gukomeza ubwami bwiwe, aca afata abatware bishe umwami ari we se arabica. 4 Ariko ntiyica abana babo, kuko yubashe ijambo ry’Uhoraho ryanditswe mu Gitabu c’Ivyagezwe vya Mose rivuga riti: "Ntihaze hagire umuvyeyi yicwa azira abana biwe, canke abana ngo bicwe bazira abavyeyi babo, umwe wese azozire ivyaha vyiwe."

5 Amaziya atumako Abayuda bose ngo bakoranire hamwe, abashira mu migwi akurikije imiryango yabo, abaha abakuru b’ingabo igihumbi n’abatwara ijanijana, i Buyuda n’i Bubenyamini hose. Maze agira rusansuma rw’abafise imyaka mirongo ibiri canke irenga asanga hari abagabo ibihumbi amajana atatu bashobora kuja ku rugamba, kandi bashobora no gukoresha icumu n’inkinzo. 6 Yongera arondera abandi bagwanyi b’abacangero ibihumbi ijana bavuye mu Bisirayeli, abahemba italanto ijana z’ifeza.

7 Ariko umuntu w’Imana aza aho ari, aramubwira amubwira ati: "Yewe mwami, izi ngabo zivuye mu Bisirayeli ntuzijane ku rugamba, kuko Uhoraho atari kumwe n’Abisirayeli canke n’umuntu n’umwe wo mu Befurayimu. 8 Kandi niwapfa kujana na bo, naho wogenda ukagwana n’ubuhizi bwinshi ku rugamba, Uhoraho azotuma utsindwa imbere y’umwansi, kuko Imana ifise ububasha bwo gutuma utsinda canke utsindwa."

9 Amaziya abaza uwo muntu w’Imana ati: "None ivya za talanto ijana nahemvye ba bagwanyi b’Abisirayeli bizogenda gute?"

Uwo muntu w’Imana amwishura ati: "Uhoraho ashobora kuguha ibirengeye ivyo cane."

10 Nuko Amaziya aca afata izo ngabo zari zaje zivuye mu Befurayimu azirungika iwabo. Bituma bashavurira Abayuda, baca basubira iwabo bashangashiwe cane.

11 Maze Amaziya arinanata, aca atwara ingabo ziwe mu Kiyaya c’Umunyu, aho yiciye abantu b’i Seyiri ibihumbi cumi. 12 Ingabo z’i Buyuda zongera gufata mpiri abandi ibihumbi cumi, babadugana hejuru ku kimanga c’igitandara, maze babatembagariza mu mwonga, bose baravunagurika, barapfa.

13 Muri ico gihe, za ngabo Amaziya yasubiza inyuma ntazemerere kujana na we mu ntambara, zitera ibisagara vy’i Buyuda kuva i Samariya gushika i Beti-Horoni. Zica abantu ibihumbi bitatu, zihasahura n’ibintu vyinshi cane.

14 Amaziya agarutse avuye kwica ba Banyedomu, azana ibigirwamana vy’abantu b’i Seyiri, aca abishinga nk’imana ziwe bwite, aravyunamira, abishikanira ibimazi bituriwe. 15 Uburake bw’Uhoraho buziriringira Amaziya, aca amutumako umuvugishwa, amubaza ati: "Ni kuki usiguza izo mana z’abo bantu, zitashoboye gukiza benezo ukuboko kwawe?"

16 Akiriko aravuga, umwami amubwira ati: "Hari uwakugize umuhanuzi w’umwami? Hora! Ni kuki wikwegera urupfu?"

Maze uwo muvugishwa ntiyasubira kuvuga, ariko yongerako ati: "Ndazi ko Uhoraho yafashe ingingo yo kukwica, kuko wakoze ivyo ntiwumvire impanuro zanje."

17 Amaziya umwami w’i Buyuda amaze gusiguza abahanuzi biwe, atuma kuri Yowashi mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu umwami wa Isirayeli, amubwira ati: "Ingo duhure, tugwane imbonankubone!"

18 Ariko Yowashi umwami wa Isirayeli yishura Amaziya umwami w’i Buyuda ati: "Muri Libani habaye igitovu, kibwira isederi ry’i Libani kiti: ‘Mpa umukobwa wawe abe umugore w’umuhungu wanje.’ Ariko haca haza igikoko kinini gihonyanga ca gitovu. 19 Wibwira ngo waranesheje Edomu none wuzuye ubwibone. Nezererwa intsinzi yawe hanyuma ugume iwawe. Ni kubera iki wikwegera amakuba, ukayakwegera n’Ubuyuda bwose?"

20 Ariko Amaziya ntiyamwumvira, kuko Imana yashaka kubatanga mu maboko ya Yehowashi, kuko barondeye imana zo muri Edomu. 21 Nuko Yowashi umwami w’Abisirayeli aratera. We na Amaziya umwami w’i Buyuda bahanganira i Beti-Shemeshi mu Buyuda. 22 Abayuda baneshwa n’Abisirayeli, umusoda wese ahunga ataha i muhira iwe. 23 Yehowashi umwami wa Isirayeli acakira Amaziya umwami w’i Buyuda mwene Yowashi, Yowashi mwene Ahaziya, amufatira ahitwa Beti-Shemeshi. Maze Yehowashi aca amutwara i Yerusalemu, asenyurira hasi uruzitiro rw’i Yerusalemu, uhereye kw’Irembo rya Efurayimu ugashitsa kw’Irembo ryo mu Mfuruka, ahantu hangana n’ingero z’igice c’ukuboko amajana ane. 24 Asahura inzahabu n’ifeza n’ibindi bikoresho vyose vyari mu Ngoro y’Uhoraho vyarabwa na Obedi-Edomu, hamwe n’ubutunzi bwose bwari mu ngoro y’umwami. Afata n’abantu abagira inyagano, hanyuma asubira i Samariya.

25 Amaziya mwene Yowashi umwami w’i Buyuda yamaze imyaka cumi n’itanu inyuma y’urupfu rwa Yehowashi mwene Yehowahazi umwami w’Abisirayeli. 26 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Amaziya, uhereye ku ntango ukageza ku mpera, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’abami b’i Buyuda na Isirayeli? 27 Kuva igihe Amaziya yatera ibitugu Uhoraho, ntabe akimwumvira, i Yerusalemu haciye haba inama y’abantu bagomba kumwica, na we aca arahunga aja i Lakishi, ariko barungika abantu bamusanga i Lakishi bamutsindayo. 28 Bamugarukana kw’ifarasi, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu Gisagara ca Yuda.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_10-32-54-