1 Aya ni amajambo ya Nehemiya mwene Hakaliya:
Mu kwezi kwa Kisilevu mu mwaka ugira mirongo ibiri, umwami Aritazeruzi ari ku ngoma, nari ku mugwa i Suza. 2 Hanani, umwe mu bo tuvukana, aza avuye i Buyuda ari kumwe n’abandi bagabo bamwe, maze ndababaza amakuru y’amasigarira y’Abayuda batashe bavuye mu kinyago, n’ivyerekeye Yerusalemu.
3 Barambwira bati: "Abarokotse mu bari barajanywe ari inyagano, bakaba baragarutse mu ntara y’iwabo i Buyuda, bari mu mibabaro myinshi no mu biteterwe. Uruzitiro rw’i Yerusalemu rwarasenyutse, kandi n’amarembo yaho yatongojwe umuriro."
4 Maze kwumva ivyo, nicara hasi ndarira. Mara imisi ngandaye nisonzesheje kandi nsenga Imana yo mw’ijuru. 5 Maze ndavuga nti:
"Yewe Uhoraho, Mana yo mw’ijuru, Mana nkuru kandi uhambaye, uzigama isezerano ryawe ry’urukundo wagiranye n’abagukunda kandi bubaha amabwirizwa yawe, 6 ndakwinginze untege ugutwi kandi inyonga zawe ntizive kuri jewe, wumve ugusenga kw’umusavyi wawe ndiko ndasengera imbere yawe ku murango no mw’ijoro nsengera abasavyi bawe ari bo Bisirayeli. Ndatuye ivyaha twebwe Abisirayeli, na jewe ndimwo n’umuryango wa data, twakoze tugucumurako. 7 Twakoze ibibi vyinshi mu nyonga zawe. Ntitwitondeye ivyo wategetse, amabwirizwa n’ivyagezwe vyawe ivyo wahaye umusavyi wawe Mose.
8 Wibuke ivyo wabwiye umusavyi wawe Mose, uvuga uti: ‘Nimutaba abizigirwa, nzobasanzariza mu yandi mahanga, 9 ariko nimwangarukako maze mukumvira ivyo nategetse, nanje naho abantu banyu bazoba barasanzaye bagashika ku mpera y’isi, nzobegeranya ndabakureyo ndabagarukane mu kibanza natoranije ngo Izina ryanje abe ari ho riba.’
10 Ni abasavyi bawe kandi ni ubwoko bwawe, abo wacunguye ukoresheje ubushobozi bwawe n’ukuboko kwawe gukomeye. 11 Yewe Uhoraho, niwumve ugusenga kw’umusavyi wawe n’ugusenga kw’abasavyi bawe bahimbarwa no kwubaha izina ryawe. Uhe umusavyi wawe kuroranirwa uwu musi ngo aze kugira ikiganza ciza imbere y’uwu muntu."
Nari njejwe guhereza ibinyobwa umwami.