Publicidade

Esdras 1

Kuro afasha abatwawe nk’inyagano gusubira iwabo

1 Mu mwaka wa mbere Kuro ari umwami w’Ubuperesi, Uhoraho kugira ngo ashitse ijambo yari yaravuze aciye kuri Yeremiya, akangura umutima wa Kuro umwami w’Ubuperesi na we atanga mu bwami bwiwe itegeko ryanditswe rivuga ngo:

2 "Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi avuze:

Uhoraho, Imana yo mw’ijuru, yampaye ubwami bwose bwo mw’isi kandi yantoranije ngo ndamwubakire Ingoro i Yerusalemu i Buyuda. 3 Umuntu wese wo mu bantu biwe ari muri mwebwe naduge i Yerusalemu i Buyuda yubake Ingoro y’Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ari yo Mana iri i Yerusalemu. Imana yiwe ibane na we. 4 Kandi abantu bose babana n’abo bacitse kw’icumu babahe inzahabu, ifeza, n’ubundi butunzi n’imikuku, hamwe n’ivyo umuntu ashikana avyishakiye ku bw’iyo Ngoro y’Imana i Yerusalemu.’ "

5 Nuko abakuru b’imiryango y’Abayuda n’Ababenyamini, n’abaherezi hamwe n’Abalewi, n’umuntu wese Imana yakoze ku mutima, bitegurira kuduga ngo bubake Ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu. 6 Ababanyi babo bose babafashisha ibikoresho vy’ifeza, vy’inzahabu, ubundi butunzi n’imikuku, n’izindi ngabire z’agaciro, vyiyongera ku mashikanwa abantu batanze n’umutima ubikunze.

7 Vyongeye, umwami Kuro asohora ibikoresho vyakora mu Ngoro y’Uhoraho, ivyo Nebukadineza yari yaranyaze abikuye i Yerusalemu akabishira mu ngoro y’ikigirwamana ciwe. 8 Kuro umwami w’i Buperesi yari yarabitumye Mitiredati umuzezwabintu, na we arabiharura abishikiriza Sheshubazari umuganwa w’i Buyuda.

9 Uru ni urutonde hamwe n’ibitigiri vyavyo:

amasiniya y’inzahabu mirongo itatu,

amasiniya y’ifeza igihumbi,

amapanu y’ifeza mirongo ibiri n’icenda,

10 ibikombe vy’inzahabu mirongo itatu,

ibikombe bitobito vy’ifeza amajana ane na cumi,

n’ibindi bikoresho igihumbi.

11 Vyose na vyose, vyari ibikoresho ibihumbi bitanu n’amajana ane vy’inzahabu n’ifeza.

Sheshubazari azana ivyo vyose ari kumwe n’abavuye mu kinyago batashe bavuye i Babiloni baja i Yerusalemu.

Veja também

Publicidade
Esdras
Ver todos os capítulos de Esdras
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-