1 Inyuma y’ivyo, Abanyamowabu n’Abamoni hamwe n’ab’i Mayoni bamwe, baja gutera Yehoshafati.
2 Haza abantu babwira Yehoshafati bati: "Ingabo nyinshi ziraje kugutera zivuye muri Edomu, hakurya y’Ikiyaga c’Umunyu. Kandi bamaze gushika i Hazazoni-Tamari" ari ho Eni-Gedi. 3 Yehoshafati aratinya, aca ahitamwo gusiguza Uhoraho, kandi ategeka ko Abayuda bose bisonzesha. 4 Abantu b’i Buyuda bakoranira hamwe ngo barondere Uhoraho; kandi bari bavuye mu bisagara vyose vy’i Buyuda baje kurondera Uhoraho.
5 Maze Yehoshafati ahagarara mw’ikoraniro ry’Abayuda n’ab’i Yerusalemu ku Ngoro y’Uhoraho, imbere y’imbuga nshasha, 6 avuga ati:
"Yewe Uhoraho Mana ya ba sogokuruza, mbega si wewe Mana yo mw’ijuru? Uganza ubwami bwose n’amahanga yose. Ubushobozi n’inkomezi biri mu kiganza cawe, kandi nta woshobora kuguhagarara imbere ngo muhangane. 7 Yewe Mana yacu, mbega ntiwirukanye ababa muri iki gihugu imbere y’abantu bawe b’Abisirayeli ukagiha uruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wawe? 8 Barakibayemwo kandi bacubakamwo Ingoro yitirirwa Izina ryawe bavuga bati: 9 ‘Icago nicadutera, yaba inkota yo kuducira urubanza, canke akaranda, canke ikigoyi, tuzohagarara imbere yawe imbere y’iyi Ngoro yitirirwa izina ryawe, maze tugutakambire mu ngorane zacu, nawe uzotwumva udukize.’
10 None hariho abantu bavuye mu Bamoni, i Mowabu no ku musozi Seyiri, aho wankiye Abisirayeli ko bahatera igihe bava muri Egiputa; maze bica bituma bakevya ngo ntibabahonye. 11 Ariko raba ivyo batwishuye. Baje kudusohora ahantu waduhaye ngo habe inyegu yacu. 12 Ewe Mana yacu, mbega ntiwobacira urubanza? Kuko tudafise ubushobozi bwo guhangana n’iryo sinzi ry’ingabo zije kudutera. Ntituzi ico twokora, ariko amaso yacu tuyahanze wewe."
13 Abayuda bose, abagore babo n’abana babo, abakuru n’abato, bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho.
14 Nuko Mpwemu w’Uhoraho aza kuri umwe mu bari muri iryo koraniro. Izina ryiwe ni Yahaziyeli mwene Zakariya, Zakariya wa Benaya, Benaya wa Yeyiyeli, Yeyiyeli wa Mataniya, Umulewi akomoka kuri Asafu.
15 Avuga ati: "Nimwumve, mwami Yehoshafati namwe ababa i Buyuda n’i Yerusalemu mwese! Uku ni ko Uhoraho ababwiye: ‘Ntimutinye canke ngo mwihebure kubera izo ngabo nyinshi. Kuko intambara si iyanyu, ni iy’Imana. 16 Ejo muze mumanuke mubategere. Bazoba bariko baraduga baciye ku kadugo k’i Zizi, namwe muzobasanga bari aho ikiyaya kigarukira, mu bugaragwa bw’i Yeruweli. 17 Ntimuzorinda kugwana iyi ntambara. Muze mutonde urugamba muhagarare ku ruhande rwanyu; mushikame kugira ngo murabe ugutabarwa Uhoraho azobaha, mwebwe Abayuda n’ab’i Yerusalemu. Ntimutinye, ntimwihebure. Ejo muze musohoke muhangane na bo; kandi Uhoraho azoba ari kumwe namwe.’ "
18 Yehoshafati arunama ashika hasi, kandi n’Abayuda n’ab’i Yerusalemu barunama imbere y’Uhoraho, baramusenga. 19 Maze Abalewi bamwe bo mu Bakohati no mu Bakorahi barahaguruka, bahimbaza Uhoraho Imana y’Abisirayeli n’ijwi rirenga.
