1 Ukwezi kw’indwi gushitse, Abisirayeli bamaze gushika mu bisagara vyabo, abantu bakoranira hamwe i Yerusalemu nk’umuntu umwe. 2 Maze Yesuwa mwene Yozadaki na bagenziwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli n’abo bari bafatanije batangura kwubaka igicaniro c’Imana y’Abisirayeli kugira ngo bashobore gushikana ibimazi bituririrwa kuri co, nk’uko vyari vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana. 3 Naho bari bafise ubwoba kubera gutinya amahanga yari abakikije, barubatse igicaniro kw’itanguriro ryaco baca bagitangirako ibimazi vyo guturirwa n’umuriro, babishikanira Uhoraho, vyaba ivyo mu gitondo canke ivyo ku mugoroba. 4 Maze nk’uko vyari vyanditswe, bahimbaza umusi mukuru w’insago, batanga igitigiri c’ibimazi vyo guturirwa n’umuriro nk’uko vyasabwa ku musi ku musi. 5 Inyuma y’ivyo, baca bashikana ibimazi vyo guturirwa bisanzwe bitangwa, ibimazi vyo mu mboneko z’ukwezi n’ibimazi vy’imisi mikuru y’Uhoraho yose yategetswe, hamwe n’ivyazanywe n’umuntu wese ashikaniye Uhoraho avyishakiye. 6 Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi batangura gushikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa n’umuriro, naho itanguriro ry’Ingoro y’Uhoraho ritari bwashirweho.
7 Nuko baha amahera abubatsi n’ababaji, baha abantu b’i Sidoni n’i Tiro ivyokurya, ibinyobwa n’amavuta kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi babikuye i Libani gushika i Yopa, babicishije mu kiyaga, nk’uko vyari vyaremewe n’umwami Kuro w’i Buperesi.
8 Mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka ugira kabiri kuva bashitse i Yerusalemu ahari Ingoro y’Imana, Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, Yesuwa mwene Yozadaki na benewabo basigaye b’abaherezi n’Abalewi n’abari bagarutse i Yerusalemu bavuye mu kinyago, batangura igikorwa. Bashiraho Abalewi bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga ngo bakurikirane igikorwa co gusanura Ingoro y’Uhoraho. 9 Yesuwa n’abahungu biwe n’abo bavukana, Kadimiyeli n’abahungu biwe (bakomoka kuri Hodaviya), abahungu ba Henadadi n’abahungu babo n’abo bavukana, bose bakaba bari Abalewi, barifatanya kugira ngo bashobore gukurikirana abakozi bariko barakora ku Ngoro y’Imana.
10 Abubatsi bamaze gushiraho itanguriro ry’Ingoro y’Uhoraho, abaherezi bambaye ya myambaro yabo bafise n’inzamba, n’Abalewi, bene Asafu bafise n’ivyuma bisama, bafata ibibanza vyabo ngo bahimbaze Uhoraho, nk’uko vyashinzwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli. 11 Baririmbira Uhoraho indirimbo zo gutazira no gushima bati:
"Ni mwiza;
urukundo akunda Abisirayeli rwamaho ibihe bidashira."
Maze abantu bose barasemerera cane bahimbaza Uhoraho, kuko itanguriro ry’Ingoro y’Uhoraho ryari rimaze kwubakwa. 12 Ariko benshi mu baherezi n’Abalewi n’abakuru b’imiryango bashaje, bari barabonye Ingoro ya mbere, bararira cane babonye itanguriro ry’iyo Ngoro yindi ririko rirubakwa, mu gihe abandi na bo bariko baravuza urwamo kubera umunezero. 13 Nta n’umwe yashobora gutandukanya akamo k’umunezero n’ijwi ry’abarira, kuko abantu basemerera cane rwose. Kandi urwamo rwarumvikana umuntu akiri kure.