1 Eliyashibu umuherezi mukuru na bagenziwe b’abaherezi bava hasi barakora, bubaka Irembo ry’Intama. Barishikiriza Imana bashirako n’inzugi, barubaka bashika ku Munara wa Meya, bahashikanira Imana, no gushika ku Munara wa Hananeli. 2 Abantu b’i Yeriko bubaka igice co hagati, Zakuri na we mwene Imuri yubaka i ruhande yabo.
3 Irembo ry’Amafi ryubakwa na bene Hasenaya. Bashiraho imyamba basakarirako baca batera inzugi bashiraho n’ibihindizo vyo kugumya urugi iyo rwugaye. 4 Meremoti mwene Uriya, mwene Hakozi, asanura igice gikurikira. Akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, mwene Meshezabeli, arasanura, akurikirwa na Zadoki mwene Bayana na we nyene arasanura. 5 Igice gikurikira gisanurwa n’abantu b’i Tekowa, ariko abubahwa babo ntibagira ico bakora ngo bumvire umukuru wabo.
6 Irembo Rishaje, ari ryo rya Yeshana, risanurwa na Yohiyada mwene Paseya hamwe na Meshulamu mwene Besodeya. Bashiraho ibishimaryango, baterako inzugi, bashiraho n’ibihindizo vyo kugumya urugi iyo rwugaye. 7 Bakurikirwa n’abantu b’i Gibeyoni n’i Misipa, Melatiya w’i Gibeyoni na Yadoni w’i Meronoti, batwarwa n’umukuru atwara intara zo mu burengero bw’uruzi Efurate. 8 Uziyeli mwene Harihaya, umwe mu bacuzi b’inzahabu, asanura igice gikurikira; na Hananiya, umwe mu bahinga bahingura ibimota neza, asanura ahakurikira aho. Basanura Yerusalemu gushika ku ruzitiro rwagutse. 9 Refaya mwene Huri, yaganza igice kimwe c’i Yerusalemu, asanura igice gikurikira. 10 I ruhande yabo, Yedaya mwene Harumafi asanura ahatumberanye n’inzu yiwe, Hatushi mwene Hashabuneya na we asanura igice gikurikira. 11 Malikiya mwene Harimu na Hashubi mwene Pahati-Mowabu asanura ikindi gice n’umunara w’amatanure. 12 Shalumu mwene Haloheshi, uwaganza igice kimwe c’i Yerusalemu, asanura igice gikurikira afashijwe n’abakobwa biwe.
13 Irembo ryo mu Kiyaya ryasanuwe na Hanuni n’ababa i Zanowa. Bararyubaka bashirako n’inzugi zaho, bashiraho n’ibihindizo vyo kugumya urugi iyo rwugaye. Barongera basanura uruzitiro ahantu hangana n’ingero z’igice c’ukuboko igihumbi gushika kw’Irembo ry’Umwavu.
14 Irembo ry’Umwavu risanurwa na Malikiya mwene Rekabu, uwaganza intara y’i Beti-Hakeremu. Araryubaka ashirako n’inzugi zaho, ashiraho n’ibihindizo vyo kugumya urugi iyo rwugaye.
15 Irembo ry’Iriba ryasanuwe na Shaluni mwene Koli-Hoze, uwaganza intara ya Misipa. Araryubaka, ararisakara ashirako n’inzugi, ashiraho n’ibihindizo vyo kugumya urugi iyo rwugaye. Yongera asanura uruzitiro rwo ku kidengeri c’i Silowamu, i ruhande y’umurima w’umwami, gushika ku ngazi zimanuka ziva mu Gisagara ca Dawidi. 16 Hakurikira Nehemiya mwene Azibuki, uwaganza igice c’intara ya Beti-Zuri, arasanura ageza aharabana no ku mva ya Dawidi, gushika ku kidengeri kibika amazi kiri hafi y’inzu y’abahizi.
17 Abalewi barongowe na Rehumu mwene Bani barakurikira barasanura. Bakurikirwa na Hashabiya, uwaganza igice c’intara ya Keyila, arasanura ku bw’akarere abamwo. 18 Hakurikira n’abandi benewabo b’Abalewi bari barongowe na Binuwi mwene Henadadi, uwaganza ikindi gice c’ako karere k’i Keyila, barahasanura. 19 Hakurikira Ezeri mwene Yesuwa, uwaganza i Misipa, asanura igice gikurikira, uhereye aharabana n’ingazi yo ku bubiko bw’ibigwanisho kugeza aho uruzitiro rukatira. 20 Hakurikira Baruki mwene Zakayi akorana umwete mu gusanura ikindi gice, kuva aho uruzitiro rukatira gushika ku rwinjiriro rw’inzu ya Eliyashibu umuherezi mukuru. 21 Hakurikira Meremoti mwene Uriya, mwene Hakozi, asanura ikindi gice, kuva ku rwinjiriro rw’inzu ya Eliyashibu gushika aho ruherera.
22 Abakurikiye mu gusanura bari abaherezi bo mu karere kahakikuje. 23 Bakurikirwa na Benyamini na Hashubi, basanura imbere y’inzu yabo; baca bakurikirwa na Azariya mwene Mayaseya, mwene Ananiya, asanura i ruhande y’inzu yiwe. 24 Akurikirwa na Binuwi mwene Henadadi, asanura ikindi gice, uhereye ku nzu kwa Azariya gushika aho uruzitiro rukatira no mu mfuruka, 25 maze Palali mwene Uziya akora aharabana n’aho uruzitiro rukatira n’umunara urabana n’ikirimba co haruguru hafi y’urugo rw’umurinzi. Hakurikira Pedaya mwene Paroshi 26 n’abakozi bo mu Ngoro baba ku musozi wa Ofeli, basanura kugeza aharabana n’Irembo ry’Amazi werekeje mu buseruko n’umunara ku ruhome. 27 Abantu b’i Tekowa barakurikira, basanura ikindi gice, kuva ku munara w’abararira urusengero gushika ku ruzitiro rwa Ofeli.
28 Hejuru y’Irembo ry’Amafarasi, abaherezi barahasanura, umwe wese asanura imbere y’inzu yiwe. 29 Bakurikirwa na Zadoki mwene Imeri, asanura aharabana n’inzu yiwe, Akurikirwa na Shemaya mwene Shekaniya, umurinzi wo kw’Irembo ryo mu Buseruko, arahasanura. 30 Hananiya mwene Shelemiya, na Hanuni, umuhungu wa gatandatu wa Zalafu barakurikira, basanura ikindi gice. Hakurikira Meshulamu mwene Berekiya asanura imbere y’icumba ciwe. 31 Malikiya, umwe mu bacuzi b’inzahabu arakurikira, asanura gushika ku nzu y’abakozi bo mu Ngoro n’abadandaza, aharabana n’Irembo ry’Ubugenduzi, no gushika ku cumba kiri hejuru y’aho uruzitiro rukatira. 32 Hagati y’icumba kiri hejuru y’aho uruzitiro rugarukira n’Irembo ry’Intama ni ho abacuzi b’inzahabu n’abadandaza basanuye.