Publicidade

2 Crônicas 31

1 Ivyo vyose biheze, Abisirayeli bose bari ngaho barasohoka baja mu bisagara vy’i Buyuda, basitagura inkingi z’amabuye zose, batemagura n’inkingi za Ashera. Basambura ibicaniro vyo ku mataba y’imisozi n’ibicaniro vyari i Buyuda hose, i Bubenyamini, mu Befurayimu no mu Bamanase. Abisirayeli bamaze gusambura vyose, baca basubira mu bisagara vyabo no mu ngo zabo.

Intererano zo Gusenga

2 Hezekiya ashira abaherezi n’Abalewi mu mice; umuce wose ukurikije ibikorwa vyabo, ngo batange ibimazi vyo guturirwa n’ivy’ishimwe, bongere bakore ibikorwa vy’Imana, batange amashimwe kandi bahimbarize ku marembo y’Ingoro y’Uhoraho. 3 Umwami na we araterera, atanga ku bivuye mu butunzi bwiwe ngo bikoreshwe mu bimazi vyo guturirwa mu gitondo, ivyo ku mugoroba, ivyo ku masabato, ivy’ukwezi guserutse, n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vy’Uhoraho. 4 Ategeka abantu baba i Yerusalemu ngo batange ivyo bakuye mu vyabo bigenewe abaherezi n’Abalewi kugira ngo abo na bo bashobore kwiyegurira ibikorwa vy’Ivyagezwe vy’Uhoraho. 5 Iryo tegeko rigisohoka, Abisirayeli batangana umutima ubikunze ku vya mbere vyeze vyo mu vyimburwa vyabo vy’ibinyantete, umuvinyu mushasha, amavuta, ubuki n’ibindi vyose biva mu burimyi. Bazana ibintu vyinshi, n’ikigiracumi c’ibintu vyose. 6 Abantu bo mu Bwisirayeli n’i Buyuda baba mu bisagara vy’i Buyuda, na bo bazana ikigiracumi co mu masho yabo n’imikuku yabo hamwe n’ikigiracumi c’ibintu vyeguriwe Uhoraho Imana yabo, barabirunda biba ikirundo kinini. 7 Batanguye kubikora mu kwezi kwa gatatu babiheza mu kwezi kw’indwi. 8 Maze Hezekiya n’abaganwa biwe baje bakabona ivyo birundo, bahimbaza Uhoraho kandi bahezagira abantu biwe b’Abisirayeli.

9 Hezekiya abaza abaherezi n’Abalewi ivyerekeye ivyo birundo ati: "Mbega ibi bintu vyose vyavuye hehe?" 10 Maze Azariya umuherezi mukuru, yava mu muryango wa Sadoki, amwishura ati: "Kuva igihe abantu batanguriye kuzana intererano zabo mu Ngoro y’Uhoraho, dufise ivyokurya bikwiye hamwe n’ibirenzeko vyinshi twimbuye, kuko Uhoraho yahezagiye abantu biwe, kandi ibi vyinshi ubona ni ibirenzeko."

11 Hezekiya ategeka ko bategura ububiko mu Ngoro y’Uhoraho, na bo babigenza gutyo. 12 Maze bazana intererano zabo mu bwizigirwa, ivyo batanze ku bw’ico gikorwa, ibigiracumi n’ivyo batanze nk’ingabire zeguriwe Imana. Konaniya, Umulewi, ni we yari ajejwe kubiraba; uwo bavukana Shimeyi akaba icegera ciwe. 13 Yehiyeli, Azaziya, Nahati, Asaheli, Yerimoti, Yozabadi, Eliyeli, Isimakiya, Mahati na Benaya bari abunganizi bafasha Konaniya na Shimeyi mwenewabo. Bashizweho n’umwami Hezekiya na Azariya umukuru yari ashinzwe Ingoro y’Uhoraho.

14 Kora mwene Imuna Umulewi, yari umurinzi w’Irembo ryo mu Buseruko; yari ajejwe n’amashikanwa yashikaniwe Imana, atanzwe nk’uko umuntu wese avyishakiye, no kugabura izo ntererano zihawe Uhoraho hamwe n’ingabire zatanzwe ngo zibe inyegu y’Imana. 15 Mu bisagara vy’abaherezi, yari afise abamufasha mu bwizigirwa ari bo Edeni, Miniyamini, Yesuwa, Shemaya, Amariya na Shekaniya; bakagaburira bagenzi babo b’abaherezi nk’uko imice yabo yari iri, baba abakuze canke abakiri bato.

16 Hamwe n’ivyo, bagaburira n’abahungu bose, uhereye ku bamaze imyaka itatu n’iyirenga, abo amazina yabo yari yanditswe mu ntonde z’ingene abantu bagiye bararondoka, abashobora kwinjira mu Ngoro y’Uhoraho, bose ngo bakore ibikorwa bajejwe kandi bitandukanye vyo ku musi ku musi, hakurikijwe kandi imigwi yabo n’ivyo yashinzwe. 17 Bagaburira abaherezi bahawe ibikorwa hakurikijwe imiryango yabo nk’uko vyari mu ntonde z’ingene bagiye bararondoka, kandi n’Abalewi bikagenda gutyo, abamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga, nk’uko ibikorwa vyabo n’imice yabo vyari biri. 18 Bongeramwo n’abakiri bato, abagore, abahungu n’abakobwa bo muri uwo muryango bose banditswe ku ntonde z’ingene bagiye bararondoka; kuko bari babaye abizigirwa mu kwiyegurira Imana rwose.

19 Ku vy’abaherezi, abakomoka kuri Aroni baba mu matongo akikije ibisagara vyabo canke mu bindi bisagara ivyo ari vyo vyose, hariho abagabo bari batoranijwe, bagenwa ku mazina yabo ngo bagaburire imigabane umugabo wese yari muri bo n’abandi bose bari ku rutonde rw’Abalewi.

20 Ivyo ni vyo Hezekiya yakoze mu Buyuda hose; akora ibigororotse, bitunganye kandi vyo kwizigirwa imbere y’Uhoraho Imana yiwe. 21 Ivyo yakoze vyose, vyaba ibijanye n’igikorwa co mu Ngoro y’Imana canke ivyo kwumvira Ivyagezwe vyayo n’amabwirizwa yayo, yarondeye Imana yiwe n’umutima wiwe wose. Ivyo vyatumye aroranirwa muri vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-