1 Abansi b’Abayuda n’Ababenyamini bumvise ko abahora ari inyagano bariko barubaka Ingoro y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, 2 baraza bashikira Zerubabeli n’abakuru baserukira imiryango bababwira bati: "Reka tubafashe kwubaka kuko na twebwe dusenga Imana yanyu, kandi twamye tuyishikanira ibimazi kuva mu gihe ca Esaruhadoni umwami w’i Ashuri, ari we yatuzanye hano."
3 Ariko Zerubabeli, Yesuwa n’abandi bose bo mu bakuru b’imiryango y’Abisirayeli babishura bati: "Nta co dusangiye mu kwubaka Ingoro y’Imana yacu. Ni twebwe twenyene tuzoyubakira Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, nk’uko umwami Kuro, umwami w’i Buperesi, yadutegetse."
4 Nuko amahanga yari abakikije akura hasi ngo ace intege Abayuda abatera n’ubwoba ngo ntibashishikare kwubaka. 5 Barondera abakozi b’ubwo bwami babaha impera kugira ngo babagwanye. Ivyo vyatumye imigambi yabo idatera imbere mu gihe cose umwami Kuro w’i Buperesi yamaze ari ku ngoma gushika no ku ngoma y’umwami Dariyusi w’i Buperesi.
6 Igihe Ahasuwerusi yari akija ku ngoma, abansi b’Abayuda banditse ikete ryo kwagiriza Abayuda n’ab’i Yerusalemu.
7 Maze mu misi ya Ahasuwerusi umwami w’i Buperesi, Bishulamu, Mituredati, Tabeyeli n’abandi bari bafatanije bandikira Ahasuwerusi. Iryo kete ryari ryanditswe mu rurimi rw’Icarameya hanyuma bararisobanurira umwami.
8 Rehumu umukuru w’ingabo na Shimushayi umunyamabanga bandikira umwami Aritazeruzi ikete ryo kwagiriza ab’i Yerusalemu rivuga riti:
9 Rehumu umukuru w’ingabo na Shimushayi umunyamabanga, hamwe n’abandi dufatanije, abacamanza n’abakuru batwara abantu baturuka i Tiriporisi, i Buperesi, i Babiloni hamwe n’abantu bava i Ereki n’i Susa, ari bo Banyalamu. 10 Barongera kandi barungika n’indamukanyo z’abantu umwubahwa Ashurubanipali yatwaye akabashira mu gisagara c’i Samariya n’ahandi muri iyo ntara iri mu burengero bw’uruzi Efurate.
11 Iyi ni ikopi y’iryo kete banditse.
Ku mwami Aritazeruzi,
Bivuye ku basavyi bawe, abantu bo mu burengero bw’uruzi Efurate:
12 Umwami yomenya neza ko Abayuda baduze baza iwacu bavuye iwanyu bashikiye i Yerusalemu kandi bariko barubaka ca gisagara kigarariza kandi gikora ibibi. Bariko barasanura impome basubiramwo amatanguriro.
13 Vyongeye, umwami akwiye kumenya ko ico gisagara nicubakwa inzitiro zaco zigasanurwa, ata matagisi, ivyagerewe umwami canke ikori bizosubira gutangwa, kandi ubutunzi bw’umwami buzogira ingorane. 14 None rero kubera yuko twubaha ikirimba kandi akaba atari vyiza kureka umwami ngo akengerwe, twandikiye ubu butumwa umwami kugira ngo tubimumenyeshe, 15 hanyuma hakorwe amatohoza mu vyanditswe bivuga ivyabaye ku ngoma z’Abakwitangiye imbere. Muri ivyo vyanditswe uzosanga ico gisagara ari igisagara c’abagarariji, bakunda gutera umudugararo ku bami n’abatwara intara, abantu bamye bagarariza kuva kera. Ni co gituma ico gisagara cari carasambuwe. 16 Tumenyesheje umwami ko ico gisagara nicubakwa inzitiro zaho zigasanurwa, ata co uzoba ugisigaranye mu ntara yo mu burengero bw’uruzi Efurate.
17 Umwami yishura ati:
Kuri Rehumu umukuru w’ingabo, Shimushayi umunyamabanga n’abandi bose mufatanije baba i Samariya n’ahandi hose mu ntara yo hakurya y’uruzi Efurate:
Ndabaramukije.
18 Ikete mwaturungikiye ryarasomwe kandi ryahinduriwe mu rurimi imbere yanje. 19 Naratanze itegeko maze hakorwa amatohoza, dusanga ko ico gisagara gifise kahise ko kugarariza abami kandi ko camye kibamwo imigumuko. 20 I Yerusalemu harigeze kugira abami bakomeye batwaye intara yose yo mu buseruko bw’uruzi Efurate, amatagisi, amashikanwa yo kwisaba n’ayandi makori vyahabwa bo. 21 None rero nimutumeko abo bantu mubategeke guhagarika ico gikorwa, kugira ngo ico gisagara ntigisubire kwubakwa kugeza ntanze irindi tegeko. 22 Mwitonde kugira ngo ntimufate minenerwe ico kibazo. Ni igiki cotuma iyi ngorane ikura, ikageramira inyungu z’ubwami?
23 Iyo kopi y’ikete ry’umwami Aritazeruzi rigisomewe Rehumu na Shimushayi umunyamabanga n’abo bari bafatanije, baca bihuta kuja ku Bayuda bari i Yerusalemu babategeka guhagarika ku nguvu ivyo bariko barakora.
24 Nuko igikorwa co kwubaka Ingoro y’Imana i Yerusalemu kiba kirahagaze kugeza mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyusi w’i Buperesi ari ku ngoma.