Publicidade

Neemias 4

Bagwanya igikorwa co gusanura

1 Sanibalati yumvise ko turiko turubaka uruzitiro, arashavura cane, uburake buramusaza. Aca acokora Abayuda, 2 maze ari imbere y’abari bamushigikiye hamwe n’ingabo z’i Samariya, avuga ati: "Abo Bayuda b’abanyantegenke bariko barakora ibiki? Bazoshobora gusanura uruzitiro rwabo? Bazotanga ibimazi? Bibaza ko boruheza ku musi umwe? Boshobora kugarukana arya mabuye bayakuye mu misaka yahiye, n’ukuntu yahiye?"

3 Tobiya Umwamoni yari i ruhande yiwe na we avuga ati: "Ivyo bariko barubakisha amabuye, n’imbwebwe yovyurirako, vyosenyukira hasi vyose!"

4 Maze nca ndasenga nti: "Dutege amatwi, yewe Mana yacu, kubw’aka gakengerwe. Uhindukize ivyo bitutsi vyabo bibe ari bo bisubira ku mitwe. Ivyabo binyagwe bari mu kinyago. 5 Ntutwikire ibigabitanyo vyabo canke ngo ukure imbere yawe ivyaha vyabo, kuko batutse abubatsi bari ku gikorwa."

6 Nuko turubaka uruzitiro gushika rugeze hagati, kuko abantu bakora n’umutima wabo wose.

7 Ariko Sanibalati, Tobiya n’Abarabu, Abamoni n’abantu b’i Ashidodi bumvise ko ugusanura uruzitiro rw’i Yerusalemu kubandanya kandi ko ibihengeri bimaze kuzibirwa, barashavura cane. 8 Baca baja inama ngo baze kugwanya ab’i Yerusalemu kugira ngo batuburagize. 9 Ariko dusenga Imana yacu dushiraho n’abarinzi ku murango no mw’ijoro ngo twikingire.

10 Muri ico gihe, abantu b’i Buyuda bari bavuze bati: "Abubatsi bagenda bacika intege, kandi isakamburira ni ryinshi cane ku buryo tudashobora gusanura uruzitiro."

11 Maze abansi bacu baravuga bati: "Tuzogenda tububire batabizi, tubice, igikorwa gihagarare."

12 Ariko Abayuda babana na bo baca baza kutuburira, batubwiye incuro icumi zose bati: "Aho mutumbera hose, mumenye ko bazoza kudutera."

13 Nuko nca nshira abantu ahantu hose h’urutiziro hameze nk’ahacokeye, baja ahantu habona, ndabatora nisunze imiryango yabo, bitwaje inkota zabo, amacumu n’imiheto. 14 Mu nyuma ndaraba, ndahaguruka mbwira abakuru, abatware n’abandi bantu nti: "Ntimubatinye. Mwibuke ko Imana ikomeye kandi ihambaye, maze mugwanire benewanyu, abahungu n’abakobwa banyu, abagore banyu n’amazu yanyu."

15 Abansi bacu bumvise ko twamenye inama zabo kandi ko Imana yazisambuye, duca dusubira ku ruzitiro, umwe wese ku gikorwa ciwe.

16 Kuva uwo musi, igice c’abantu banje carubaka, ikindi gice kikaba gifise amacumu, inkinzo, imiheto n’ibigwanisho. Abakuru b’ingabo na bo bagatonda inyuma y’abantu bose b’i Buyuda 17 bariko barubaka uruzitiro. Abatwara ivyo kwubakisha bakora igikorwa cabo n’ukuboko kumwe ukundi gufise ikigwanisho, 18 kandi umuntu wese mu bubaka yaba yambaye inkota yiwe mu mbavu agashishikara akora. Ariko uwavuza inzamba yagumana nanje.

19 Nuko mbwira abanyacubahiro, abakuru n’abandi bantu nti: "Igikorwa ni kinini kandi kiragutse, kandi turasanzaye ku ruzitiro. 20 Aho muza kwumvira inzamba ivuze muce mudusanga aho nyene. Imana yacu iratugwanirira!"

21 Nuko tubandanya igikorwa igice kimwe gifise amacumu, kuva mu gitondo hatarabona neza gushika inyenyeri ziserutse. 22 Muri ico gihe nongera mbwira abantu nti: "Umuntu wese narare i Yerusalemu ari kumwe n’umukozi wiwe, kugira ngo mw’ijoro bararire maze ku murango naho bakore." 23 Yaba jewe canke abo tuvukana, abantu banje canke abarinzi bari kumwe nanje, nta n’umwe yigeze akura impuzu; umwe wese yari afise ikigwanisho ciwe, no mu kuja kuvoma amazi.

Veja também

Publicidade
Neemias
Ver todos os capítulos de Neemias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-