Pular para o conteúdo
Publicidade

2 Ngoma 27

Yotamu aba umwami w’Ubuyuda

1 Yotamu yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza imyaka icumi n’itandatu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yerusha, umukobwa wa Zadoki. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza, nk’uko se Uziya yakora, mugabo wewe ntiyacumura ngo yinjire mu Ngoro yUhoraho. Ariko abantu bo, baguma mu ngeso zabo mbi. 3 Yotamu ni we yasanuye Irembo ryo Haruguru ry’Ingoro yUhoraho, yubaka n’urundi ruzitiro rwo ku musozi Ofeli. 4 Yubaka kandi ibisagara mu misozi y’i Buyuda, n’iminara, n’ubwihisho bukomeye mu misozi iteyeko ibiti.

5 Yotamu agwana n’umwami w’Abamoni aramunesha. Uwo mwaka Abamoni bamushikanira amashikanwa yo kumwisaba angana n’italanto ijana27:5 Ni nk’ibilo 3.750. z’ifeza, ingero koru ibihumbi icumi27:5 Ni nk’amatoni 1.800. z’ingano, n’ingero koru ibihumbi icumi27:5 Ni nk’amatoni 1.500. za sayiri. Mu mwaka ugira kabiri n’uwugira gatatu bamuzanira nk’ivyo nyene.

6 Yotamu aba agakomeye kuko yagendera mu bitunganye imbere yUhoraho Imana yiwe.

7 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Yotamu, harimwo n’intambara zose yagwanye n’ibindi yakoze, vyanditswe mu gitabu c’abami b’Abisirayeli n’Abayuda. 8 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza imyaka icumi n’itandatu ari i Yerusalemu. 9 Yotamu arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Ahazi aba ari we amusubirira ku ngoma.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também