Publicidade

2 Crônicas 24

Yowashi asanura Ingoro

1 Yowashi yari afise imyaka indwi igihe yaba umwami, aca aganza imyaka mirongo ine ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Zibiya w’i Berisheba. 2 Yowashi akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu myaka yose Yehoyada yamaze ari umuherezi. 3 Yehoyada amuhitiramwo abagore babiri, maze avyara abahungu n’abakobwa.

4 Haciye igihe Yowashi afata ingingo yo gusanura Ingoro y’Uhoraho. 5 Akoranya abaherezi n’Abalewi arababwira ati: "Nimuje mu bisagara vy’i Buyuda mwegeranye amahera ategekanijwe kurihwa uko umwaka utashe mu Bisirayeli bose kugira ngo dusanure Ingoro y’Imana yacu. Mubikore ubu nyene." Ariko Abalewi ntibaca babikora ubwo nyene.

6 Nuko umwami atumako Yehoyada umuherezi mukuru amubwira ati: "Ni kuki utabwiye Abalewi ngo baje mu bisagara vyose vy’i Buyuda n’i Yerusalemu kwegeranya amatagisi yose yategetswe na Mose umusavyi w’Uhoraho ngo atangwe n’ikoraniro ry’Abisirayeli ku bw’Ihema ry’Ibonaniro?"

7 Kuko abahungu ba wa mugore mubi Ataliya batobaguye Ingoro y’Imana bagafata ibintu vyose vyari vyaragizwe inyegu y’Uhoraho bakaja kubikoreshereza Bayali.

8 Nuko umwami ategeka ko bakora isandugu bakayishira hafi y’umuryango w’Ingoro y’Uhoraho. 9 Hanyuma baca bamenyesha Abayuda n’ab’i Yerusalemu bose ko bazanira Uhoraho itagisi Mose umusavyi w’Imana yari yarategetse Abisirayeli mu bugaragwa. 10 Abakuru bose n’abantu bose bazana amashikanwa yabo babikunze, bakayakororera muri iyo sandugu gushika aho yuzura. 11 Igihe cose iyo sandugu yaba yuzuye, Abalewi baca bayishira abanyabigega b’umwami. Umunyamabanga w’umwami n’umukozi w’umuherezi mukuru baca baza bagacuranura iyo sandugu bakayisubiza mu kibanza cayo hafi y’umuryango w’Ingoro. Bakora batyo ubudasiba maze begeranya amahera menshi. 12 Umwami na Yehoyada bafata ayo mahera bayaha abantu bakurikirana ivyo gusanura iyo ngoro. Baciye bashiraho abubatsi b’impome n’abamanika ngo basanure Ingoro y’Uhoraho, hamwe n’abahinga bacura ivyuma n’ibikozwe mu butare bw’umwakaka vyo kuyisanura.

13 Abo bantu bashinzwe ico gikorwa batangura gukora, kandi ibikorwa vyo kuyisanura bigenda neza kuko babikurikirana. Basubiramwo Ingoro y’Imana bayigira nk’uko yari imeze ubwa mbere barayikomeza. 14 Bahejeje, bazanira umwami na Yehoyada amahera yasigaye, baca bayakoreshamwo ivyo mu Ngoro y’Uhoraho: ivyo bakoresha mu Ngoro no mu bimazi vyo guturirwa n’umuriro, hamwe n’amasahani n’ibindi vy’inzahabu n’ifeza. Mu gihe cose Yehoyada yabayeho, ibimazi vyo guturirwa vyama bishikanirwa Uhoraho ubudasiba.

15 Ico gihe Yehoyada yari ashaje amaze imyaka myinshi, maze apfa yisaziye neza amaze imyaka ijana na mirongo itatu. 16 Ahambwa hamwe n’abami mu Gisagara ca Dawidi, ku bw’ivyiza yari yarakoze mu Bisirayeli, akongera akabikorera Imana n’Ingoro yayo.

Ivyaha vya Yowashi

17 Yehoyada amaze gupfa, abakuru b’i Buyuda baza kwunamira umwami, na we arabumviriza. 18 Baheba kuja mu Ngoro y’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, ariko basenga inkingi za Ashera n’ibindi bigirwamana. Kubera ico caha cabo, uburake bw’Imana buza ku Bayuda n’ab’i Yerusalemu. 19 Naho Uhoraho yatumye abavugishwa biwe kuri abo bantu ngo babagarukane kuri we, kandi naho babagirije ibibi bakora, ntibabumviye.

20 Nuko Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Zakariya mwene Yehoyada umuherezi. Ahagarara imbere y’abantu avuga ati: "Ibi ni vyo Imana ivuze, ngo: ‘Ni kuki mwihaye kugarariza amabwirizwa y’Uhoraho? Ntaco muzoshikako. Kubera ko mwahevye Uhoraho, na we arabahevye.’ "

21 Ariko baja inama yo kumugirira nabi; maze umwami ategeka ko bamuterera amabuye ku mbuga y’Ingoro y’Uhoraho agapfa. 22 Umwami Yowashi ntiyibuka urukundo Yehoyada se wa Zakariya yari yaramweretse, ariko yica umuhungu wiwe. Igihe Zakariya yariko aracikana, avuga ati: "Uhoraho aze arabe ivyo mukoze, azobibaharureko."

23 Umwaka uheze, ingabo z’i Siriya ziza gutera Yowashi; zitera i Buyuda n’i Yerusalemu, bica abakuru baho bose. Barungikira umwami wabo i Damasiko ivyo basahuye vyose. 24 Naho ingabo z’Abasiriya zari zaje ari nke, Uhoraho agabura mu maboko yabo ingabo zibasumvya ubwinshi z’Abayuda. Kubera ko Abayuda bari barahevye Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, ni co catumye urubanza Imana yaciriye Yowashi rumushikako. 25 Abo Basiriya bagiye, basize Yowashi yakomeretse cane. Abakuru bakora i bwami bagira inama yo kumwica kuko yishe mwene Yehoyada umuherezi, baca bamutsinda mu buriri aho yari aryamye. Nuko arapfa, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi, ariko ntibamuhamba mu mva z’abami.

26 Abamugiriye inama bari Zabadi, umuhungu w’umugore yitwa Shimeyati w’Umwamonikazi, hamwe na Yehozabadi, umuhungu w’umugore yitwa Shimurite w’Umunyamowabukazi. 27 Inkuru z’abahungu ba Yowashi, ivyavugishijwe vyinshi kuri we, n’ivyerekeye isanurwa ry’Ingoro y’Imana vyose vyanditswe mu gitabu c’abami. Maze Amaziya umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma, aba umwami mu gishingo ciwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-