Publicidade

2 Crônicas 21

1 Maze Yehoshafati arapfa, ahamvya ba sekuruza; ahambwa mu Gisagara ca sekuruza Dawidi. Umuhungu wiwe Yehoramu amusubirira ku ngoma. 2 Abavukanyi ba Yehoramu, bene Yehoshafati, bari Azariya, Yehiyeli, Zakariya, Azariyahu, Mikayeli na Shefatiya. Abo bose bari bene Yehoshafati umwami w’Abisirayeli. 3 Se yari yarabagabiye ibintu vyinshi bigizwe n’ifeza n’inzahabu n’ibikoresho vy’agaciro; abaha n’ibisagara bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda. Ariko yari yahaye Yehoramu ubwami kuko yari imfura yiwe.

Yehoramu umwami w’i Buyuda

4 Yehoramu amaze kwigira agakomeye ku bwami bwari ubwa se, yicisha inkota abo bavukana bose hamwe n’indongozi zose z’Abisirayeli. 5 Yehoramu yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri igihe yimikwa ngo abe umwami. Amara imyaka umunani aganza ari i Yerusalemu. 6 Agendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bakora, kuko yarongoye umukobwa wa Ahabu. Akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho. 7 Ariko kubera isezerano Uhoraho yari yaragiraniye na Dawidi, Uhoraho ntiyashaka guherengeteza umuryango wa Yuda. Yari yarasezeranye kugumizaho itara ryiwe n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose.

8 Mu gihe Yehoramu yari ku ngoma, Abanyedomu bagarariza Abayuda, biyimikira umwami wabo. 9 Maze Yehoramu ajayo ari kumwe n’intwazangabo ziwe, n’imikogote yiwe yose. Abanyedomu baramukikuza hamwe n’iyo mikogote n’abayigendesha, ariko mw’ijoro arahaguruka, abacamwo aragenda. 10 Kuva ico gihe, Abanyedomu baca barikukira, bikura ku Buyuda gushika n’ubu.

N’igisagara c’i Libuna na co nyene gica kiragarariza cikura ku Buyuda, kuko Yehoramu yari yataye Uhoraho Imana ya ba sekuruza. 11 Yari yarubatse n’ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi y’i Buyuda, kandi atuma abantu b’i Yerusalemu bihumanya, azimiza Abayuda.

12 Yehoramu aronka ikete rivuye ku wavugishwa n’Imana Eliya, ryavuga riti:

"Uku ni ko Uhoraho, Imana ya so Dawidi, avuze: ‘Ntiwagendeye mu nzira za so Yehoshafati canke iza Asa umwami w’i Buyuda. 13 Ariko wagendeye mu nzira z’abami b’Abisirayeli, kandi wazimije Abayuda n’ab’i Yerusalemu ubajana mu nzira zo kwihumanisha ubusambanyi, nk’uko inzu ya Ahabu yabikoze. Kandi wishe abavukanyi bawe bwite, abo mu nzu ya so, abantu bakurusha kuba beza. 14 None rero nawe Uhoraho agira yice abantu bawe, abahungu bawe, abagore bawe, aherengeteze n’ibintu vyawe vyose. 15 Wewe ubwawe uzogwara ingwara idakira yo mu mara, igende ikura gushika aho amara yawe azosohoka hanze.’ "

16 Uhoraho ateza ubwansi hagati ya Yehoramu n’Abafilisitiya n’Abarabu babana n’Abanyetiyopiya. 17 Batera i Buyuda barahafata, banyaga ivyiza vyose basanze mu ngoro y’umwami, hamwe n’abahungu biwe n’abagore biwe. Nta muhungu n’umwe bamusigarije atari Ahaziya yari muto muri bo.

18 Inyuma y’ivyo vyose, Uhoraho ateza Yehoramu ingwara idakira y’amara. 19 Iyo ngwara igenda ikura, mu mpera y’umwaka ugira kabiri, amara yiwe arasohoka kubera iyo ngwara, maze apfa ari mu bubabare bwinshi. Abantu biwe ntibamucanira umuriro ngo baturire ibimota neza vyo kumuhesha icubahiro nk’uko babikoreye ba sekuruza.

20 Yehoramu yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri igihe yimikwa ngo abe umwami, maze aganza imyaka umunani ari i Yerusalemu. Apfuye nta n’umwe yababajwe n’urupfu rwiwe. Nuko ahambwa mu Gisagara ca Dawidi, ariko ntiyashirwa mu mva z’abami.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-