1 Maze abarongoye abantu baja kuba i Yerusalemu. Ku bandi bantu habanza kugirwa ubupfindo, ngo bamenye umuryango umwe ku miryango icumi uja kuba i Yerusalemu, igisagara cera. Iyo miryango icenda isigaye bategerezwa kuguma mu bisagara vyabo. 2 Abantu bahezagira cane abemeye ku gushaka kwabo kuja kuba i Yerusalemu.
3 Aba ni bo batware bari barongoye intara bimukiye i Yerusalemu. Muri ico gihe Abisirayeli benshi, abaherezi, Abalewi, abakozi bo mu Ngoro n’abakomoka ku bakozi ba Salomo baba mu bisagara bitandukanye vy’i Buyuda, umwe wese mw’itongo ryiwe, 4 ariko abantu bamwe bo mu Bayuda no mu Babenyamini bashima kuba i Yerusalemu:
Abakomoka kuri Yuda ni:
Ataya mwene Uziya, Uziya mwene Zakariya, Zakariya mwene Amariya, Amariya mwene Shefatiya, Shefatiya mwene Mahalaleli, Mahalaleli wo mu ruvyaro rwa Perezi,
5 hamwe na Mayaseya mwene Baruki, Baruki mwene Koli-Hoze, Koli-Hoze mwene Hazaya, Hazaya mwene Adaya, Adaya mwene Yoyaribu, Yoyaribu mwene Zakariya, Zakariya akomoka kuri Shela.
6 Abakomoka kuri Perezi baba i Yerusalemu bashika amajana ane na mirongo itandatu n’umunani, abagabo b’intwari babushitse.
7 Mu bakomoka kuri Benyamini ni:
Salu mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Yowedi, Yowedi mwene Pedaya, Pedaya mwene Kolaya, Kolaya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Itiyeli, Itiyeli mwene Yeshaya, 8 n’abamukurikira, Gabayi na Salayi. Bose hamwe ni abagabo amajana icenda na mirongo ibiri n’umunani.
9 Yoweli mwene Zikuri yari umukuru w’ingabo mukuru wabo, na Yuda mwene Hasenuwa yatwara akarere ka kabiri k’igisagara.
10 Mu bakomoka ku baherezi ni:
Yedaya mwene Yoyaribu, Yakini,
11 Seraya mwene Hilukiya, Hilukiya mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Sadoki, Sadoki mwene Merayoti, Merayoti mwene Ahitubu, Ahitubu uwari ajejwe ivyo mu Ngoro y’Imana, 12 n’abo bari bafatanije, bashishikara igikorwa co mu Ngoro, bari abagabo amajana umunani na mirongo ibiri na babiri.
Adaya mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Pelaliya, Pelaliya mwene Amuzi, Amuzi mwene Zakariya, Zakariya mwene Pashuri, Pashuri mwene Malikiya, 13 n’abo bari bafatanije, bari abakuru b’imiryango, bari abagabo amajana abiri na mirongo ine na babiri.
Amashisayi mwene Azareli, Azareli mwene Ahizayi, Ahizayi mwene Meshilemoti, Meshilemoti mwene Imeri, 14 n’abo bari bafatanije, bari abagabo b’intwari, ijana na mirongo ibiri n’umunani.
Umukuru w’ingabo yari Zabudiyeli mwene Hagedolimu.
15 Abakomoka ku Balewi ni:
Shemaya mwene Hashubi, Hashubi mwene Azirikamu, Azirikamu mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Buni,
16 Shabetayi na Yozabadi, babiri bo mu bakuru b’Abalewi, bari bajejwe ibikorwa vyo hanze y’Ingoro y’Imana;
17 Mataniya mwene Mika, Mika mwene Zabudi, Zabudi mwene Asafu, Asafu umurongozi yarongora ibikorwa vyo gushimira Imana no gusenga;
Bakibukiya, uwa kabiri mu bari bafatanije na we,
na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa mwene Galali, Galali mwene Yedutuni.
18 Abalewi bo mu gisagara cera bashika amajana abiri na mirongo umunani na bane.
19 Abarinzi b’irembo ni:
Akubu, Talumoni n’abo bari bafatanije, baguma barinze amarembo, bari abagabo ijana na mirongo indwi na babiri.
20 Abandi Bisirayeli basigaye, hamwe n’abaherezi n’Abalewi, baba mu bisagara vyose vy’i Buyuda, umwe wese mw’itongo rya ba sekuruza.
21 Abakozi bo mu Ngoro baba ku musozi wa Ofeli, kandi Ziha na Gishupa ni bo bari babarongoye.
22 Umukuru w’Abalewi i Yerusalemu yari Uzi mwene Bani, Bani mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Mataniya, Mataniya mwene Mika. Uzi yari umwe mu bakomotse kuri Asafu, bari abaririmvyi bajejwe igikorwa co mu Ngoro y’Imana. 23 Abaririmvyi bategekwa n’umwami, ni we yagena ivyo bakora ku musi ku musi.
24 Petahiya mwene Meshezabeli, umwe mu bakomotse kuri Zera mwene Yuda, yari umukozi w’umwami mu bikorwa vyose vyerekeye kurongora abantu.
25 Ku bijanye n’ibigwati n’imirima yavyo, bamwe mu bantu b’i Buyuda baba i Kiriyati-Araba no mu bigwati bihakikije, i Diboni no mu bigwati vyaho, i Yekabuzeyeli no mu bigwati vyaho, 26 i Yesuwa, i Molada, i Beti-Peleti, 27 i Hazari-Shuwali, i Berisheba no mu bigwati vyaho, 28 i Zikulagi, i Mekona no mu bigwati vyaho, 29 i Eni-Rimoni, i Zora, i Yarimuti, 30 i Zanowa, muri Adulamu no mu bigwati vyaho, i Lakishi no mu mirima yaho, n’i Azeka no mu bigwati vyaho. Nuko baba ngaho uhereye i Berisheba gushika mu kiyaya ca Hinomu.
31 Abakomoka ku Babenyamini kuva i Geba baba i Mikimashi, Ayiya, Beteli n’ibigwati vyaho, 32 i Anatoti, Nobu n’i Ananiya, 33 i Hazori, i Rama n’i Gitayimu, 34 i Hadidi, i Zeboyimu n’i Nebalati, 35 i Lodi n’i Ono, no mu kiyaya c’abanyamyuga.
36 Imwe mu mice y’Abalewi b’i Buyuda baba i Bubenyamini.