Publicidade

2 Crônicas 23

1 Mu mwaka ugira indwi Yehoyada arahaguruka, atumako intwazangabo zitwara abasoda ijanijana ari bo Azariya mwene Yerohamu, Ishimayeli mwene Yehohanani, Azariya mwene Obedi, Mayaseya mwene Adaya, na Elishafati mwene Zikuri, agiriranira isezerano na bo. 2 Bakwiragira hose mu Buyuda, bakoranya Abalewi n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli baraza bavuye mu bisagara vyose. Bashitse i Yerusalemu, 3 ikoraniro ryose rigiriranira isezerano n’umwami mu Ngoro y’Imana.

Yehoyada arababwira ati: "Nguwu umwana w’umwami! Uwu ni we azoganza nk’uko Uhoraho yabisezeraniye uruvyaro rwa Dawidi. 4 Ibi ni vyo mukwiye gukora: igice kimwe ca gatatu ca mwebwe abaherezi n’Abalewi muzoba muramukiwe gukora kw’Isabato muze mucungere imiryango, 5 ikindi ca gatatu canyu kize kije ku ngoro y’umwami, ica gatatu ca nyuma kije kw’Irembo ry’Umushinge, maze abasigaye bose baze baje mu kibuga c’Ingoro y’Uhoraho. 6 Ntihaze hagire uwinjira mu Ngoro y’Uhoraho atari abaherezi n’Abalewi bazoba bari ku gikorwa cabo. Abo bo bazoshobora kwinjira kuko barobanuwe, ariko abandi bose baze bitondere ico Uhoraho yabashinze. 7 Abalewi bazohagarare bakikuje umwami, umuntu wese afise ibigwanisho mu maboko yiwe. Uwuzogerageza kwinjira mu Ngoro wese aze yicwe. Muzogume hafi y’umwami aho azoja hose."

8 Abalewi n’abantu bose b’i Buyuda bakora nk’uko Yehoyada umuherezi yabibabwiye. Umwe wese ahitana abantu biwe, baba abari baramukiwe kuja gukora kw’Isabato n’abari bagombowe kuko Yehoyada umuherezi atemereye n’umwe muri iyo migwi gutaha. 9 Maze umuherezi Yehoyada aca aha intwazangabo z’ingabo ijanijana amacumu n’inkinzo nini na ntoya vyahora ari ivy’umwami Dawidi vyari bibitswe mu Ngoro y’Imana. 10 Ashira mu bibanza abantu bose, umwe wese afise ikigwanisho mu minwe, bakikuza umwami, hafi y’igicaniro n’Ingoro, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko bw’Ingoro.

11 Yehoyada n’abahungu biwe basohokana umwana w’umwami bamwambika urugori; bamuzanira n’ikopi y’ivyagezwe vy’Imana batangaza ko abaye umwami. Bamusukako amavuta, baca barasemerera bati: "Umwami nahangame!"

12 Maze Ataliya yumvise urwamo rw’abantu bashimagiza umwami, aca aja iyo bari mu Ngoro y’Uhoraho. 13 Aravye, abona umwami ahagaze hafi y’inkingi mu rwinjiriro. Abatware n’abavuza inzamba bari i ruhande yiwe, abantu bose bo mu gihugu banezerewe bavuza inzamba, abaririmvyi na bo n’ibicurarangisho vyabo barongora abantu mu guhimbaza Imana. Nuko Ataliya yitaburirako impuzu arasemerera ati: "Uwo ni umugararizo! Uwo ni umugararizo!"

14 Umuherezi Yehoyada aca abwira intwazangabo zitwara abasoda ijanijana ati: "Nimumusohore hanze mumucishe hagati y’imirongo y’ingabo kandi mwicishe inkota uwomukurikira wese." Kuko umuherezi yari yavuze ati: "Ntimumwicire mu Ngoro y’Uhoraho." 15 Nuko baramufata bamucisha mw’Irembo ry’Amafarasi rija ku mbuga y’ingoro y’umwami, bamwiciraho.

16 Yehoyada aca ashiraho isezerano ko we n’abantu n’umwami bazoba abantu b’Uhoraho. 17 Abantu bose baca baja ku ngoro ya Bayali barayisenyagura. Basitagura ibicaniro n’ibigirwamana, bafata Matani umuherezi wa Bayali, bamwicira imbere y’ibicaniro.

18 Nuko Yehoyada ashiraho abantu barinda Ingoro y’Uhoraho bavuye mu baherezi b’Abalewi, abo Dawidi yari yarajeje iyo Ngoro, ngo bashikanire Uhoraho ibimazi vyo guturirwa nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose; maze bakabikora banezerewe, baririmba, nk’uko Dawidi yabitegetse. 19 Yongera ashiraho abo kurinda amarembo ku miryango y’Ingoro y’Uhoraho kugira ngo ntihagire uwahumanijwe n’ikintu na kimwe yokwinjira.

20 Ajana za ntwazangabo z’abasoda ijanijana, abubahwa, abatware n’abantu bose bo muri ico gihugu, amanukana umwami amukuye mu Ngoro y’Uhoraho. Baja ku kirimba baciye kw’Irembo ryo Haruguru, aca yicarika umwami ku ntebe yiwe y’ubwami. 21 Abari aho bose bagira umunezero, n’igisagara kiba amahoro kuko Ataliya yari yicishijwe inkota.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-