20 Mu gitondo kare, baragenda batumbereye ubugaragwa bw’i Tekowa. Bagisohoka, Yehoshafati arahagarara avuga ati: "Nimunyumvirize, yemwe Bayuda namwe ababa i Yerusalemu! Nimwizere Uhoraho Imana yanyu muzohagarara mushikamye; nimwizigire abavugishwa na we muzoronka intsinzi." 21 Amaze kubonana n’abantu, Yehoshafati aca ashiraho abantu bo kuririmbira Uhoraho no guhimbaza ubwiza bw’ukwera kwiwe, bagenda bararirimba bari imbere y’ingabo bavuga bati:
"Nimushimire Uhoraho,
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira."
22 Bagitangura kuririmba no guhimbaza, Uhoraho atega imitego ba Bamoni n’Abanyamowabu n’abo mu misozi y’i Seyiri bari baje gutera i Buyuda baca baratsindwa. 23 Abamoni n’Abanyamowabu bava hasi bagwanya abo mu misozi y’i Seyiri ngo babice babamare. Bahejeje kwicisha inkota ab’i Seyiri, baca barasubiranamwo, baricana.
24 Abayuda bashitse aho umuntu abona neza mu bugaragwa, baravye za ngabo nyinshi, babona ni ibiziga birambaraye hasi gusa; ata n’umwe yarokotse. 25 Nuko Yehoshafati n’abantu biwe baja gusahura ivyo bari bafise, basangamwo ibigwanisho vyinshi n’impuzu n’ibindi bikoresho vy’igiciro; biba vyinshi ku buryo batashobora kubitwarira rimwe. Kubera ko vyari vyinshi cane, bamaze imisi itatu yose bavyegeranya. 26 Ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya c’i Beraka, bahimbaza Uhoraho. Ni co gituma citwa ikiyaya c’i Beraka gushika uwu musi.
27 Maze Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu, barongowe na Yehoshafati, basubira i Yerusalemu banezerewe, kuko Uhoraho yari yabahaye kwitamba hejuru abansi babo. 28 Binjira i Yerusalemu, baja mu Ngoro y’Uhoraho bavuza inanga n’amakembe n’inzamba.
29 Ubwoba buvuye ku Mana bufata ubwami n’ibihugu bibakikuje, bamaze kwumva ingene Uhoraho yagwanije abansi b’Abisirayeli. 30 Maze ubwami bwa Yehoshafati buba amahoro, kuko Imana yiwe yari yamuhaye impore ku mpande zose.
31 Nuko Yehoshafati aganza i Buyuda. Yari afise imyaka mirongo itatu n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami w’i Buyuda, maze aganza imyaka mirongo ibiri n’itanu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Azuba umukobwa wa Shiluhi. 32 Agendera mu nzira za se Asa, kandi ntiyakikama ngo azivemwo; akora ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho. 33 Ariko ntiyakuraho ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana biri ku mataba y’imisozi, kandi abantu ntibari bwashire imitima yabo ku Mana ya ba sekuruza.
34 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehoshafati, uhereye ku ntango ugashika ku mpera, vyanditswe mu gitabu c’ivyagenda biraba canditswe na Yehu mwene Hanani, bikaba biri no mu gitabu c’abami ba Isirayeli.
35 Mu nyuma Yehoshafati umwami w’i Buyuda agirana isezerano na Ahaziya umwami w’Abisirayeli, kandi uwo yari umwami mubi. 36 Yemeranya na we ngo bubake amato yo kuja i Tarushishi kuzana ibidandazwa. Bamaze kwubaka i Eziyoni Geberi, 37 Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha avugishwa aburira Yehoshafati, avuga ati: "Ko wagiriraniye isezerano na Ahaziya, Uhoraho azosambura ivyo wubatse." Ayo mato aca arameneka ntiyashobora kuja i Tarushishi.