1 Aba ni bo bari abaherezi n’Abalewi bagarutse bari kumwe na Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli ari kumwe na Yesuwa:
Seraya, Yeremiya, Ezira,
2 Amariya, Maluki, Hatushi,
3 Shekaniya, Rehumu, Meremoti,
4 Ido, Ginetoni, Abiya,
5 Miyamini, Mowadiya, Biluga,
6 Shemaya, Yoyaribu, Yedaya,
7 Salu, Amoki, Hilikiya na Yedaya.
Abo ni bo bari abarongozi b’abaherezi n’abo bari bafatanije mu misi ya Yesuwa.
8 Abalewi bari Yesuwa, Binuwi, Kadimiyeli, Sherebiya, Yuda na Mataniya, uwari ajejwe indirimbo z’ishimwe, hamwe n’abo bari bafatanije. 9 Bakibukiya na Uni, abo bari bafatanije, bahagarara barabana na bo mu gihe c’ibikorwa.
10 Yesuwa yari se wa Yoyakimu,
Yoyakimu se wa Eliyashibu,
Eliyashibu se wa Yoyada,
11 Yoyada se wa Yonatani,
Yonatani na we akaba se wa Yaduwa.
12 Mu misi ya Yoyakimu, aba ni bo bari abakuru b’imiryango y’abaherezi:
Mu muryango wa Seraya ni Meraya.
Mu muryango wa Yeremiya ni Hananiya.
13 Mu muryango wa Ezira ni Meshulamu.
Mu muryango wa Amariya ni Yehohanani.
14 Mu muryango wa Maluki ni Yonatani.
Mu muryango wa Shebaniya ni Yosefu.
15 Mu muryango wa Harimu ni Adina.
Mu muryango wa Meremoti ni Helukayi.
16 Mu muryango wa Ido ni Zakariya.
Mu muryango wa Ginetoni ni Meshulamu.
17 Mu muryango wa Abiya ni Zikuri.
Mu muryango wa Miniyamini no mu muryango wa Mowadiya ni Pilutayi.
18 Mu muryango wa Biluga ni Shamuwa.
Mu muryango wa Shemaya ni Yehonatani.
19 Mu muryango wa Yoyaribu ni Matenayi.
Mu muryango wa Yedaya ni Uzi.
20 Mu muryango wa Salu ni Kalayi.
Mu muryango wa Amoki ni Eberi.
21 Mu muryango wa Hilikiya ni Hashabiya.
Mu muryango wa Yedaya ni Netaneli.
22 Abakuru b’imiryango y’Abalewi mu misi ya Eliyashibu, Yoyada, Yohanani na Yaduwa, hamwe n’abo mu baherezi, bari banditswe mu bitabu ku ngoma ya Dariyusi Umuperesi. 23 Abakuru b’imiryango mu bakomoka kuri Lewi kugeza mu gihe ca Yohanani mwene Eliyashibu bari banditswe mu gitabu c’ibigenda biraba. 24 Kandi abarongozi bo mu Balewi bari Hashabiya, Sherebiya, Yesuwa mwene Kadimiyeli, n’abo bari bafatanije, bahagarara barabana na bo ngo bahimbaze batange n’ishimwe, umugwi ukagomborwa n’uwundi, nk’uko vyashinzwe na Dawidi umuntu w’Imana.
25 Mataniya, Bakibukiya, Obadiya, Meshulamu; Talumoni na Akubu bari abarinzi b’amarembo bazigama ivyumba vy’ububiko ku marembo. 26 Bakora mu misi ya Yoyakimu mwene Yesuwa, Yesuwa mwene Yozadaki, no musi ya Nehemiya umukuru w’intara no mu gihe ca Ezira umuherezi n’umwigisha w’Ivyanditswe.
27 Mu gihe co gushikiriza Imana uruzitiro rw’i Yerusalemu, baja kurondera Abalewi aho baba barabazana i Yerusalemu ngo bahimbaze mu munezero ukwo gushikiriza Imana uruzitiro bakoresheje indirimbo z’ishimwe bongera bavuza ivyuma bisama, inanga n’amakembe. 28 Abaririmvyi na bo nyene babegeraniriza hamwe bavuye mu turere dukikuje Yerusalemu, bava mu bigwati vy’Abanetofati, 29 bava i Beti-Gilugali, no mu karere k’i Geba n’i Azimaveti, kuko abaririmvyi bari barubatse ibigwati vyabo ahakikuje Yerusalemu. 30 Abaherezi n’Abalewi babanje kwihumanura, hanyuma bahumanura abantu, amarembo n’uruzitiro.
