1 Muri ico gihe Hagayi na Zakariya mwene Ido, abavugishwa n’Imana, baravugishwa babwira Abayuda bari i Buyuda n’i Yerusalemu mw’izina ry’Imana y’Abisirayeli, ari yo yari ibarongoye. 2 Maze Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli na Yesuwa mwene Yozadaki barahaguruka ngo bongere gusanura Ingoro y’Imana y’i Yerusalemu. Kandi abavugishwa b’Imana bari kumwe na bo, ngo babafashe.
3 Ico gihe nyene Tatenayi, umukuru w’intara yo mu burengero bw’uruzi Efurate, na Shetari Bozenayi n’abo bari bafatanije baja aho bari barababaza bati: "Ni nde yabahaye uruhusha rwo gusubira kwubaka iyi Ngoro no gusanura aha hantu?" 4 Bongera barababaza bati: "Ni ba nde bariko barubaka iyi nzu?" 5 Ariko kubera inyonga z’Imana yabo zari kuri abo barongozi b’Abayuda, ntibahagaritse igikorwa kugeza bishikiriye Dariyusi na we akabishura kandi ikete ryiwe rikabashikira.
6 Iyi ni ikopi y’ikete Tatenayi, umukuru w’intara yo mu burengero bw’uruzi Efurate, na Shetari Bozenayi n’abari kumwe na bo, abakuru bo mu burengero bw’uruzi Efurate, barungikiye umwami Dariyusi. 7 Raporo bamurungikiye ni yo y’iyi:
Ku mwami Dariyusi,
Turabaramukije bivuye ku mutima.
8 Umwami yomenya neza ko twagiye mu ntara y’i Buyuda, ku Ngoro y’Imana nkuru. Abantu bariko barayubakisha amabuye maninimanini bashirako n’imbaho mu bihome. Ico gikorwa kiriko kirabandanya ata ngorane kandi kiriko kiratera kija imbere kirongowe na bo.
9 Twarabajije abarongozi tuti: "Ni nde yabahaye uruhusha rwo gusubira kwubaka Ingoro no gusanura aho hantu? 10 Kandi twarababajije n’amazina, kugira ngo tuyakwandikire umenye amazina y’abarongozi babo."
11 Iyi ni yo nyishu baduhaye:
"Turi abasavyi b’Imana y’ijuru n’isi, kandi turiko turasanura Ingoro yari yarubatswe mu myaka myinshi yarenganye, imwe umwami ahambaye wa Isirayeli yari yarubatse akayirangiza. 12 Maze kubera ko ba sogokuruza bashavuje Imana yo mw’ijuru, vyatumye ibagabura mu maboko ya Nebukadineza Umukaludaya, umwami w’i Babiloni, ari we yasambuye iyi Ngoro agatwara abantu nk’inyagano i Babiloni.
13 Ariko, mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Babiloni agiye ku ngoma, umwami yatanze itegeko ryo gusubira kwubaka Ingoro y’Imana. 14 Yarongeye akura mu ngoro y’i Babiloni ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyahoze mu Ngoro y’Imana, ivyo Nebukadineza yari yaranyaze abikuye mu Ngoro i Yerusalemu akabijana mu ngoro i Babiloni. Nuko umwami Kuro abiha umuntu yitwa Sheshubazari, uwo yari yagenye ngo abe umukuru w’intara, 15 kandi aramubwira ati: ‘Fata ibi bikoresho ubijane ubisubize mu Ngoro y’Imana i Yerusalemu, kandi ize yubakwe mu kibanza yahozemwo.’
16 Nuko uwo Sheshubazari araza ashiraho amatanguriro y’Ingoro y’Imana i Yerusalemu. Kuva ico gihe kugeza uwu musi iracubakwa ntirahera.
17 None rero nivyaba bihimbaye umwami, nihagirwe itohoza mu vyanditswe vyabaye biri i Babiloni kugira ngo murabe koko ko umwami Kuro yoba yaratanze iryo tegeko ryo gusubira kwubaka Ingoro y’Imana i Yerusalemu. Maze umwami ace aturungikira ico azoba ategetse ku vyerekeye ico kibazo."