1 Ezira agisenga yatura, arira yubamye imbere y’Ingoro y’Imana, abantu benshi b’Abisirayeli, abagabo, abagore n’abana, bakoranira aho ari. Na bo nyene bararira cane. 2 Nuko Shekaniya mwene Yehiyeli, umwe wo mu bakomoka kuri Elamu, abwira Ezira ati: "Ntitwabaye abizigirwa imbere y’Imana yacu mu kurongora abagore b’abanyamahangakazi dukuye mu mahanga adukikije. Ariko naho bimeze uko, haracariho ivyizigiro ku Bisirayeli. 3 Ubu rero, nimuze dusezeranire imbere y’Imana yacu, twemere kwirukana abo bagore bose n’abana babo, nk’uko wewe nyakwubahwa ubiduhanura n’abandi bose bahindira agashitsi imbere y’amabwirizwa y’Uhoraho Imana yacu. Kandi tubikore twisunze ivyagezwe. 4 Haguruka; iki kibazo kiri mu maboko yawe. Natwe turagushigikiye, komera kandi ubikore."
5 Nuko Ezira aca ava hasi arahiza abakuru mu baherezi n’Abalewi n’Abisirayeli bose ngo bakore ivyo vyavuzwe. Bose bararahira. 6 Maze Ezira aca ava imbere y’Ingoro y’Imana aja mu cumba ca Yehohanani mwene Eliyashibu. Ari ngaho, ntiyariye ikintu na kimwe kandi ntiyanyoye n’amazi, kuko yabandanije agandaye kubera ubuhemu abavuye mu kinyago bagize.
7 Nuko babimenyesha mu Buyuda hose n’i Yerusalemu ngo abagarutse bavuye mu kinyago bakoranire hamwe i Yerusalemu. 8 Umuntu wese atashoboye kuboneka mu misi itatu yaca anyagwa itongo ryiwe, nk’uko vyari vyashinzwe n’abatware hamwe n’abakuru b’imiryango, kandi na we nyene ubwiwe agaca akurwa mw’ikoraniro ry’abagarutse bavuye mu kinyago.
9 Mu misi itatu, abagabo bose b’i Buyuda n’i Bubenyamini bari bakoraniye i Yerusalemu, maze ku musi wa mirongo ibiri w’ukwezi kw’icenda, abantu bose bari bicaye mu kibuga c’Ingoro y’Imana, batetemera kubera iyo ngorane hamwe rero n’imvura nyinshi. 10 Nuko Ezira umuherezi arahaguruka arababwira ati: "Ntimwabaye abizigirwa; mwarongoye abagore b’abanyamahangakazi, mwongereza ku bibi Abisirayeli bari barakoze. 11 None rero nimwaturire Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza icaha canyu, kandi mukore ivyo agomba. Mwitandukanye n’abanyamahanga mubana n’abagore mwazanye b’abanyamahangakazi."
12 Ikoraniro ryose ririshura n’ijwi rirenga riti: "Uvuze ukuri! Turakora nk’uko uvuze. 13 Ariko hano hari abantu benshi kandi ni mu gihe c’imvura; kubera ivyo ntidushobora guhagarara hanze. Ikigeretse kuri ivyo, ibi ntibishobora gutunganywa ku musi umwe canke ibiri, kuko twakoze icaha gikomeye mu gukora ivyo. 14 Abatware bacu nibabikore mu gishingo c’ikoraniro ryose. Maze umuntu wese wo mu bisagara vyacu yarongoye umunyamahangakazi mu gihe kinaka cemejwe, azoze azananye n’abakuru n’abacamanza bo mu gisagara kimwe cose, kugira ngo uburake bw’inkazi bw’Imana yacu bwatewe n’iyi ngorane bushobore kutuvako." 15 Yonatani mwene Asaheli na Yahizeya mwene Tikuva ni bo bonyene bagwanije iyo ngingo, bashigikiwe na Meshulamu na Shabetayi Umulewi.
16 Nuko abatahutse bavuye mu kinyago bakora nk’uko bagiriwe inama. Ezira umuherezi atoranya abagabo bari abakuru b’imiryango, umw’umwe mu muce w’umuryango, kandi abagabo bose babavuga mu mazina. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’icumi baricara ngo bige ivyo bintu, 17 kandi kugeza ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere baraheza kwihweza ivyerekeye abagabo bose bari barongoye abagore b’abanyamahangakazi.
18 Mu bakomotse ku baherezi, aba bakurikira ni bo bari bararongoye abanyamahangakazi:
Mu bakomoka kuri Yesuwa mwene Yozadaki, n’abavukanyi biwe ni
Mayaseya, Eliyezeri, Yaribu na Gedaliya. 19 (Bose basezerana mu ndahiro kwirukana abagore babo, no gutanga impfizi y’intama ivuye mu mukuku ngo ibe ikimazi co kwisaba ku bw’icaha cabo.)
20 Mu bakomoka kuri Imeri ni
Hanani na Zebadiya.
21 Mu bakomoka kuri Harimu ni
Mayaseya, Eliya, Shemaya, Yehiyeli na Uziya.
22 Mu bakomoka kuri Pashuri ni
Eliyowenayi, Mayaseya, Ishimayeli, Netaneli, Yozabadi na Elasa.
23 Mu Balewi ni
Yozabadi, Shimeyi, Kelaya ari we Kelita, Petahiya, Yuda na Eliyezeri.
24 Mu baririmvyi ni
Eliyashibu.
Mu barinzi b’irembo ni
Shalumu, Telemu na Uri.
25 Mu bakomotse ku bandi Bisirayeli:
Mu bakomoka kuri Paroshi ni
Ramiya, Iziya, Malikiya, Miyamini, Eliyazeri, Malikiya na Benaya.
26 Mu bakomoka kuri Elamu ni
Mataniya, Zakariya, Yehiyeli, Abudi, Yeremoti na Eliya.
27 Mu bakomoka kuri Zatu ni
Eliyowenayi, Eliyashibu, Mataniya, Yeremoti, Zabadi na Aziza.
28 Mu bakomoka kuri Bebayi ni
Yehohanani, Hananiya, Zabayi na Atilayi.
29 Mu bakomoka kuri Bani ni
Meshulamu, Maluki, Adaya, Yashubi, Sheyali na Yeremoti.
30 Mu bakomoka kuri Pahati-Mowabu ni
Adina, Kelali, Benaya, Mayaseya, Mataniya, Bezaleli, Binuwi na Manase.
31 Mu bakomoka kuri Harimu ni
Eliyezeri, Ishiya, Malikiya, Shemaya, Shimeyoni, 32 Benyamini, Maluki na Shemariya.
33 Mu bakomoka kuri Hashumi ni
Matenayi, Matata, Zabadi, Elifeleti, Yeremayi, Manase na Shimeyi.
34 Mu bakomoka kuri Bani ni
Mayadayi, Amuramu, Uweli, 35 Benaya, Bedeya, Keluhi, 36 Vaniya, Meremoti, Eliyashibu, 37 Mataniya, Matenayi na Yayasu.
38 Mu bakomoka kuri Binuwi ni
Shimeyi, 39 Shelemiya, Natani, Adaya, 40 Makinadebayi, Shashayi, Sharayi, 41 Azareli, Shelemiya, Shemariya, 42 Shalumu, Amariya na Yosefu.
43 Mu bakomoka kuri Nebo ni
Yeyiyeli, Matitiya, Zabadi, Zebina, Yadayi, Yoweli na Benaya.
44 Abo bagabo bose bari bararongoye abanyamahangakazi kandi bamwe muri bo bari bafitaniye abana n’abo bagore.