31 Maze ndugana abarongozi b’i Buyuda baja ku ruzitiro hejuru. Nongera kandi nkoranya imigwi ibiri y’abaririmvyi bo gushimira Imana. Umugwi wa mbere ugendagenda ku ruzitiro hejuru utumbereye i buryo, ushika kw’Irembo ry’Umwavu. 32 Hoshaya n’igice c’abarongozi b’i Buyuda barabakurikira, 33 bari kumwe na Azariya, Ezira, Meshulamu, 34 Yuda, Benyamini, Shemaya, Yeremiya, 35 hamwe n’abaherezi bamwe bafise inzamba, kandi na Zakariya mwene Yonatani, Yonatani mwene Shemaya, Shemaya mwene Mataniya, Mataniya mwene Mikaya, Mikaya mwene Zakuri, Zakuri mwene Asafu, 36 n’abo nyene bari bafatanije, Shemaya, Azareli, Milalayi, Gilalayi, Mayayi, Netaneli, Yuda na Hanani, bafise ibicurarangisho vyategetswe na Dawidi umuntu w’Imana. Ezira umwigisha w’Ivyanditswe ni we yari abarongoye. 37 Maze bageze kw’Irembo ry’Iriba, babandanya baduga ingazi zija mu Gisagara ca Dawidi ku kadugo kaja ku ruzitiro, hanyuma baca hejuru y’ingoro ya Dawidi berekeye kw’Irembo ry’Amazi, ahaherereye mu buseruko.
38 Umugwi wa kabiri ugendagenda ku ruzitiro, ugenda werekeye i bubamfu kandi utazira Imana. Ndabakurikira ku ruzitiro, turi kumwe n’igice c’abantu, duca hejuru y’umunara w’amatanure twerekeye ku ruzitiro rwagutse, 39 hanyuma turengana Irembo rya Efurayimu, Irembo rya Yeshana, Irembo ry’Amafi, umunara wa Hananeli n’Umunara w’Amajana, gushika kw’Irembo ry’Intama. Bashitse kw’Irembo ry’Umurinzi barahagarara.
40 Ya migwi y’abaririmvyi yaririmba amashimwe iraheza ifata ibibanza vyayo mu Ngoro y’Imana; na jewe nyene mfata ikibanza ndi kumwe n’igice c’abanyacubahiro, 41 hamwe n’abaherezi, Eliyakimu, Mayaseya, Miniyamini, Mikaya, Eliyowenayi, Zakariya na Hananiya bafise inzamba zabo, 42 hamwe na Mayaseya, Shemaya, Eliyazeri, Uzi, Yehohanani, Malikiya, Elamu na Ezeri. Ya migwi iririmba indirimbo barongowe na Yezirahiya. 43 Maze kuri uwo musi batanga ibimazi bihambaye, banezerewe kuko Imana yari yabahaye umunezero mwinshi. Abagore n’abana na bo nyene baranezerwa, kandi umunezero wa Yerusalemu wumvikana gushika kure cane.
44 Muri ico gihe abagabo bari batoranijwe ngo bazezwe ivyumba vy’ububiko burimwo ivyeze imbere y’ibindi, ibigiracumi n’intererano. Bazana mu bubiko imigabane yategetswe mu Vyagezwe babikuye mu mirima ikikije ibisagara babizanira abaherezi n’Abalewi, kuko Abayuda bari bahimbawe n’uko ahaherezi n’Abalewi bari ku gikorwa cabo. 45 Bakora igikorwa c’Imana yabo n’igikorwa co guhumanura, nk’uko n’abaririmvyi n’abarinzi b’irembo na bo nyene bakoze, kandi nk’uko Dawidi n’umuhungu wiwe Salomo bari barategetse. 46 Mu bihe vya kera, mu bihe vya Dawidi na Asafu, hari abakuru b’abaririmvyi n’ab’indirimbo zo guhimbaza n’iz’ishimwe ku Mana. 47 Nuko mu misi ya Zerubabeli na Nehemiya, Abisirayeli bose baraterera ku musi ku musi imigabane y’abaririmvyi n’abarinzi b’irembo. Abalewi barategura kandi imigabane y’abakomoka kuri Aroni.