1 Nuko Abayuda bose bafata Uziya, yari afise imyaka icumi n’itandatu, bamwimika ngo abe umwami mu gishingo ca se Amaziya. 2 Ni we yasanuye Elati ahagarukana i Buyuda, umwami Amaziya amaze guhamvya ba sekuruza.
3 Uziya yari afise imyaka icumi n’itandatu igihe yaba umwami, hanyuma aganza imyaka mirongo itanu n’ibiri ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yekoliya, w’i Yerusalemu. 4 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko se Amaziya yakora. 5 Arondera Imana mu gihe ca Zakariya, kuko ari we yamwigishije kwubaha Imana. Mu gihe cose yarondeye Uhoraho, na we yamuhaye kuroranirwa.
6 Aja kugwanya Abafilisitiya, asenyurira hasi inzitiro z’i Gati, i Yabune n’i Ashidodi. Maze aca yubaka ibisagara vyari hafi y’i Ashidodi n’ahandi hose mu Bafilisitiya. 7 Imana imufasha kugwanya Abafilisitiya n’Abarabu baba muri Guri-Bayali, n’Abameyunimu. 8 Abamoni bazanira Uziya amashikanwa yo kumwisaba, maze aba rurangiranwa gushika ku rubibe rwa Egiputa, kuko yabaye umunyenkomezi bihebuje.
9 Uziya yubaka iminara i Yerusalemu kw’Irembo ryo mu Mfuruka, yubaka iyindi kw’Irembo ryo mu Kiyaya no mu mfuruka z’uruzitiro, arayikomeza. 10 Yubaka kandi iminara mu bugaragwa, yimba n’ibinogo vyo kubika amazi vyinshi, kuko yari afise imikuku myinshi mu tubande no mu kiyaya. Yari afise abantu bamukorera mu mirima no mu nzabibu ziwe mu misozi no mu matongo amera cane y’i Karumeli, kuko yakunda uburimyi cane.
11 Uziya yari afise ingabo zigishijwe neza kugwana, zama ziteguye kuja ku rugamba ziri mu mice nk’uko ibitigiri vyabo vyari vyaharuwe mw’iharura ryagizwe na Yeyiyeli umunyamabanga, na Mayaseya umukuru w’ingabo, barongowe na Hananiya, umwe mu bakuru bakorera i bwami. 12 Igitigiri c’abakuru batwara amazu bari barongoye ingabo cari ibihumbi bibiri n’amajana atandatu. 13 Bari barongoye ingabo zingana ibihumbi amajana atatu n’indwi n’amajana atanu bigishijwe ivy’intambara, kandi bakomeye bo gufasha umwami kugwanya abansi biwe. 14 Uziya ategura inkinzo, amacumu, inkofero, amakoti yo gukingira igikiriza, imiheto n’amabuye atereshwa umugozi bikwiye ingabo zose. 15 I Yerusalemu akora imashini zahinguwe n’abahinga zo gukoreshwa n’abagwanira ku minara no mu mfuruka zo kurasamwo imyampi, hamwe no gutera ibibuye bininibinini. Aramenyekana cane hose kuko Uhoraho yamufashije, gushika aho yabaye agakomeye.
16 Ariko amaze kuba agakomeye, ubwibone bwiwe bumuzanira kuranduka. Ata ubwizigirwa k’Uhoraho Imana yiwe, maze yinjira mu Ngoro y’Uhoraho ngo aturire ibimota neza ku gicaniro. 17 Azariya umuherezi n’abandi baherezi b’Uhoraho mirongo umunani barinda cane baramukurikira. 18 Baramwubahuka, bamubwira bati: "Ewe mwami Uziya, si vyiza ko wewe uturirira Uhoraho ibimota neza. Ivyo ni ivy’abaherezi, abo mu ruvyaro rwa Aroni, barobanuwe ngo baturirire ibimota neza Uhoraho. Sohoka uve ahera kuko wataye ubwizigirwa, kandi Uhoraho Imana ntazobigushimira."
19 Uziya, yari afise icotezo mu ntoke yiteguye guturira ibimota neza, aca arashavura. Agishavuriye abo baherezi imbere yabo n’imbere y’igicaniro c’ivyo bimota neza, mu Ngoro y’Uhoraho, imibembe imufatira aho nyene, iboneka mu ruhanga rwiwe. 20 Azariya umuherezi mukuru n’abandi baherezi bose bamuravye, babona atonzweko n’imibembe mu ruhanga, baca bihuta kumusohora hanze. Kandi na we nyene yihuta gusohoka, kuko Uhoraho yari amukubise.
21 Umwami Uziya agumana imibembe gushika ku musi yapfiriyeko. Aba mu kazu ka wenyene; kuko yari umunyamibembe, kandi ntiyemererwa kuja mu Ngoro y’Uhoraho. Yotamu umuhungu wiwe aca aba ari we azezwa ikirimba, yongera atwara abantu bo muri ico gihugu.
22 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Uziya, uhereye ku ntango ugashitsa ku mpera, vyanditswe mu gitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amozi. 23 Nuko Uziya arapfa, ahamvya ba sekuruza; ahambwa hafi yabo, mu rindi tongo ryari iry’abami, kuko abantu bavuga bati: "Yari umunyamibembe." Maze Yotamu umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma.