1 Sanibalati, Tobiya, Geshemu Umwarabu n’abandi bansi bacu bumvise ko nasanuye uruzitiro kandi ko ata hantu na hamwe hagisambutse, naho mu vy’ukuri ico gihe ntari bwatereko inzugi ku marembo, 2 Sanibalati na Geshemu barungika ubutumwa buvuga ngo: "Nuze, duhurire muri kimwe mu bigwati vyo mu kiyaya c’i Ono."
Ariko bariko barategura kungirira nabi; 3 nuko ndungika intumwa ndabatumako nti: "Ndiko ndakora igikorwa gihambaye sinshobora kukireka ngo manuke hiyo. Ni iki cotuma mpagarika igikorwa ngo nze tubonane?" 4 Barungika ubwo butumwa incuro zine zose, kandi igihe cose nabishura nk’uko nyene.
5 Maze ku ncuro ya gatanu, Sanibalati arungika umukozi wiwe aza anzaniye ubwo butumwa, kandi yari afise mu ntoke ikete ritariko ikidodo 6 ryari ryanditsemwo ngo:
"Biravugwa mu mahanga, kandi Geshemu avuga ko ari ukuri, ko wewe n’Abayuda muriko muraja inama yo kugarariza, ni co gituma muriko murubaka uruzitiro. Vyongeye, nk’uko izo nkuru zivuga, ngo ugomba kuba umwami wabo 7 kandi ngo waramaze no gushiraho abavugishwa kugira ngo bamamaze ivyo bintu i Yerusalemu bavuga bati: ‘Hariho umwami i Buyuda!’ Ubu rero iyi nkuru izohava ishikira umwami; ni na yo mpamvu ukwiye kuza ngo duhure tubivugane."
8 Ndamurungikira inyishu nti: "Nta kintu kimeze nk’ico kiriko kirakorwa; iryo ni irementanya ukuye mu mutwe wawe."
9 Bariko baragerageza kudutera ubwoba, bibaza bati: "Amaboko yabo azocika intege igikorwa kibananire, maze ntibagiheraheze."
Ariko ndasenga mvuga nti: "Nkomereza amaboko."
10 Umusi umwe nja ku nzu ya Shemaya mwene Delaya, Delaya mwene Mehetabeli, yari yiyugaranye iwe. Maze ambwira ati: "Nuze duhurire mu Ngoro y’Imana, imbere mu rusengero, hanyuma twugare inzugi z’urusengero, kuko hariho abantu bagomba kuza kukwica. Bahenga mw’ijoro bace baza kukwica."
11 Ariko ndamwishura nti: "Umugabo nkanje yohunga? Canke umuntu nkanje yoja mu Ngoro ngo akize amagara yiwe? Singenda!" 12 Nca menya neza ko atari Imana yamutumye, ariko ko yavugishirijwe kungwanya kuko Tobiya na Sanibalati bari bamuhereye. 13 Yari yahawe impera ngo antere ubwoba ngo nkore icaha mu gukora ivyo, na bo bace baronka ivyo bishimikiza mu kunsuzugura.
14 Wibuke Tobiya na Sanibalati, yewe Mana yanje, ku bw’ivyo bakoze; wibuke na wa muvugishwakazi Nowadiya n’abandi bavugishwa bagerageje kuntera ubwoba.
15 Nuko uruzitiro rurangira kwubakwa ku musi ugira mirongo ibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli, tumaze imisi mirongo itanu n’ibiri turwubaka. 16 Abansi bacu bose bavyumvise, amahanga yari adukikije agira ubwoba bacika intege, kuko bamenye ko twakoze ico gikorwa dufashijwe n’Imana yacu.
17 Kandi, muri iyo misi abanyacubahiro b’i Buyuda barungikira Tobiya amakete menshi, na Tobiya akabishura. 18 Kuko benshi mu bantu b’i Buyuda bari bafitaniye amasezerano na we kuko yari umukwe wa Shekaniya mwene Ara, umuhungu wiwe na we Yehohanani akaba yari yararongoye umukobwa wa Meshulamu mwene Berekiya. 19 Mbere baza barandatira ibikorwa vyiwe vyiza, bagaca baja kumubwira ivyo navuze vyose. Maze Tobiya agaca arungika amakete yo kuntera ubwoba.